Ja ku birimwo

Hubakwa Ingoro z’Ubwami 3.000 muri Nijeriya

Hubakwa Ingoro z’Ubwami 3.000 muri Nijeriya

Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 1 Ntwarante 2014, isinzi ry’abantu 823 barakoraniye ku Ngoro y’amateraniro y’Ivyabona vya Yehova bahimbawe ku bw’ikiringo c’intibagirwa mu gisagara ca Benin muri Nijeriya. Kuva mu 1999, igihe hatangura umugambi wo kwubaka Ingoro z’Ubwami, ni kuvuga ibibanza vyo gusengeramwo, mu bihugu bifise uburyo buke, Ivyabona vya Yehova barubatse Ingoro z’Ubwami zigera ku 3.000 muri ico gihugu.

Mu ntango

Muri iryo koraniro haravuzwe muri make kahise k’ukuntu amashengero yo muri Nijeriya yagiye araronka ibibanza vyo gusengeramwo kuva mu myaka ya 1920. Mu ntango, harakoreshwa amazu y’abantu canke bagakota ibindi bibanza. Inzu ya mbere yatanguye gukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova muri Nijeriya mu bijanye no gusenga gusa, yubatswe mu gisagara ca Ilesa nko mu 1935. Kuva mu 1938 gushika mu 1990, igitigiri c’amashengero carongerekanye incuro zababa 200, kiva kuri 14 gishika ku 2.681 kandi amashengero menshi vyarayagora kuronka ikibanza co gusengeramwo. Ingoro z’Ubwami zimwezimwe wasanga zisangiwe n’amashengero atandatu. Ahandi na ho ugasanga abantu ni benshi cane ku buryo bahagarara hanze bakumviririza ku madirisha. Muri ico gihe nyene, amashengero menshi yari agisengera mu mazu y’abantu canke mu mashure.

Mu nyuma

Mu 1990, Icicaro gikuru c’Ivy’Ivyabona vya Yehova muri Nijeriya caratanguye gusahiriza igikorwa co kwubaka Ingoro, mu kuronsa ingurane amashengero biciye ku kigega kigenewe gufasha kwubaka Ingoro z’Ubwami. Mu 1997, amakomite y’ubwubatsi y’akarere yarafashije amashengero 105 kwubaka canke gusanura Ingoro z’Ubwami. Kuva mu 1997 gushika mu 1999 Ingoro 13 zarubatswe, imwe yose ikaba yubakwa hagati y’imisi 7 na 15.

Naho igitigiri c’amazu yo gusengeramwo congerekanye gutyo, ntivyari bihagije uravye ingene Ivyabona vya Yehova baguma bongerekana muri Nijeriya. Muri Ndamukiza 1998, Icicaro gikuru casanze hakenewe Ingoro z’Ubwami 1.114 mu gihugu.

Don Trost, akaba akorera ku cicaro gikuru muri Nijeriya, yabwiye abari muri iryo koraniro ridasanzwe ryabereye mu gisagara ca Benin ati: “Cari igikorwa kitoroshe na gato! Twaribaza nimba tuzoteba tukagiheza.” Kuva mu 1999 inyishu yarabonetse. Imigwi y’abubatsi igizwe n’abantu batandatu gushika ku munani yaratanguye gufasha amashengero yo muri ico gihugu. Muri iyi myaka 14 iheze, Ingoro z’Ubwami zigera kuri 17 zarubatswe buri kwezi hakoreshejwe imigero ibayabaye.

Amaze gukengurukira abari ng’aho ku vyo baranguye, umuvukanyi Trost yaciye abereka ko akazi kakiri kenshi. Mu mwaka wa 2013 abantu barenga 8.000 bariyongereye ku gitigiri c’Ivyabona vya Yehova bo muri Nijeriya. Yongeyeko ati: “Kugira abo bantu baronke aho basengera bizokenerwa ko buri mwaka haja harubakwa Ingoro z’Ubwami 100.” Mu 2013 hari Ivyabona 351.000 mu mashengero arenga 5.700 muri Nijeriya.