Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni igiki comfasha kwirinda ivyiyumviro bica intege?

Ni igiki comfasha kwirinda ivyiyumviro bica intege?

 Wovuga ko uri umuntu ameze gute?

  •   Yizigira ko ibintu bizogenda neza

     “Ndagerageza kuba umuntu anezerewe kandi atikoroga. Kubera iki nokwama nijiriwe?”​—Valerie.

  •   Abona ko ibintu bizogenda nabi

     “Igihe cose nshikiwe n’ikintu ciza, nca nibwira nti: ‘Si vyo. Ibintu vyiza nk’ivyo ntivyombako?’”​—Rebecca.

  •   Abona ibintu nk’uko biri

     “Kwizigira ko vyose bizogenda neza bituma umuntu avunika umutima iyo ibintu bitagenze nk’uko yavyibaza, kubona ko vyose bizogenda nabi na vyo bituma umuntu yamana umubabaro. Mpitamwo rero kubona ibintu nk’uko biri.”​—Anna.

 Kubera iki bihambaye?

 Bibiliya ivuga ko “uwunezerewe ku mutima yama ku nzimano.” (Imigani 15:15) Biratomoye ko abantu birinda ivyiyumviro bibi bakihatira kubona ibintu mu buryo bwiza usanga bahimbawe. Usanga kandi biborohera kuronka abagenzi. None hari uwokwipfuza kumarana umwanya n’umuntu yama anyinyiriwe?

 Ariko ntiwumve, naho woba wihatira kubona ko ibintu bizogenda neza, hariho ingorane zishika mu buzima udashobora guhunga. Nk’akarorero:

  •   Woshobora kwumva mu makuru ibijanye n’intambara, iterabwoba canke ubukozi bw’ikibi.

  •   Woshobora gushikirwa n’ingorane mu muryango.

  •   Woshobora kuba ufise ubugoyagoye bwawe bwite mubwirizwa kunyinyana.

  •   Umugenzi yoshobora kukubabaza.

 Aho kwigira nk’uwutabona izo ngorane canke kuzishirako umutima cane ku buryo uguma wiganyira, nugerageze kubona ibintu nk’uko biri. Bizogufasha kwirinda ivyiyumviro bica intege no guhangana n’ingorane zo mu buzima utarinze gucika intege.

Nta mvura idahita

 Ico wokora

  •   Ntiwitege kuba umweranda.

     Bibiliya ivuga iti: “[N]ta muntu w’umugororotsi ariho mw’isi aguma akora ivyiza ntacumure.” (Umusiguzi 7:20) Kuba bishika ugakora amakosa ntivyerekana ko ata co uzovamwo, ahubwo vyerekana ko uri umuntu.

     Ingene wobona ibintu nk’uko biri: Nugerageze kuryohora kamere yawe ariko ntiwitege kuba umweranda. Umusore yitwa Caleb avuga ati: “Ndirinda kugumiza umutima ku makosa yanje. Ahubwo ndayakuramwo icigwa kugira bimfashe gutera imbere.”

  •   Ntiwigereranye n’abandi.

     Bibiliya ivuga iti: “Ntiturondere kwishira imbere, tuvyura uguhiganwa, tugiriranira agashari.” (Abagalatiya 5:26) Kuraba kuri internet amafoto y’ibirori batagutumiyemwo vyoshobora gutuma wumva ubabaye. Birashobora gutuma utangura kwiyumvira ko abagenzi bawe somambike bacitse abansi bawe katwa.

     Ingene wobona ibintu nk’uko biri: Numenye ko batazokwama bagutumiye mu birori vyose. Vyongeye, ntiwibagire ko amafoto yo kuri internet aterekana ibintu vyose biba vyabaye. Umwigeme w’umuyabaga yitwa Alexis avuga ati: “Abantu bakunda gushira kuri internet amafoto yerekana ibintu bihimbaye mu buzima. Ibintu bibi ntibavyerekana.”

  •   Nuremeshe amahoro, canecane mu muryango.

     Bibiliya ivuga iti: ‘Nimba bishoboka, uko bivana nawe kwose, nubane amahoro n’abantu bose.’ (Abaroma 12:18) Ntushobora gukontorora ivyo abandi bakora, ariko urashobora gukontorora ivyo wewe ukora. Urashobora guhitamwo kuremesha amahoro.

     Ingene wobona ibintu nk’uko biri: Niwiyemeze kutunyura ingorane ziri mu muryango iwanyu, ahubwo uremeshe amahoro nka kurya nyene ubugira uri kumwe n’abagenzi. Umuyabaga yitwa Melinda avuga ati: “Nta n’umwe atunganye, birashika rero ibere rikayaga. Igihambaye ni ukuntu tuvyifatamwo, kwaba ukuba indemeshamahoro canke ukutaba indemeshamahoro.”

  •   Nube umuntu ashima.

     Bibiliya ivuga iti: “Mwerekane ko mushima.” (Abakolosayi 3:15) Kuba umuntu ashima bizogufasha kwibanda ku bintu vyiza biba mu buzima bwawe aho kwibanda ku bintu bibi.

     Ingene wobona ibintu nk’uko biri: Nubone ingorane zigushikira, ariko ntiwiyobagize n’ivyiza biba mu buzima bwawe. Umwigeme yitwa Rebecca avuga ati: “Buri musi ndandika mu gakaye ikintu ciza canshikiye. Biranyibutsa ko naho ingorane zitabuze, hama hariho n’ibintu vyinshi vyiza nozirikanako.”

  •   Nusuzume abagenzi ufise.

     Bibiliya ivuga iti: “Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Abakorinto 15:33) Igihe wamana n’abantu batorana amahinyu canke bacana intege, woshobora kwandukirwa n’izo kamere zabo.

     Ingene wobona ibintu nk’uko biri: Abagenzi bawe barashobora gushikirwa n’ingorane, kandi vyoshika bakumva bacitse intege. Nubafashe ariko ntureke ngo izo ngorane zabo ziguhungabanye. Umwigeme yitwa Michelle avuga ati: “Ntidukwiye kwamana n’abantu batabona ibintu mu buryo bwiza. Nta kindi bivamwo atari ukwunyura ibintu.”

 Nusome n’ibindi vyogufasha

 Bibiliya ivuga ko tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1) Vyoba bitakworohera kubona ibintu mu buryo bwiza kubera turi mw’isi yuzuyemwo ingorane? Soma ikiganiro kivuga ngo “Kubera iki hari imibabaro myinshi?