Ja ku birimwo

Umwuzure muri Karditsa mu Bugiriki

KU WA 23 GITUGUTU 2023
Greece

Ibihuhusi bikomeye vyateje imyuzure mu bice vyo hagati mu Bugiriki

Ibihuhusi bikomeye vyateje imyuzure mu bice vyo hagati mu Bugiriki

Muri Nyakanga 2023, harateye ibihuhusi bibiri bikomeye vyarimwo imvura nyinshi mu bice vyo hagati mu Bugiriki. Igihuhusi ca mbere cataziriwe Daniel carononye ibintu vyinshi muri ako karere kuva itariki 4 gushika itariki 7 Nyakanga 2023.

Inyuma y’indwi zitatu, ikindi gihuhusi gikomeye cataziriwe Elias carateye uwundi mwuzure muri ako karere kuva itariki 26 gushika itariki 28 Nyakanga 2023. Mu gisagara kimwe, haraguye imvura nyinshi cane mu kiringo kiri munsi y’amasaha ane. Raporo zerekana ko ibintu vyinshi muri ako karere vyononekaye harimwo ibidandazwa, amazu hamwe n’amabarabara. Abantu barenga 4.500 barateshejwe izabo, abandi 17 na bo barapfuye.

Ingaruka vyagize ku bavukanyi na bashiki bacu

  • Nta muvukanyi canke mushiki wacu yapfuye

  • Mushiki wacu umwe ageze mu zabukuru yarakomeretse

  • Abamamaji 270 barateshejwe izabo

  • Amazu 11 yarabomotse

  • Amazu 47 yarononekaye bikomeye

  • Amazu 51 yarononekaye bisanzwe

  • Ingoro z’Ubwami zibiri zarononekaye bikomeye

  • Ingoro z’Ubwami zitandatu zarononekaye bisanzwe

Ibikorwa vyo gutabara

  • Abahagarikizi b’imizunguruko hamwe n’abakurambere bariko bararemesha abashikiwe n’ivyo vyago muri ako karere bongera babaronsa ivyo bakeneye

  • Harashinzwe amakomite abiri ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago kugira ahagarikire ibikorwa vyo gutabara

Turasenga ku bw’abashikiwe n’ivyo bihuhusi mu Bugiriki kandi turashashaye igihe Yehova, umwe «yicaye hejuru y’amazi y’umwuzure», azokuraho ivyago vy’ivyaduka ubutakigaruka.​—Zaburi 29:10.