Ja ku birimwo

UBURUSIYA

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Uburusiya

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Uburusiya

Muri iki gihe, kahise k’Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya karangwa n’agatotezo be n’uruhamo. Canecane mu kinjana ca 20, abategetsi bo mu Burusiya barahohoteye Ivyabona vya Yehova bongera barabafata nabi, naho bazwi ko ari abanyagihugu b’abanyamahoro kandi bakurikiza amategeko. Intwaro ya Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti yari ifise intumbero yo guhata Ivyabona vya Yehova ngo bemere ivyiyumviro vy’Abasoviyeti. Bari babujijwe gutunga Bibiliya canke ibitabu bishingiye kw’idini ryabo. Kubera baguma babacunze, baca bagira amakoraniro ajanye no gusenga mu kinyegero. Bishitse bakabafata, barabakubita kandi bakabapfunga igihe kirekire. Iyo ntwaro yarangarije benshi muri Siberiya.

Ivyo vyatanguye guhinduka mu 1991, igihe intwaro y’Uburusiya yemera Ivyabona vya Yehova nk’idini ryemewe n’amategeko maze barabaha uburenganzira bwo gusenga abategetsi batababurabuza. Ariko rero, ico kiringo c’agahengwe nticamaze na kabiri.

Mu 2009, uruhamo no kuburabuzwa vyarasubiye kwongerekana igihe Sentare nkuru y’Uburusiya yemeza ingingo yari yafashwe na sentare y’intango yagiriza ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ko ari «intagondwa.» Haciye imyaka baburana, muri Ndamukiza 2017, Sentare nkuru y’Uburusiya yarafashe ingingo yo gufuta inzego zemewe n’amategeko z’Ivyabona vya Yehova, babagiriza ko bakora ibikorwa vy’intagondwa. Iyo ngingo igifatwa, abategetsi b’Uburusiya baciye batangura gufata amatungo y’Ivyabona vya Yehova, barugara ibibanza bahora basengeramwo bongera batangaza ko ibitabu vyabo ari «ivy’intagondwa.»

Muri ico kiringo abategetsi b’Uburusiya bariko bahagarika inzego zemewe n’amategeko z’Ivyabona vya Yehova, bagumye bakurikirana Ivyabona vya Yehova umwe wese ku giti ciwe. Harageze n’aho batangura gufata ko ibikorwa bijanye no gusenga Icabona ca Yehova agira ku giti ciwe bitemewe, nk’uko n’ishirahamwe ryabo ryahagaritswe. Igihe abapolisi baba bariko barasaka amazu y’Ivyabona vya Yehova, barabafata nabi cane kandi bakabagirako amatohoza arimwo ubukazi. Ivyabona vya Yehova baba abagabo, abagore, abato n’abakuze barafashwe, bararengutswa kandi barapfungwa haba mu gasho canke ic’amaso.

Kuva Ivyabona vya Yehova bahagaritswe muri Ndamukiza 2017, benshi barapfunzwe vy’agateganyo canke bashirwa mu gasho bagirizwa ko ari intagondwa. Gushika ku wa 22 Nzero 2024, Ivyabona vya Yehova 115 ni bo bari bapfunzwe.

Imyidogo y’abiyamiriza ingene Uburusiya bufata nabi Ivyabona vya Yehova

Abategetsi b’Uburusiya barabandanya kwagiriza Ivyabona vya Yehova ko ari intagondwa, naho amakungu aguma asaba ashimitse ko Uburusiya bwohagarika urwo ruhamo. Abashakashatsi hamwe n’amasentare yo mu bindi bihugu bariyamirije ukuntu Leta y’Uburusiya iriko irahama Ivyabona vya Yehova idatezura.

Itangazo ryasohowe n’ishirahamwe rijejwe umutekano no gufashanya mu Buraya (ku wa 12 Ntwarante 2020): «Ishirahamwe ry’Abanyaburaya rirabandanya kurazwa ishinga n’ingene Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya babandanya guhamwa, harimwo gusaka imihana yabo, kubapfunga ata mpamvu, kubagirako amatohoza nk’inkozi z’ikibi no kubacira umunyororo ushika ku myaka indwi. . . . Dusavye dushimitse ko Leta y’Uburusiya yokurikiza ivyo yateyeko umukono mu masezerano mpuzamakungu ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu, kwubahiriza uburenganzira umuntu afise bwo guserura ivyiyumviro vyiwe, bwo kuja mw’ishirahamwe, bwo gukoranira hamwe n’abandi mu mahoro, bwo kuja mw’idini ashaka hamwe n’ubundi burenganzira umuntu afise bwo kwifatanya n’idini ririmwo abantu bake no kutarenganya abantu mu rubanza.»

Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu: Ku wa 7 Ruheshi 2022, Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yarasohoye ingingo y’intibagirwa yo kwiyamiriza ingene Uburusiya buriko burahama Ivyabona vya Yehova (mu rubanza Taganrog LRO n’abandi bariko baburana n’Uburusiya, no. 32401/10 n’izindi manza 19). Iyo sentare yavuze ko kuba Uburusiya bwarahagaritse Ivyabona vya Yehova mu 2017 ari akarenganyo. Yaravuze kandi ko Uburusiya «butegerezwa gukora ibikenewe vyose kugira buhagarike imanza zose ziri mu masentare zerekeye Ivyabona vya Yehova . . . be no kurekura Ivyabona vya Yehova bose bamaze igihe bari mu gasho.» Vyongeye, Uburusiya bwategetswe gusubiza inyubakwa zacu zose bwigaruriye canke gutanga amahera arenga imiliyoni 60 z’amadolari (amamiliyaridi arenga 168 mu marundi) kugira burihe ivyo bwigaruriye. Basavye kandi Uburusiya guha abitwaye amahera arenga imiliyoni 3 z’amadolari (imiliyaridi zirenga 8 mu marundi) nk’indishi y’akababaro.

Ikete ryavuye ku Munyamabanga mukuru mu Nama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya: Mw’ikete ryanditswe ku wa 9 Kigarama 2022, Marija Pejčinović Burić yandikiye Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu ati: «Ku bijanye n’imanza z’Ivyabona vya Yehova b’i Moscou be n’abandi hamwe n’urubanza rwa Krupko be n’abandi, zerekeye guhagarika ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova harimwo n’ibikorwa vyabo, kubabuza kugira amakoraniro ajanye no gusenga ata we bariye urwara, be no guta mu mabohero bamwe bo muri iryo dini, Komite yacu isavye ishimitse abategetsi b’Uburusiya gukuraho itegeko ryo kuburabuza ibikorwa vyose vy’ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova hamwe no guhagarika imanza zose ziri mu masentare zerekeye Ivyabona vya Yehova.»

Bacirwa imanza za ngondagonde

  • Abageze mu zabukuru barapfunzwe. Ku wa 13 Nyakanga 2023, sentare y’igisagara ca Belogorsk yo mu karere ka Amur yaragirije Vladimir Balabkin w’imyaka 71 kugira uruhara mu bikorwa vy’intagondwa. Yaciriwe umunyororo w’imyaka ine mu gasho kandi yaciye ajanwa mw’ibohero ubwo nyene agiheza kuburana. Vyose vyatanguye muri Ntwarante 2021 igihe igipolisi c’inyamiramabi caza gusaka inzu yiwe n’umukenyezi wiwe Tatyana, na we akaba ari Icabona. Umushingwamanza yavuze ko yagirwa n’icaha, haciye imyaka ibiri aca atangura kuburana . Mu gihe Vladimir yariko aragirwako amatohoza, igihe yariko araburana mbere n’igihe yapfungwa, ategerezwa kuba yarahagaritse umutima cane narirya asanzwe arwaye kanseri.

  • Bacirwa umunyororo muremure. Ku wa 9 Kigarama 2020, igipolisi c’inyamiramabi caraje gusaka amazu y’Ivyabona vya Yehova baba i Oryol abo na bo akaba ari Vladimir Melnik, Vladimir Piskarev na Artur Putintsev. Abo bagabo bagirijwe ko batunganya ibikorwa vy’ishirahamwe ry’intagondwa maze baca babashira mw’ibohero ivy’agateganyo. Vladimir Piskarev, akaba afise imyaka 67 yarabaye pararize igihe yari apfunzwe ivy’agateganyo. Naho yari afise amagara make kandi abo bagabo batatu bose bakaba baragira uruhara mu bikorwa bijanye no gusenga no kwiga Bibiliya ata we bariye urwara, sentare y’akarere k’i Sovietskiy mu gisagara c’i Oryol yarabaciriye urubanza ku wa 13 Gitugutu 2023. Bose baciriwe kumara imyaka itandatu mu gasho. Bamaze kurekurwa na ho, bazomara umwaka n’igice hari ivyo batemerewe gukora.

    Ku wa 7 Munyonyo 2023, sentare y’akarere ka Kalininsky yaciriye umunyororo w’imyaka indwi Yevgeniy Bushev, akaba ari Icabona ca Yehova aba i Chelyabinsk. Muri Nyakanga 2022 ni ho yatangura gukurikiranwa n’amategeko, aho igipolisi c’inyamiramabi caje gusaka inzu yiwe. Biketse yuko agira uruhara mu bikorwa vy’intagondwa, baca baramupfunga ic’amaso bongera barugara konte yiwe. Haheze umwaka, Yevgeniy yaratanguye kuburana aca yagirizwa kugira uruhara mu bikorwa vy’«intagondwa» kubera ko yifatanya n’abandi mu makoraniro ajanye no gusenga be no kuba yabwira abandi ibijanye na Bibiliya. Ubu apfungiwe mu gasho No. 1 k’i Chelyabinsk.

Ntiduhengeshanya gukora ibishoboka vyose kugira gupfunga abantu ku karenganyo bihagarare

Ivyabona vya Yehova baratuntuzwa cane no kubona ingene Uburusiya buriko burafata nabi abo basangiye ukwemera. Ivyabona vya Yehova amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bararungikiye amakete abategetsi bo mu Burusiya babasaba kurekura Ivyabona vya Yehova bapfunzwe. Ababuranira Ivyabona vya Yehova bapfunzwe baramaze kwungururiza imanza zabo muri sentare zose zo mu Burusiya, bararungitse izo manza no muri Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. Vyongeye, Ivyabona vya Yehova bararungikiye ibirego vyabo Komite ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu hamwe n’Umugwi wa ONU ujejwe gutunganiriza abapfunzwe ku karenganyo, bongera babimenyesha amashirahamwe mpuzamakungu yitwararika abahonyanga agateka ka zina muntu. Ivyabona vya Yehova bazobandanya gukora ibishoboka vyose kugira bashire ahabona ingene Ivyabona bagenzi babo bariko barahamwa mu Burusiya bazira ukwemera kwabo.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. 22 Nzero 2024

    Ivyabona bapfunzwe bose bari 115.

  2. 7 Ruheshi 2022

    Sentare y’Abanyaburaya yarasohoye ingingo y’intibagirwa ku bijanye n’Uburusiya kubera buriko burafata nabi Ivyabona vya Yehova.

  3. 24 Rusama 2022

    Dennis Christensen yararekuwe amaze imyaka itanu apfunzwe.

  4. 4 Rusama 2022

    Valentina Baranovskaya yararekuwe amaze umwaka apfunzwe.

  5. 12 Nzero 2022

    Umushikiranganji w’ubutungane yarashize programa ya JW Library ku rutonde rw’ibintu Leta y’Uburusiya ivuga ko birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa. Ni yo programa ya mbere ikaba na yo yonyene imaze guhagarikwa mu Burusiya yagirizwa ko ari iy’intagondwa.

  6. 25 Gitugutu 2021

    Sentare ya Trusovskiy yo mu karere ka Astrakhan yaraciriye umunyororo w’imyaka umunani Rustam Diarov, Yevgeniy Ivanov na Sergey Klikunov. Olga Ivanova na we yaciriwe gupfungwa imyaka itatu n’igice.

  7. 27 Nyakanga 2021

    Sentare yo mu gisagara ca Saint Petersburg yaremeje urubanza rwo ku wa 31 Ntwarante 2021 inyuma yo kwunguruza. Urwo rubanza rwagiriza programa ya JW Library ko irimwo ivyiyumviro vy’intagondwa rwongera rurayihagarika mu Burusiya no muri Crimée. Ingingo sentare yari yafashe yaciye ishirwa mu ngiro ubwo nyene.

  8. 23 Nyakanga 2021

    Sentare yo mu karere ka Volgograd Traktorozavodsky yaraciriye Sergey Melnik na Igor Yegozaryan umunyororo w’imyaka itandatu. Valeriy Rogozin na we yamuciriye umunyororo w’imyaka itandatu n’amezi atanu.

  9. 11 Myandagaro 2021

    Haciye imisi ibiri Vasiliy Meleshko arengukijwe, sentare ya Abinskiy yo mu karere ka Krasnodar yaramuciriye umunyororo w’imyaka itatu.

  10. 30 Ruheshi 2021

    Sentare ya Blagoveshchensk yo mu karere ka Amur yaraciriye Aleksey Berchuk umunyororo w’imyaka umunani, Dmitriy Golik na we imucira umunyororo w’imyaka indwi.

  11. 24 Ruhuhuma 2021

    Sentare ya Abakan yo muri Khakassia yaraciriye Valentina Baranovskaya umunyororo w’imyaka ibiri, umuhungu wiwe Roman Baranovskiy na we imucira umunyororo w’imyaka itandatu.

  12. 10 Ruhuhuma 2021

    Sentare ya Abinskiy yo mu karere ka Krasnodar yaraciriye Aleksandr Ivshin umunyororo w’imyaka indwi n’igice.

  13. 2 Nyakanga 2020

    Sentare ya Berezovsky yo mu karere ka Kemerovo yaraciriye Sergey Britvin na Vadim Levchuk umunyororo w’imyaka ine.

  14. 3 Myandagaro 2020

    Sentare y’akarere ka Pskov yarafashe ingingo yo kurekura Gennady Shpakovskiy. Ntiyahinduye ingingo yari yafashe y’uko yagirwa n’icaha, ahubwo umunyororo w’imyaka itandatu n’igice yari yamuciriye yawusubirije igihano co kuza ararenguka ku biro vy’abapolisi ariko agataha gushika ico kiringo kirangiye.

  15. 13 Mukakaro 2020

    Ugusaka ikivunga kw’imihana nka 100 y’Ivyabona b’i Voronezh n’i Belgorod.

  16. 9 Ruheshi 2020

    Sentare yo mu gisagara ca Pskov yaraciriye Gennady Shpakovskiy w’imyaka 61 umunyororo w’imyaka itandatu n’igice.

  17. 6 Ruhuhuma 2020

    Ivyabona batanu muri batandatu baciriwe urubanza ku wa 19 Nyakanga 2019, bararungitswe mu gasho kari ukwa konyene kandi gacunzwe mu buryo bukomeye kari i Orenburg (Colonie pénale no 1). Bashitseyo, abarinzi b’ibohero barabakubise bunyamaswa incuro nyinshi. Makhammadiyev yaravunitse urubavu, ihaha riratoboka n’ifyigo rirononekara.

  18. 19 Nyakanga 2019

    Dmitry Larin, umucamanza muri sentare y’intara ya Saratov iri mu karere ka Leninskiy, yaraciriye umunyororo Ivyabona batandatu b’abagabo ari bo Konstantin Bazhenov, Aleksey Budenchuk, Feliks Makhammadiyev, Roman Gridasov, Gennadiy German na Aleksey Miretskiy bagirizwa ngo batunganya ibikorwa vy’intagondwa.

  19. 23 Rusama 2019

    Sentare y’akarere ka Oryol yarankiye Dennis Christensen kwunguruza kandi iremeza umunyororo w’imyaka itandatu yari yaraciriwe.

  20. 26 Ndamukiza 2019

    Umugwi wa ONU ujejwe gutunganiriza abapfunzwe ku karenganyo wasanze uburenganzira bwa Dimtriy Mikhailov bwarahonyanzwe wongera uriyamiriza ingene Uburusiya buhama Ivyabona vya Yehova.

  21. 6 Ruhuhuma 2019

    Sentare y’akarere ka Zheleznodorozhniy yarakubise intahe mu gahanga Dennis Christensen, ica imucira umunyororo w’imyaka itandatu.

  22. 9 Gitugutu 2018

    Abapolisi bari kumwe n’ingabo zidasanzwe baragiye gusaka imihana y’i Kirov. Ivyabona benshi b’abagabo harimwo Umunyapolonye yitwa Andrzej Oniszczuk barafashwe baca barapfungwa vy’agateganyo.

  23. 15 Mukakaro 2018

    Abapolisi baragiye gusaka imihana y’Ivyabona batari bake b’i Penza. Vladimir Alushkin yarafashwe aca arapfungwa vy’agateganyo.

  24. 4 Mukakaro 2018

    Abapolisi baragiye gusaka imihana y’i Omsk. Barafashe Icabona yitwa Sergey Polyakov n’umugore wiwe Anastasiya baca barabapfunga vy’agateganyo. Anastasiya ni we Cabona wa mbere w’umugore yapfunzwe mu Burusiya yagirizwa ko ari intagondwa.

  25. 12 Ruheshi 2018

    Abapolisi baragiye gusaka imihana y’i Saratov. Konstantin Bazhenov, Aleksey Budenchuk na Feliks Makhammadiyev barafashwe baca barapfungwa vy’agateganyo. Ibindi vyabona batatu, ari bo Gennadiy German, Roman Gridasov na Aleksey Miretskiy barategetswe gusinya urwete rw’uko batazokwigera bava muri ico gisagara.

  26. 3 Ruheshi 2018

    Abapolisi baragiye gusaka imihana y’i Tomsk n’i Pskov. Sergey Klimov yarafashwe aca arapfungwa vy’agateganyo.

  27. 19 Ruhuhuma 2018

    Urubanza rwa Dennis Christensen rwaratanguye kwumvirizwa muri sentare y’akarere ka Zheleznodorozhniy, umucamanza Aleksey Rudnev akaba ari we yari ahagarikiye intahe.

  28. 20 Mukakaro 2017–Munyonyo 2018

    Ikiringo co gupfunga Dennis Christensen vy’agateganyo carongerejwe incuro zitari nke. Ubwa mbere congerejwe na sentare y’akarere ka Sovietskiy, mu nyuma na ho congerezwa na sentare y’akarere ka Zheleznodorozhniy.

  29. 26 Rusama 2017

    Sentare y’akarere ka Oryol yaraciriye Dennis Christensen kumara amezi abiri apfunzwe vy’agateganyo.

  30. 25 Rusama 2017

    Abapolisi baragiye gusaka ikibanza Ivyabona bariko barasengeramwo i Oryol baca barafata Dennis Christensen.

  31. 20 Ndamukiza 2017

    Sentare nkuru y’Uburusiya yarafashe ingingo yo gufuta ibiro vy’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya be n’amashirahamwe 395 abikukira.