Tito 3:1-15
3 Ubandanye kubibutsa kuyobokera no kugamburukira intwaro n’abakuru+, kuba abiteguriye igikorwa ciza cose,
2 kutagira uwo bavuga nabi, kutaba abanyamahane, ahubwo babe abantu batadadaza*+, bama berekana ubwitonzi ku bantu bose+.
3 Kuko na twebwe kera twari abantu b’imburabwenge, bagambarara, bazimiye, turi abaja b’ivyipfuzo n’ibinezereza bitandukanye, turi abantu babi, b’abanyeshari, bashisha kandi bankana.
4 Ariko igihe ubuntu bw’Imana+, yo Mukiza wacu, n’urukundo ifitiye abantu vyerekanwa
5 (bivuye ku mbabazi zayo+, atari kubera ibikorwa bigororotse twari twarakoze+), yaradukijije mu kutwuhagiza amazi yatumye tugira ubuzima+. Yadukijije kandi mu kutugira bashasha biciye ku mpwemu nyeranda+.
6 Iyo mpwemu yayidusutseko ku bwinshi biciye kuri Yezu Kristu Umukiza wacu+,
7 kugira ngo tumaze kwitwa abagororotsi bivuye ku buntu bwiwe buhebuje*+, tube ba samuragwa+ dufise icizigiro c’ubuzima budahera+.
8 Aya majambo ni ayo kwizigirwa, kandi ndipfuza ko wama ushimika kuri ivyo bintu kugira ngo abemeye Imana bashire umutima ku kwama bakora ibikorwa vyiza. Ivyo birabereye kandi biragirira akamaro abantu.
9 Mugabo wirinde rwose impari z’ubupfu, ivyo kurondera amamuko, amahane n’intambara zijanye n’amategeko*, kuko ata co vyungura umuntu kandi nta kamaro bifise+.
10 Nayo ku vyerekeye umuntu ashaka kuzana ivy’akagwi k’idini+, umwamirire kure+ niwamara kumukebura* ubwa mbere n’ubwa kabiri+,
11 uzi yuko mwene uyo muntu yataye inzira kandi ko ariko aracumura, akaba yicira urubanza.
12 Ninakurungikira Arutema canke Tikiko+, uze ukore uko ushoboye kwose unsange i Nikopoli kuko ari ho nahisemwo kumara urushana.
13 Witwararike Zena wa muhanga mu vy’amategeko na Apolo, ubaronse ivyo bakeneye kugira ngo ntihagire ivyo bakena mu rugendo rwabo+.
14 Mugabo abantu bacu na bo nyene nibige kuguma bakora ibikorwa vyiza, kugira ngo bagire ico bafashije iyo hari ibikenewe vyihuta+, ntibabe abantu batama ivyiza+.
15 Abari kumwe nanje bose barakuramutsa. Undamukirize abadukunda bari mu kwizera.
Ubuntu buhebuje bubane namwe mwese.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «bakora ibitegereka», «batumira ku vyiyumviro vyabo», «batarenza urugero.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Ni ukuvuga amategeko ya Musa.
^ Canke «kumuburira.»