Matayo 20:1-34
20 Ubwami bwo mw’ijuru rero bumeze nka nyene urugo yazindutse mu gatondo ka kare kurondera abakozi bakora mu murima wiwe w’imizabibu+.
2 Bamaze kwumvikana ko abahemba idenariyo* ku musi, aca abarungika mu murima wiwe w’imizabibu.
3 Yongera kugenda nka satatu*, asanga abandi bahagaze kw’isoko ata kazi bafise.
4 Ababwira ati: “Na mwebwe nimuje gukora mu murima wanje w’imizabibu. Ndabaha impembo ibereye.”
5 Baca baragenda. Yongera kugenda nka sasita* na sacenda*, agira nka kwa kundi nyene.
6 Ubwa nyuma, yongera kugenda nka sakumi n’imwe*, asanga abandi bahagaze ha handi. Ababaza ati: “Kubera iki mwiriwe muhagaze ng’aho ata co muriko murakora?”
7 Bamwishura bati: “Ni uko ata waduhaye akazi.” Aca ababwira ati: “Na mwebwe nimuje gukora mu murima wanje w’imizabibu.”
8 Hageze ku mugoroba, nyene umurima abwira uwujejwe abakozi ati: “Hamagara abakozi ubahe impembo yabo+, uhereye ku ba nyuma uja ku ba mbere.”
9 Abahawe akazi sakumi n’imwe zo ku mugoroba baje, umwe wese aronka idenariyo imwimwe.
10 Abahawe akazi ubwa mbere baje, baca biyumvira ko baronka menshi. Ariko na bo nyene baronka idenariyo imwimwe.
11 Bayironse, baca batangura kwidodombera nyene urugo bati:
12 “Aba ba nyuma bakoze isaha imwe gusa, ariko ubahaye ayangana n’ay’iwacu, kandi twe twiriwe turakora dukubitwa n’izuba!”
13 Mugabo yishura umwe muri bo ati: “Mugenzi, sindakurenganije. None ntitwumvikanye ko ndaguhemba idenariyo+?
14 Tora ivyawe wigire. N’aba ba nyuma nshaka kubaha ayangana n’ayo ndaguhaye.
15 None simfise uburenganzira bwo gukoresha ivyanje uko nshaka? Canke ugize ishari* kubera ndi umuntu mwiza*+?”
16 Ukwo ni ko aba nyuma bazoba aba mbere, aba mbere na bo bakaba aba nyuma+.»
17 Igihe Yezu yariko aduga i Yeruzalemu, atora ba bigishwa biwe 12 arabihereranya, ababwirira mu nzira+ ati:
18 «Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azotabwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi. Bazomucira urwo gupfa+,
19 bamushire mu maboko y’abanyamahanga kugira bamutyekeze, bamushishagure hanyuma bamumanike ku giti+. Ariko azozurwa ku musi ugira gatatu+.»
20 Maze muka Zebedayo*+ aramwegera ari kumwe n’abahungu biwe, hanyuma aramwunamira* kugira amusabe ikintu+.
21 Yezu amubaza ati: «Ushaka iki?» Na we amwishura ati: «Nyemerera ko aba bahungu banje babiri bazokwicarana nawe mu Bwami bwawe, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe+.»
22 Yezu aca avuga ati: «Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe ngira nyweremwo+?» Bamwishura bati: «Twobishobora.»
23 Na we ababwira ati: «Igikombe canje muzokinywako koko+, mugabo ivyo kwicara iburyo bwanje n’ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange. Ni ivy’abo Dawe yabiteguriye+.»
24 Abandi cumi basigaye bavyumvise, baca bashavurira abo babiri bavukana+.
25 Ariko Yezu arabahamagara, ababwira ati: «Murazi ko abatware b’amahanga bayatwaza umukazo, be n’uko abakomakomeye bayereka ko bayafiseko ububasha+.
26 Si ko bikwiye kumera muri mwebwe+. Ahubwo uwushaka kuba mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+,
27 kandi uwushaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wanyu+,
28 nk’uko n’Umwana w’umuntu ataje kugira akorerwe, ahubwo yaje kugira akorere abandi+ no gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure benshi+.»
29 Bavuye i Yeriko, isinzi rinini riramukurikira.
30 Hanyuma abagabo babiri b’impumyi bari bicaye iruhande y’inzira, bumvise ko Yezu ariko ararengana, baca barasemerera bati: «Mukama, tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi+!»
31 Iryo sinzi rica rirabakarira, ribabwira ngo bahore. Mugabo barushirizaho gusemerera bati: «Mukama, tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi!»
32 Yezu aca arahagarara, arabahamagara, ababaza ati: «Mushaka ndabagirire iki?»
33 Na bo bamwishura bati: «Mukama, amaso yacu nahumuke.»
34 Yezu bimutera ikigongwe, aca akora ku maso yabo+, ubwo nyene baca barahumuka, hanyuma baramukurikira.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya B14.
^ Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 3.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 6.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 9.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «nko kw’isaha igira 11.»
^ Canke «umuntu atanga cane.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ugize ijisho ribi.»
^ Canke «yikubita imbere yiwe.»
^ Canke «nyina w’abahungu ba Zebedayo.»