Ja ku birimwo

21 NTWARANTE 2017
UBURUSIYA

Ivyabona vya Yehova bahagurukiye umugambi wo kubafuta mu Burusiya

Ivyabona vya Yehova bahagurukiye umugambi wo kubafuta mu Burusiya

NEW YORK: Ni kabiri na rimwe Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya bakabuzwa gusenga. Ni co gituma Ivyabona bo kw’isi yose bari mw’isekeza ryo kwandikira Leta y’Uburusiya na Sentare nkuru yaho basaba ko uwo mugambi uhagarara. Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova isavye Ivyabona bose uko barenga 8.000.000 kubigiramwo uruhara.

Ku wa 15 Ntwarante 2017, Ubushikiranganji bw’ubutungane bwo mu Burusiya bwarituye Sentare nkuru buyisaba kwemeza ko Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya ari intagondwa no kwugara ibiro vyabo. Ubwo bushikiranganji bwipfuza no kubuza imirimo ikorerwa kuri ivyo biro. Sentare nkuru iramutse ifashe iyo ngingo, ibiro bikuru vy’Ivyabona biri hafi y’i Saint-Pétersbourg bizoca vyugarwa. Vyoca bituma amashirahamwe ashika 400 Ivyabona vya Yehova banditsweko imbere y’amategeko mu Burusiya afutwa, maze amashengero arenga 2.300 yabo ntabe acemewe. Ubwatsi ivyo biro vyabo vyubatswemwo n’ibibanza Ivyabona bo muri ico gihugu basengeramwo vyoshobora guca vyigarurirwa na Leta. Vyongeye, Icabona wese akoze ibikorwa bijanye no gusenga yoshobora guca yagirizwa icaha. Vyitezwe ko Sentare nkuru izofata ingingo itariki 5 Ndamukiza.

David A. Semonian umuvugizi w’icicaro gikuru c’Ivyabona avuga ati: “Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yipfuza gushira ahabona yivuye inyuma ico kibazo gikomeye cane. Kubona abenegihugu b’abanyamahoro kandi bubahiriza amategeko bakurikiranwa n’ubutungane bagafatwa nka ba gaterabwoba, ni ugukoresha ukutariko amategeko ahana intagondwa. Bariko bakurikiranwa ku mvo zidafise ishingiro.”

Si irya mbere Ivyabona bagize isekeza nk’iryo. Haraheze imyaka hafi 20 Ivyabona banditse amakete kugira bakure iceyi kuri bagenzi babo bo mu Burusiya bari bariko bambikwa ibara na bamwebamwe mu bategetsi b’ico gihe. Baragize n’ayandi masekeza yo kwandika amakete ahamagarira abategetsi bo mu bindi bihugu, nko muri Yorodaniya, muri Koreya no muri Malawi, ngo bareke guhama Ivyabona.

Umushingantahe Semonian yongerako ati: “None gusoma Bibiliya, kuririmba no gusenga uri kumwe n’abo musangiye ukwemera, vyakabaye ari icaha? Twizeye ko iri sekeza ryo kw’isi yose ryo kwandikira abategetsi b’Uburusiya rizotuma bareka gukurikirana abo bagenzi bacu ata mvo.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: David A. Semonian wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1-845-524-3000

Mu Burusiya: Yaroslav Sivulskiy, +7-812-702-2691