Itanguriro 24:1-67
24 Aburahamu yari ashaje cane, kandi Yehova yari yaramuhezagiye muri vyose+.
2 Nuko Aburahamu ahamagara umusuku wiwe yari akuze kuruta abandi, uwari ajejwe ivyo mu rugo rwiwe vyose+, amubwira ati: «Ndagusavye ushire ukuboko kwawe munsi y’itako ryanje.
3 Ngira ndakurahize Yehova Imana y’ijuru n’isi, ko utazokura umugore w’umuhungu wanje muri aba bakobwa b’Abanyakanani mbayemwo+.
4 Ahubwo uzoje mu gihugu canje no mu ncuti zanje+, abe ari yo ukura umugore w’umuhungu wanje Izahaki.»
5 Mugabo uwo musuku amwishura ati: «Bizogenda gute none uwo mukobwa niyanka kuzanana nanje muri iki gihugu? Nzoca nsubiza umuhungu wawe mu gihugu waje uvamwo+?»
6 Aburahamu amwishura ati: «Ntuze uhirahire ngo ujaneyo umuhungu wanje+.
7 Yehova Imana yo mw’ijuru, we yankuye mu muryango wanje no mu gihugu c’incuti zanje+, yaravuganye nanje yongera arandahira ati+: “Iki gihugu+ nzogiha uruvyaro* rwawe+.” Ubwiwe azorungika umumarayika wiwe imbere yawe+, kandi nta kabuza uzokura umugore w’umuhungu wanje hariya+.
8 Ariko uwo mukobwa niyanka kuzanana nawe, ntuzoba ugifashwe n’iyo ndahiro. Mugabo ntuzojane umuhungu wanje hariya.»
9 Uwo musuku aca ashira ukuboko munsi y’itako rya shebuja Aburahamu, aramurahira+.
10 Uwo musuku araheza atora ingamiya cumi za shebuja, atora n’ubwoko bwose bw’ibintu vyizavyiza shebuja amuhaye, hanyuma aja i Mezopotamiya mu gisagara ca Nahori.
11 Ashitse kw’iriba ry’amazi inyuma y’igisagara, aca arahagarara kugira ingamiya ziruhuke*. Hari nko ku mugoroba, igihe abakobwa baja kuvoma.
12 Maze arasenga ati: «Yehova Mana ya databuja Aburahamu, ndakwinginze utume bingendera neza uyu musi, kandi ugirire ubuntu* databuja Aburahamu.
13 Ehe mpagaze kw’iriba ry’amazi, kandi abakobwa bo mu gisagara bagira baze kuvoma.
14 Umukobwa nza kubwira nti: “Ndagusavye wururutse umubindi wawe umpe amazi yo kunywa”, na we akanyishura ati: “Akira unywe kandi n’ingamiya zawe ndaziha amazi”, aze kuba ari we utoreye umusavyi wawe Izahaki. Uzoba unyeretse ko wagiriye ubuntu* databuja.»
15 Ataraheza no kuvuga, aza abona Rebeka araje afise umubindi ku rutugu. Rebeka yari umukobwa wa Betuweli+ umuhungu wa Milika+, Milika umugore wa Nahori+ mwenewabo na Aburahamu.
16 Yari umukobwa mwiza cane w’isugi, atararyamana n’umugabo. Amanuka kw’iriba, yuzuza amazi umubindi wiwe, araheza aragaruka.
17 Wa musuku aca yiruka iyo ari, amubwira ati: «Ndagusavye umpe utuzi two kunywa kuri uwo mubindi wawe.»
18 Na we amwishura ati: «Akira unywe databuja!» Aca atura ningoga umubindi wiwe awufata mu minwe, aramuha aranywa.
19 Ahejeje kumuha amazi, aca amubwira ati: «N’ingamiya zawe ndazivomera gushika zihere inyota.»
20 Aca acuranurira mu rugomero* amazi yari mu mubindi wiwe, yiruka incuro nyinshi kw’iriba kuvoma amazi. Aguma avomera ingamiya ziwe zose.
21 Aho hose uwo mugabo yaguma amwitegereza yumiwe, adakurako umunwa, kugira amenye ko Yehova yari yatumye urugendo rwiwe ruroranirwa.
22 Ingamiya zihejeje kunywa amazi, uwo mugabo aca amuha ihereni* ry’inzahabu ryo ku zuru rifise uburemere bungana n’igice ca shekeli* hamwe n’ibikomo bibiri vy’inzahabu bifise uburemere bungana na shekeli cumi.
23 Aca amubaza ati: «Ndagusavye umbwire, uri umukobwa wa nde? Kwa so wawe hoba hariho ahantu tworara?»
24 Na we amwishura ati: «Ndi umukobwa wa Betuweli+, Betuweli umuhungu Milika yavyaranye na Nahori+.»
25 Yongerako ati: «Iwacu hariho ubwatsi* n’ivyo kurya vyinshi vy’ibitungwa. Turafise n’aho mworara.»
26 Uwo mugabo aca arunama imbere ya Yehova, mu maso hashika hasi,
27 avuga ati: «Hashemezwe Yehova Imana ya databuja Aburahamu, kuko yagumye agirira ubuntu* databuja kandi ntiyigeze amuhemukira. Yehova yanyoboye ku nzu ya benewabo na databuja.»
28 Wa mukobwa aca yiruka kwa nyina wiwe kubamenyesha iyo nkuru.
29 Rebeka yari afise musazawe yitwa Labani+. Nuko Labani ariruka, aja kuraba uwo mugabo aho yari kw’iriba inyuma y’igisagara.
30 Akibona ihereni mushikiwe Rebeka yambaye ku zuru n’ibikomo yambaye ku maboko, akumva n’ivyo uwo mugabo yamubwiye, aca aja kuraba uwo mugabo aho yari agihagaze kw’iriba hamwe n’ingamiya ziwe.
31 Amubwira ati: «Karibu, wewe wahezagiwe na Yehova! Kuki woguma uhagaze hanze kandi nateguye inzu n’ikibanza c’ingamiya?»
32 Nuko uwo mugabo yinjira mu nzu. Hanyuma atangura* kwambura imigozi ingamiya, aziha ivyatsi n’ivyo kurya vy’ibitungwa, aca azana n’amazi yo kwoza ibirenge uwo mugabo n’abo bari kumwe.
33 Baraheza bamuzanira ibifungurwa, mugabo avuga ati: «Sindya ntarababwira ikingenza.» Labani aca amubwira ati: «Kivuge.»
34 Na we avuga ati: «Ndi umusuku wa Aburahamu+.
35 Yehova yarahezagiye cane databuja. Yaramuhaye itunga ryinshi rigizwe n’intama, inka, ifeza, inzahabu, abasuku, abasukukazi, ingamiya hamwe n’indogobwa+.
36 Vyongeye, Sara umugore wa databuja yaramuvyariye umuhungu naho yari ashaje+, kandi azomuha ivyo atunze vyose+.
37 Databuja rero yarandahije ati: “Umuhungu wanje ntuze umuronderere umugore muri aba bakobwa b’Abanyakanani, bene iki gihugu mbayemwo+.
38 Ahubwo uzoje mu rugo kwa data no mu muryango wanje+, abe ari ho ukura umugore w’umuhungu wanje+.”
39 Mugabo naciye mbwira databuja nti: “Bizogenda gute none uwo mukobwa niyanka kuzanana nanje+?”
40 Yaciye anyishura ati: “Yehova uwo nagendeye imbere+, azorungika umumarayika wiwe+ ajane nawe kandi azotuma urugendo rwawe ruroranirwa. Uze usabire umuhungu wanje umugore wo mu muryango wanje, mu rugo kwa data+.
41 Niwaja mu muryango wanje bakamukwima, iyo ndahiro ntizogufata. Uzoba ukuweko iyo ndahiro yawe+.”
42 Igihe rero nashika kw’iriba uno musi, naciye nsenga nti: “Yehova Mana ya databuja Aburahamu, nimba ushaka ko urugendo rwanje ruroranirwa,
43 ndagusavye bize kugenda gutya: ehe mpagaze kw’iriba. Umukobwa+ aza kuvoma amazi maze nkamubwira nti: ‘Ndagusavye umpe utuzi two kunywa kuri uwo mubindi wawe’,
44 na we akanyishura ati: ‘Akira unywe kandi n’ingamiya zawe ndazivomera’, azobe ari we Yehova yatoreye umuhungu wa databuja+.”
45 Ntaraheza no gusengera mu mutima, nagiye mbona Rebeka aserutse afise umubindi ku rutugu. Yaciye amanuka kw’iriba, atangura kuvoma amazi. Hanyuma ndamubwira nti: “Ndagusavye umpe utuzi two kunywa+.”
46 Yaciye atura ningoga umubindi yari afise ku rutugu, ambwira ati: “Akira unywe+ kandi n’ingamiya zawe ndazivomera.” Nakiriye ndanywa yongera aravomera n’ingamiya zanje.
47 Inyuma y’aho naciye ndamubaza nti: “Uri umukobwa wa nde?” Na we ati: “Ndi umukobwa wa Betuweli, Betuweli umuhungu Milika yavyariye Nahori.” Naciye ndamwambika ihereni ku zuru n’ibikomo ku maboko+.
48 Ndaheza nunama imbere ya Yehova mu maso hashika hasi, nshemeza Yehova Imana ya databuja Aburahamu+, we yanyoboye mu nzira nziza kugira ntore umukobwa wa mwenewabo na databuja, ngo abe umugore w’umuhungu wiwe.
49 Ubu rero, nimba mwemeye kugirira ubuntu* databuja no kutamuhemukira, nimubimbwire. Mutavyemeye na ho, nimubimbwire kugira menye ico nkora*+.»
50 Labani na Betuweli bamwishura bati: «Ivyo bintu vyavuye kuri Yehova. Ntidushobora rero kukwemerera canke kuguhakanira.
51 Ehe ng’uyo Rebeka. Mutore ugende, abe umugore w’umuhungu wa shobuja nk’uko Yehova yabivuze.»
52 Wa musuku wa Aburahamu yumvise iryo jambo, aca arunama imbere ya Yehova mu maso hashika hasi.
53 Aca asokorora ibintu vy’ifeza n’ibintu vy’inzahabu hamwe n’impuzu maze abiha Rebeka, yongera aha ibintu vy’agaciro musazawe na nyina wiwe.
54 Inyuma y’ivyo, we n’abari kumwe na we bararya bongera baranywa, hanyuma barara ng’aho.
Avyutse mu gitondo, avuga ati: «Nimundungike kwa databuja.»
55 Musaza wa Rebeka na nyina wiwe bamwishura bati: «Rebeka nabanze agumane natwe n’imiburiburi imisi cumi, hanyuma abone kugenda.»
56 Mugabo ababwira ati: «Nimureke kuntevya, kuko Yehova yatumye urugendo rwanje ruroranirwa. Nimundungike nsubire kwa databuja.»
57 Bamwishura bati: «Reka duhamagare Rebeka twumve ico abivugako.»
58 Baca baramuhamagara, bamubaza bati: «Uremeye kujana n’uyu mugabo?» Na we ati: «Ndavyemeye.»
59 Nuko barungika mushiki wabo Rebeka+ n’umurezi* wiwe+ hamwe na wa musuku wa Aburahamu n’abantu biwe.
60 Maze bahezagira Rebeka, bamubwira bati: «Mushiki wacu, urakagwira ucike ibihumbi n’ibihumbi, kandi uruvyaro rwawe ruze rwigarurire ibisagara* vy’abansi barwo+.»
61 Rebeka n’abasukukazi biwe baca burira ingamiya, bakurikira uwo mugabo. Uwo musuku wa Aburahamu aca atora Rebeka maze aragenda.
62 Izahaki rero yaba mu gihugu ca Negebu+. Umusi umwe yari azananye inzira ija i Beri-Lahayi-Royi+,
63 aca akatira mu gahinga kugira azirikane+. Hari amaja ku mugoroba. Araramuye amaso, aza abona ingamiya ziriko ziraza.
64 Maze Rebeka yunamuye amaso akabona Izahaki, aca ava ku ngamiya asimbira hasi ningoga.
65 Nuko abaza wa musuku ati: «Urya mugabo ariko aza guhura natwe avuye mu gahinga ni nde?» Na we amwishura ati: «Ni databuja.» Rebeka aca afata igitambara aritwikira.
66 Uwo musuku araheza yiganira Izahaki ivyo yari yakoze vyose.
67 Inyuma y’ivyo, Izahaki yinjiza Rebeka mw’ihema rya nyina wiwe Sara+, aramutwara aba umugore wiwe. Izahaki aramukunda cane+, aronka uruhoza inyuma yo kubura nyina wiwe+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Canke «aca apfukamika ingamiya.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «mu bwato bw’ibitungwa.»
^ Ryari ihereni ry’umuzingi rimeze nk’impeta.
^ Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «icarire.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Ashobora kuba ari Labani.
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kugira mpindukirire iburyo canke ibubamfu.»
^ Yahoze ari umurezi wiwe, akaba yari asigaye ari umusukukazi wiwe.
^ Mu giheburayo havuga ngo «amarembo.»