Luka 4:1-44

  • Shetani agerageza Yezu (1-13)

  • Yezu atangura kwigisha i Galilaya (14, 15)

  • Abantu b’i Nazareti banka kwumviriza Yezu (16-30)

  • Mw’isinagogi y’i Kaperinawumu (31-37)

  • Yezu akiza inabukwe wa Simoni n’abandi (38-41)

  • Isinzi risanga Yezu ahantu hiherereye (42-44)

4  Yezu rero yuzuye impwemu nyeranda, ava ku ruzi Yorodani hanyuma aja hirya no hino mu bugaragwa ayobowe n’impwemu nyeranda+.  Amarayo imisi 40 ariko ageragezwa na Shetani*+. Muri iyo misi yose nta kintu na kimwe yafungura. Iyo misi irangiye, arateba arasonza.  Shetani rero amubwira ati: «Nimba uri umwana w’Imana, bwira iri buye ricike umukate.»  Ariko Yezu amwishura ati: «Vyanditswe ngo: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa+.”»  Shetani amujana ahantu hataramutse, amwereka ubwami bwose bwo mw’isi mu kanya gatoyi+.  Maze amubwira ati: «Ndaguha ububasha kuri ivyo bintu vyose hamwe n’ubuninahazwa bwavyo kuko nabuhawe+, kandi ndabuha uwo nshatse wese.  Ivyo vyose rero biraba rwawe niwapfa kunsenga.»  Yezu amwishura ati: «Vyanditswe ngo: “Yehova* Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda+.”»  Hanyuma amujana i Yeruzalemu, amuhagarika ku munara* w’urusengero, amubwira ati: «Nimba uri umwana w’Imana, ikororere hasi+. 10  Kuko vyanditswe ngo: “Azotegeka abamarayika biwe kugira bakuzigame”, 11  kandi ngo: “Bazokurerura mu maboko yabo kugira ntutsitare kw’ibuye+.”» 12  Yezu amwishura ati: «Vyanditswe ngo: “Ntukagerageze Yehova* Imana yawe+.”» 13  Shetani ahejeje kumugerageza, aca aramureka aragenda gushika aronse akandi karyo keza+. 14  Yezu araheza agaruka i Galilaya+ yuzuye ububasha bw’impwemu, maze amakuru meza amwerekeye akwiragira muri ako karere kose. 15  Vyongeye, atangura kwigisha mu masinagogi yabo kandi bose baramutera iteka. 16  Hanyuma aja i Nazareti+, aho yari yarakuriye. Nk’uko yari asanzwe abigira ku musi w’isabato, yinjira mw’isinagogi+ hanyuma arahaguruka ngo asome. 17  Nuko bamuha umuzingo w’umuhanuzi Yesaya, araheza arawuzingurura, atora ahari handitswe ngo: 18  «Impwemu ya Yehova* iri kuri jewe, kuko yandobanuye* kugira ngo mbwire inkuru nziza abakene. Yantumye gutangaza ko abagizwe imbohe bazorekurwa, ko impumyi zizosubira kubona, ko abacinyizwa bazobohorwa+ 19  no gutangaza igihe c’ukwemerwa na Yehova*+ 20  Aca azinga uwo muzingo, awusubiza umusuku w’isinagogi maze aricara. Abari mw’isinagogi bose baca bamuhanga amaso. 21  Araheza ababwira ati: «Uyu musi ico canditswe muhejeje kwumva kirarangutse+ 22  Bose baca batangura kumuvuga neza. Batangazwa n’amajambo yiwe y’igikundiro+ maze bavuga bati: «Uyu none si wa muhungu wa Yozefu+ 23  Aca ababwira ati: «Ntimuzobura kuncira uyu mugani muti: “Muganga, niwikize.” Kandi muzombwira muti: “Ibintu twumvise ko wakoreye i Kaperinawumu+ bikorere no ng’aha mu gisagara iwanyu.”» 24  Ababwira kandi ati: «Ni ukuri, ndababwiye ko ata muhanuzi yemerwa mu karere iwabo+. 25  Ni ukuri ndabibabwiye: Muri Isirayeli hariyo abapfakazi benshi mu gihe ca Eliya, igihe ijuru ryugarwa hagaca imyaka itatu n’amezi atandatu imvura itagwa, ku buryo inzara ikomeye itera mu gihugu cose+. 26  Ariko nta n’umwe Eliya yarungitsweko muri abo bagore, ahubwo yarungitswe ku mupfakazi w’i Zarefati mu ntara ya Sidoni+. 27  Vyongeye, muri Isirayeli hariyo abanyamibembe benshi mu gihe c’umuhanuzi Elisha, ariko nta n’umwe muri bo yahumanuwe*, kiretse Namani Umusiriya+ 28  Abantu bose bari mw’isinagogi bumvise ivyo bintu, baca barashavura cane+. 29  Maze barahaguruka, bamuhindira inyuma y’igisagara. Bamujana kw’isonga ry’umusozi igisagara cabo cari cubatsweko, kugira bamukorore atanguze umutwe hasi. 30  Mugabo aca hagati yabo arigira+. 31  Hanyuma amanuka i Kaperinawumu mu gisagara c’i Galilaya. Igihe yariko arabigisha ku musi w’isabato+, 32  abantu batangazwa cane n’uburyo yigisha+, kuko yavugana ububasha. 33  Ico gihe mw’isinagogi hariyo umuntu arimwo impwemu mbi*, ari yo dayimoni. Aca arasemerera+ ati: 34  «Ha! Dupfa iki nawe ga Yezu Umunyanazareti+? Uje kuduhonya? Ndazi neza uwo uri we, uri wa Mweranda w’Imana+ 35  Mugabo Yezu aca arayikankamira ati: «Hora, kandi muvemwo!» Iyo dayimoni imaze kumukubita hasi hagati yabo, ica iramuvamwo ata co imugize. 36  Bose baca baratangara, batangura kubwirana bati: «Mbega amajambo ari aho! Arategeka impwemu mbi n’ububasha n’ubushobozi bwinshi, na zo zigasohoka!» 37  Amakuru amwerekeye aguma akwiragira muri ako karere kose. 38  Amaze kuva mw’isinagogi, yinjira mu nzu kwa Simoni. Inabukwe wa Simoni yari arwaye inyonko ikaze, baca baramusaba ngo amufashe+. 39  Aca araza ahagarara impande yiwe maze akankamira iyo nyonko, ica irakira. Ubwo nyene aca arahaguruka, atangura gutegura ivyo abazimana. 40  Ariko izuba ritanguye kurenga, abantu bose bari bafise abantu barwaye indwara zitandukanye baca barabamuzanira. Bose arabakiza+ mu kubarambikako ibiganza. 41  N’amadayimoni yarava mu bantu benshi, agasemerera ati: «Uri Umwana w’Imana+!» Mugabo yarayakankamira ntayemerere kuvuga+, kuko yari azi ko ari Kristu+. 42  Bukeye, Yezu aca aja ahantu hiherereye+. Ariko abantu batangura kumurondera*, barateba bashika aho ari. Baca bagerageza kumugumya kugira agumane na bo. 43  Mugabo ababwira ati: «Ntegerezwa kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no mu bindi bisagara, kuko ari co natumwe+ 44  Aca agenda kwamamaza inkuru nziza mu masinagogi y’i Yudaya.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «na wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «ku gahome», «kw’isonga.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «yakijijwe.»
Canke «impwemu ihumanye.»
Canke «kumuhiga.»