Mariko 7:1-37

  • Yezu yiyamiriza imigenzo y’abantu (1-13)

  • Ibiva mu mutima ni vyo bihumanya umuntu (14-23)

  • Ukwizera kw’umugore w’i Sirofenisiya (24-30)

  • Yezu akiza umugabo w’umuragi (31-37)

7  Abafarizayo n’abanditsi bamwebamwe bari bavuye i Yeruzalemu, bakoranira aho Yezu ari+.  Babona bamwe mu bigishwa biwe barisha intoke zihumanye, ni ukuvuga intoki zidakaravye*.  (Abafarizayo n’Abayuda bose ntibarya batabanje gukaraba iminwe gushika mu nkokora, kugira bumire ku migenzo y’aba kera.  Iyo bavuye mw’isoko, ntibashobora kurya batabanje gukaraba. Hari n’iyindi migenzo myinshi bahawe kandi bakayumirako, nko kwinika* mu mazi ibikombe, amajage* canke ibikoresho vy’umujumpu+.)  Abo Bafarizayo n’abanditsi rero bamubaza bati: «Kubera iki abigishwa bawe badakurikiza imigenzo y’aba kera, mugabo bakarisha intoke zihumanye+  Abishura ati: «Mwa biyorobetsi mwe! Umuhanuzi Yesaya ntiyihenze igihe yavuga ibiberekeye ati: “Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, mugabo umutima wabo uri kure yanje rwose+.  Bansengera ubusa, kuko inyigisho zabo zishingiye ku mabwirizwa y’abantu+.”  Mureka ibwirizwa ry’Imana, mukumira ku migenzo y’abantu+  Yongera kubabwira ati: «Mwigiza inyuma ibwirizwa ry’Imana ku rwenge kugira mwumire ku migenzo yanyu+. 10  Nk’akarorero, Musa yavuze ati: “Tera iteka so wawe na nyoko wawe+.” Yavuze kandi ati: “Uwututse se canke nyina ategerezwa gupfa+.” 11  Mugabo mwebwe muvuga ngo: “Umuntu arashobora kubwira se canke nyina ati: ‘Ibintu vyose nari mfise nogufashisha ni korubani (ni ukuvuga ishikanwa ryeguriwe Imana).’” 12  Ntimuba mukimuretse ngo agire ikintu na kimwe afasha se canke nyina+. 13  Ukwo ni ko mwatituye ijambo ry’Imana kubera imigenzo yanyu mwagiye murahererekana+, kandi hari n’ibindi vyinshi nk’ivyo mukora+ 14  Yongera guhamagara isinzi ry’abantu ngo rize aho ari, ababwira ati: «Nimunyumvirize mwese kandi mutahure neza ico ndababwiye+. 15  Nta kintu na kimwe cinjira mu muntu gishobora kumuhumanya, ahubwo ibimuvamwo ni vyo bimuhumanya+ 16 * —— 17  Amaze kwinjira mu nzu kure y’isinzi ry’abantu, abigishwa biwe batangura kumubaza ibijanye n’ico kigereranyo+. 18  Ababwira ati: «Mbega na mwebwe nta bwenge mugira? Ntimuzi ko ata kintu na kimwe co hanze cinjiye mu muntu gishobora kumuhumanya? 19  Erega nticinjira mu mutima, ahubwo gica mu mushishito hanyuma kikabandanya kwa surwumwe.» Aho yari yerekanye ko ibifungurwa vyose bidahumanye. 20  Yongera kubabwira ati: «Ibisohoka bivuye mu muntu ni vyo bimuhumanya+. 21  Kuko imbere mu mutima w’umuntu+ ari ho hava ivyiyumviro bibi: ubusambanyi*, kwiba, kwica, 22  kurenga ibigo, umwina, ubukozi bw’ikibi, ububeshi, inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*, inzigo, gutuka Imana*, ubwibone n’inyifato y’ubupfu*. 23  Ivyo bintu bibi vyose biva imbere mu muntu kandi ni vyo bimuhumanya.» 24  Aca ava ng’aho aja mu karere ka Tiro na Sidoni+. Hanyuma ashitseyo, yinjira mu nzu. Ntiyashaka ko hagira umuntu n’umwe abimenya, ariko ntivyashobotse ko batamubona. 25  Ubwo nyene, umugore yari afise agakobwa karimwo impwemu mbi*, yumvise ibimwerekeye, aca araza apfukama* imbere y’ibirenge vyiwe+. 26  Uwo mugore yari Umugirikikazi yavukiye i Sirofenisiya, kandi yaguma asaba Yezu ngo akure iyo dayimoni mu mukobwa wiwe. 27  Mugabo Yezu amubwira ati: «Banza ureke abana bahage, kuko atari vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera utubunda tw’imbwa+ 28  Na we amwishura ati: «Ego mushinganta, ariko utubunda aho turi munsi y’imeza, twirira utuvunji dukorotse tuvuye ku mikate y’abana batoyi.» 29  Aca amubwira ati: «Ko uvuze ivyo, niwitahire. Idayimoni yamaze kuva mu mukobwa wawe+ 30  Aca arataha, asanga ka gakobwa kiwe karyamye ku gitanda, ya dayimoni yakavuyemwo+. 31  Nuko Yezu ava mu karere ka Tiro aciye i Sidoni, hanyuma agaruka ku kiyaga ca Galilaya aciye mu karere ka Dekapoli*+. 32  Ari ng’aho, bamuzanira umugabo atumva kandi atavuga neza+, baramwinginga ngo amurambikeko ibiganza. 33  Aca amujana ahantu hiherereye, hirya y’isinzi ry’abantu. Araheza akoza intoke ziwe mu matwi y’uwo mugabo, azicirako amate, aca amukora ku rurimi+. 34  Hanyuma arangamiza mw’ijuru, ariruhutsa cane maze avuga ati: «Efata», ni ukuvuga ngo «Zibuka.» 35  Amatwi yiwe aca arazibuka+ n’ingorane yari afise yo kutavuga ica irahera, aca atangura kuvuga neza. 36  Yezu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babibwira+. Ariko uko yabihanikiriza, ni ko barushiriza kubitangaza+. 37  Emwe abantu barumirwa bimwe bidasanzwe+, bavuga bati: «Akora ibintu vyose neza. Mbere n’abatumva barasubira kwumva, abatavuga na bo bakavuga+

Utujambo tw'epfo

Ntibisobanura ko barya badakaravye, ahubwo ntibakaraba bisunze imigenzo y’Abayuda.
Canke «kubatiza.»
Canke «amabirika.»
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «kurogota.»
Canke «y’ubusazi.»
Canke «impwemu ihumanye.»
Canke «yikubita.»
Canke «mu karere k’ibisagara cumi.»