Luka 9:1-62

  • Ivyo bamwe cumi na babiri bokwisunga bagiye kwamamaza (1-6)

  • Herodi azazanirwa n’ivya Yezu (7-9)

  • Yezu agaburira abagabo 5.000 (10-17)

  • Petero avuga ko Yezu ari Kristu (18-20)

  • Yezu amenyesha ibijanye n’urupfu rwiwe (21, 22)

  • Ivyo abigishwa b’ukuri basabwa (23-27)

  • Yezu ahinduka ukundi (28-36)

  • Akiza umuhungu arimwo idayimoni (37-43a)

  • Yezu yongera kumenyesha ibijanye n’urupfu rwiwe (43b-45)

  • Abigishwa baharira ku bijanye n’uwari mukuru (46-48)

  • «Uwutaturwanya aba adushigikiye» (49, 50)

  • Abo mu kigwati c’Abasamariya banka kwakira Yezu (51-56)

  • Ico bisobanura gukurikira Yezu (57-62)

9  Mu nyuma, akoranya bamwe cumi na babiri, abaha ubushobozi n’ububasha bwo kwirukana amadayimoni+ yose no gukiza indwara+.  Maze abarungika kwamamaza Ubwami bw’Imana no gukiza abarwaye,  ababwira ati: «Ntihagire ikintu na kimwe mwitwaza, yaba inkoni, umufuko w’ibifungurwa, umukate canke amahera*, kandi ntimutware n’impuzu yo kwihindura*+.  Nihagira uwubakira mu nzu iwe, mugumeyo gushika muhavuye+.  Ahantu hose abantu banse kubakira, muvuyeyo muzoce mukunkumura umukungugu uri ku birenge vyanyu, kugira bibabere icabona kibagiriza+  Baca bafata inzira, bakwiragira ako karere kose bava mu kigwati baja mu kindi, bagenda baratangaza inkuru nziza bongera bakiza indwara ahantu hose+.  Nuko Herodi* buramatari w’intara ya Galilaya yumva ibintu vyose vyariko biraba. Aca arazazanirwa cane, kubera bamwe bavuga ko ari Yohani yazuwe mu bapfuye+,  abandi bakavuga ko ari Eliya yagarutse, abandi na bo ngo ni umwe mu bahanuzi ba kera yazutse+.  Herodi aca avuga ati: «Ko Yohani namuciye umutwe+, none uwo muntu numvako ivyo bintu ni nde?» Aguma arondera kumubona+. 10  Intumwa za Yezu zigarutse, zimwiganira ibintu vyose zakoze+. Aca azijana mu gisagara citwa Betsayida kugira bamare akanya ari bonyene+. 11  Mugabo amasinzi y’abantu abimenye, aca aramukurikira. Na we abakira neza, aca atangura kubabwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana yongera akiza abarwaye+. 12  Butanguye kwira, bamwe cumi na babiri baraza, bamubwira bati: «Rungika abo bantu baje mu mihana no mu bigwati vyo mu micungararo kurondera uburaro n’ivyo kurya, kuko ng’aha turi mu gahinga+ 13  Mugabo ababwira ati: «Mwebwe nimubahe ivyo barya+.» Bamwishura bati: «Nta kindi dufise atari imikate itanu n’udufi tubiri. Kiretse twebwe tugiye tukagurira abo bantu bose ivyo barya.» 14  Hariho nk’abagabo 5.000. Mugabo abwira abigishwa biwe ati: «Nimubicarike mu migwi y’abantu nka mirongo itanitanu.» 15  Baca bagira ukwo nyene, barabicarika bose. 16  Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru maze arabihezagira. Aca arabimanyagura, atangura kubihereza abigishwa, na bo babiha iryo sinzi. 17  Bose bararya barahaga, hanyuma begeranya utumanyu twasigaye, twuzura ibiseke 12+. 18  Mu nyuma, igihe yariko arasenga ari wenyene, abigishwa biwe baza aho ari maze ababaza ati: «Abantu bavuga ko ndi nde+ 19  Bamwishura bati: «Bamwe bavuga ngo uri Yohani Umubatizi, abandi ngo uri Eliya, abandi na bo ngo uri umwe mu bahanuzi ba kera yazutse+ 20  Aca ababaza ati: «Mweho muvuga ko ndi nde?» Petero amwishura ati: «Uri Kristu w’Imana+ 21  Aca arabihanikiriza ashimitse ngo ntihagire umuntu n’umwe babibwira+. 22  Yongerako ati: «Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwankwa n’abashingantahe, abakuru b’abaherezi n’abanditsi, hanyuma akicwa+ maze akazurwa ku musi ugira gatatu+ 23  Araheza abwira abantu bose ati: «Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke+, yikorere igiti ciwe co kubabarizwako* ku musi ku musi, hanyuma agume ankurikira+. 24  Kuko uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura, ariko uwubuheba kubera jewe ni we azoburokora+. 25  Mu vy’ukuri, bimaze iki kwunguka isi yose ariko ukahasiga ubuzima canke ukamererwa nabi+? 26  Uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni na we niyaza mu buninahazwa bwiwe hamwe n’ubwa Se n’ubw’abamarayika beranda+. 27  Ariko ndababwije ukuri, bamwe mu bari ng’aha ntibazogenda bapfuye* batabanje kubona Ubwami bw’Imana+ 28  Haciye imisi umunani avuze ivyo bintu, ahitana Petero, Yohani na Yakobo, maze aduga ku musozi gusenga+. 29  Ariko arasenga, mu maso hiwe harahinduka, impuzu ziwe na zo zirera, zisigara zica ibibatsi. 30  Ubwo nyene baza babona abagabo babiri bariko bavugana na we. Yari Musa na Eliya. 31  Baboneka bafise ubuninahazwa, maze batangura kuvugana ibijanye n’ukugenda kwiwe akava mw’isi, kukaba kwategerezwa kubera i Yeruzalemu+. 32  Petero n’abari kumwe na we bari baremerewe n’itiro. Mugabo bikanguye, babona ubuninahazwa bwiwe+ na ba bagabo babiri bari kumwe na we. 33  Nya bagabo bavanye na Yezu, Petero aca amubwira ati: «Mwigisha, ni vyiza cane kuba turi ng’aha. Reka rero twubake amahema atatu: rimwe ryawe, irindi rya Musa n’irindi rya Eliya.» Ariko ntiyatahura ivyo ariko aravuga. 34  Akiriko aravuga, haca haza igicu gitangura kubatwikira. Ico gicu gitanguye kubatwikira, baca bagira ubwoba. 35  Haca humvikana ijwi+ rivuye muri nya gicu riti: «Uyu ni Umwana wanje, uwo natoye+. Nimumwumvirize+ 36  Iryo jwi rikiriko riravuga, babona Yezu ari wenyene. Mugabo baguma bahoze, kandi bamaze imisi ata muntu n’umwe barabwira ivyo babonye+. 37  Bukeye, bamanutse bavuye ku musozi, isinzi ry’abantu rica riza gutegera Yezu+. 38  Umugabo umwe ari muri iryo sinzi aca arasemerera ati: «Mwigisha, ndakwinginze ufashe* umuhungu wanje, kuko ndamufise ari umwe gusa+. 39  Impwemu mbi iramufata, ubwo nyene agaca akoma induru. Iramujegeza, akabimba ifuro mu kanwa kandi imuvamwo bigoranye ibanje kumukomeretsa. 40  Ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane, ariko ntibabishoboye.» 41  Yezu aca avuga ati: «Mbega urunganwe* rw’abantu batagira ukwizera kandi bononekaye+! Nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Zana uwo muhungu wawe ng’aha+ 42  Mugabo n’igihe nyene yariko aregera, iyo dayimoni ica iramukubita hasi, iramujegeza cane. Ariko Yezu aca arakankamira iyo mpwemu mbi* maze akiza uwo muhungu, amushikiriza se wiwe. 43  Abantu bose baca batangazwa cane n’ububasha bukomeye bw’Imana. Bose bagitangariye ibintu vyose yariko arakora, Yezu aca abwira abigishwa biwe ati: 44  «Nimwumvirize neza kandi mwibuke iki kintu: Umwana w’umuntu azotangwa mu maboko y’abantu+ 45  Mugabo ntibatahuye ivyo yariko aravuga. Nkako, barabihishijwe ngo ntibabitahure, kandi baratinya kumubaza ibibazo ku bijanye n’ico kintu. 46  Intumwa zica zitangura guharira zirondera kumenya uwari mukuru muri bo+. 47  Yezu amenya ivyo bariko bariyumvira, aca afata umwana mutoyi, amuhagarika iruhande yiwe 48  maze ababwira ati: «Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi kubera izina ryanje, na jewe aba anyakiriye. Kandi uwo wese anyakiriye, aba yakiriye n’uwantumye+. Kuko uwifata nk’umuntu mutoyi muri mwebwe mwese ari we mukuru+ 49  Yohani aca avuga ati: «Mwigisha, twabonye umuntu yariko yirukana amadayimoni mw’izina ryawe, duca tugerageza kumubuza kubera atariko aragukurikira hamwe natwe+ 50  Ariko Yezu amwishura ati: «Ntimugerageze kumubuza, kuko uwutabarwanya aba abashigikiye.» 51  Kubera ko igihe c’uko Yezu ajanwa mw’ijuru+ cari cegereje*, yari yiyemeje kuja i Yeruzalemu. 52  Aca arungika bamwe mu ntumwa ziwe kugira babe barategura ibintu imbere y’uko ashika. Nuko baragenda maze binjira mu kigwati c’Abasamariya. 53  Ariko abantu bo muri ico kigwati ntibamwakiriye+, kuko yari yiyemeje kuja i Yeruzalemu. 54  Abigishwa biwe, ari bo Yakobo na Yohani+ babibonye, baca bavuga bati: «Mukama, ushaka duhamagare umuriro uve mw’ijuru ubarigate+ 55  Yezu aca arahindukira, arabakarira. 56  Baca baja mu kindi kigwati. 57  Bari mu nzira, umuntu umwe amubwira ati: «Nzogukurikira iyo uzoja hose.» 58  Yezu amwishura ati: «Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo, n’inyoni zirafise ivyari. Ariko Umwana w’umuntu ntagira aho aryamika umusaya+ 59  Aca abwira uwundi ati: «Nkurikira!» Na we amwishura ati: «Mukama, reka mbanze nje guhamba dawe+ 60  Mugabo Yezu amwishura ati: «Reka abapfuye+ bahambe abapfuye babo. Wewe genda utangaze hose Ubwami bw’Imana+ 61  Uwundi na we abwira Yezu ati: «Mukama, nzogukurikira. Ariko banza undeke nje gusezera abo mu rugo rwanje.» 62  Yezu amwishura ati: «Umuntu afashe isuka* hanyuma akaraba ibiri inyuma+, ntaba abereye Ubwami bw’Imana+

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «ifeza.»
Canke «impuzu zibiri.»
Ni Herodi Antipa. Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «ntibazogenda bahonjeje urupfu.»
Mu kigiriki havuga ngo «undabire.»
Canke «iyaruka.»
Canke «ihumanye.»
Mu kigiriki havuga ngo «cagira cuzure.»
Canke «isuka irimishwa n’ibitungwa.»