Imibabaro yoba izoteba igahera?
Woba wokwishura ngo . . .
-
egome?
-
oya?
-
kumbure?
IVYO BIBILIYA IVUGA
“Imana . . . izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”
ICO VYOKUMARIRA
Urahera amazinda ko Imana atari yo iduteza ingorane.
Urahumurizwa no kumenya ko Imana itwumvira impuhwe igihe dushikiwe n’imibabaro.
Urizigira ko imibabaro yose igiye guhera.
TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?
Egome, kubera n’imiburiburi imvo zibiri:
-
Imana iranka imibabaro n’akarenganyo. Rimbura ukuntu Yehova Imana yumvise amerewe igihe abasavyi biwe bo mu bihe vya kera bafatwa bunyamaswa. Bibiliya ivuga ko yatuntura kubera “ababaturubika.”
—Abacamanza 2:18, NW. Imana iranka urunuka abantu bagirira nabi abandi. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko “amaboko asesa amaraso y’intungane” ayishisha.
—Imigani 6:16, 17. -
Imana iratubabara umwe wese ku giti ciwe. Umuntu si we wenyene azi “icago ciwe n’ububabare bwiwe” mugabo na Yehova arabizi.
—2 Ngoma 6:29, 30. Yehova abicishije ku Bwami bwiwe, agiye gukuraho imibabaro ishikira umuntu umwumwe wese. (Matayo 6:9, 10) Mu kurindira, arahoza abigiranye ikibabarwe abamurondera ata buryarya.
—Ivyakozwe 17:27; 2 Abakorinto 1:3, 4.
ZIRIKANA KURI IBI BINTU
Kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
Bibiliya irishura ico kibazo mu BAROMA 5:12 no muri 2 PETERO 3:9.