Matayo 2:1-23

  • Abaragurisha inyenyeri baza kumuraba (1-12)

  • Bahungira mu Misiri (13-15)

  • Herodi yica abana b’abahungu (16-18)

  • Bagaruka i Nazareti (19-23)

2  Yezu amaze kuvukira i Betelehemu+ muri Yudaya mu gihe c’umwami Herodi*+, hari abantu baragurisha inyenyeri* baje i Yeruzalemu bavuye mu buseruko,  maze bavuga bati: «Uwo mwami w’Abayuda yavutse ari hehe+? Twabonye inyenyeri yiwe igihe twari mu buseruko, none tuje kumwunamira.»  Umwami Herodi n’ababa i Yeruzalemu bose bavyumvise baca bahagarika umutima.  Aca akoranya abakuru b’abaherezi bose n’abanditsi b’iryo hanga, ababaza aho Kristu* yovukiye.  Bamwishura bati: «I Betelehemu+ muri Yudaya, kuko ivyo ari vyo umuhanuzi yanditse ati:  “Nayo wewe ga Betelehemu yo mu Buyuda, nturi igisagara ata co kivuze kuruta ibindi kuri ba buramatari bo mu Buyuda, kuko muri wewe hazova uwuganza, akaragira abantu banje b’Abisirayeli+.”»  Herodi aca atumako mu mpisho ba bantu baragurisha inyenyeri, ababaza neza igihe ya nyenyeri yabonekeye.  Araheza abarungika i Betelehemu, maze ababwira ati: «Genda murondere neza aho uwo mwana ari. Nimwamutora, muce mugaruka mumbwire kugira nanje ngende kumwunamira.»  Aho bumviye ivyo umwami ababwiye, baca bafata inzira baragenda. Ya nyenyeri bari babonye igihe bari mu buseruko+ ica ibagendera imbere, gushika ihagaze hejuru y’aho uwo mwana ari. 10  Babonye iyo nyenyeri, baranezerwa cane. 11  Binjiye mu nzu, babona wa mwana mutoyi ari kumwe na nyina wiwe Mariya, baca barapfukama baramwunamira. Baraheza batekurura ubutunzi bwabo, maze bamushikanira ingabire: inzahabu, imibavu* n’imira*. 12  Ariko kubera yuko Imana yari yababuriye mu ndoto+ ngo ntibasubire kwa Herodi, baca basubira mu gihugu iwabo baciye mu yindi nzira. 13  Bamaze kugenda, umumarayika wa Yehova* abonekera Yozefu mu ndoto+, amubwira ati: «Tora uwo mwana na nyina wiwe maze uhungire mu Misiri, ugumeyo gushika ngize ico ndakubwira, kuko Herodi agira arondere uwo mwana kugira amwice.» 14  Yozefu aca arahaguruka, atora uwo mwana na nyina wiwe maze ahungira mu Misiri mw’ijoro. 15  Aguma mu Misiri gushika Herodi apfuye. Ivyo vyatumye haranguka ivyo Yehova* yavuze biciye ku muhanuzi wiwe ati: «Nahamagaye umwana wanje ngo ave mu Misiri+ 16  Herodi abonye ko ba bantu baragurisha inyenyeri bari bamuhenze, arashavura cane. Aca atanga itegeko ry’uko bica abana bose b’abahungu b’i Betelehemu no mu micungararo yaho, kuva ku bafise imyaka ibiri kumanuka. Ivyo yabigize yisunze igihe ba bantu baragurisha inyenyeri bari bamubwiye+. 17  Haciye haranguka ivyo umuhanuzi Yeremiya yavuze ati: 18  «I Rama harumvikanye ijwi, amarira n’amaborogo menshi. Yari Rasheli+ ariko aririra abana biwe, kandi yaranse guhozwa kuko batakiriho+ 19  Herodi amaze gupfa, umumarayika wa Yehova* aca abonekera Yozefu mu ndoto+ ari mu Misiri, 20  amubwira ati: «Haguruka, utore uwo mwana na nyina wiwe maze usubire muri Isirayeli, kuko abariko barondera ubuzima bw’uwo mwana bapfuye.» 21  Aca arahaguruka, atora uwo mwana na nyina wiwe maze asubira muri Isirayeli. 22  Ariko yumvise ko Arukelayo ari we yatwara i Yudaya mu kibanza ca se wiwe Herodi, aca aratinya kujayo. Vyongeye, kubera ko Imana yari yamuburiye mu ndoto+, aca aja mu karere ka Galilaya+. 23  Araheza aba mu gisagara citwa Nazareti+, kugira haranguke ivyo abahanuzi bari baravuze ngo: «Azokwitwa Umunyanazareti*+

Utujambo tw'epfo

Canke «hari abamajusi.»
Canke «Mesiya», «Uwarobanuwe.»
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
Iryo zina rishobora kuba ryavuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «umuvyaro», «umunago.»