Yeremiya 5:1-31

  • Abantu banka ko Yehova abatoza indero (1-13)

  • Azobatikiza ariko ntazobamara (14-19)

  • Yehova agira ico abaza abantu (20-31)

5  Nimunyuragire mu mabarabara y’i Yeruzalemu, murabe hirya no hino, mwitegereze. Nimurondere mu bibanza rusangi vyaho,murabe yuko hari umuntu mwobona akurikiza ubutungane+,umuntu yihatira kuba umwizigirwa,nanje nzoca ndabaharira.   N’igihe bavuze ngo: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima!», baba bariko barahira ibinyoma+.   Ewe Yehova, mbega amaso yawe ntarondera ubwizigirwa+? Warabakubise mugabo nta co vyababwiye*. Warabatikije mugabo ntibemeye gutozwa indero+. Mu maso habo bahakomantaje kurusha urutare+,banka guhindukira+.   Mugabo nibwiye nti: «Vy’ukuri bategerezwa kuba ari banyarucari. Bakora ivy’ubupfu kuko batazi inzira ya Yehova,batazi ubutungane bw’Imana yabo.   Ngira nje rero ku bahambaye, mvugane na bo,kuko bobo bategerezwa kuba baritayeho kumenya inzira ya Yehova,bakamenya ubutungane bw’Imana yabo+. Ariko nasanze bose baravunaguye igiti co kwikoreza imizigo*,bavutagura imigozi.»   Ni co gituma baterwa n’intambwe ivuye mu kibira,ibingira yo mu biyaya vy’ubugaragwa ikaguma yiha inkumbi muri bo,ingwe na yo ikaguma irikanuye hafi y’ibisagara vyabo. Uwusohotse wese aca atabagurwa. Bibashikira kubera ibicumuro vyabo ari vyinshi,n’ubuhemu bwabo bukaba bwaragwiriye+.   Noshobora gute kukubabarira ico kintu? Abahungu bawe barantaye,kandi barahira ibitari Imana+. Narabahaye ivyo bakeneye,mugabo bagumye barenga ibigo,bakaja ku nzu y’umumaraya ari umugwi.   Bameze nk’amafarasi yuzuye inambu ashaka kwimya.Umwe wese yabira nk’ifarasi, yipfuza umugore wa mugenziwe+.   «Mbega sinkwiye kugira ico ndababaza kubera ivyo bintu?», ni ko Yehova avuze. «Mbega sinkwiye kwihora ihanga rimeze gutyo+ 10  «Nimuduge mu mikobeko yiwe y’imizabibu muyihonye,mugabo ntimuyimare yose+. Nimukureho imivyaro yiwe ikinaga,kuko atari iya Yehova. 11  Kuko ihanga rya Isirayeli n’Ubuyudabampemukiye rwose», ni ko Yehova avuze+. 12  «Barihakanye Yehova, kandi baguma bavuga ngo:“Nta co azokora*+. Nta vyago bizodushikira,kandi nta nkota canke inzara tuzobona+.” 13  Ivyo abahanuzi bavuga ni umuyaga gusa,nta jambo* riri muri bo. Barakamera nk’uwo muyaga.» 14  Yehova Imana Nyeningabo avuze rero ati: «Kubera ko abo bantu bavuga ivyo,ngira ntume amajambo yanje aba umuriro mu kanwa kawe+,aba bantu na bo babe inkwi,maze uwo muriro ubarigate+ 15  Yehova avuze ati: «Ehe ngira ndabazaneko ihanga ndarikuye kure, yemwe Bisirayeli+. Ni ihanga rimaze igihe kirekire. Ni ihanga rya kera,ihanga rivuga ururimi utazi,kandi rivuga ibintu udashobora gutahura+. 16  Agasaho kabo k’imyampi kameze nk’imva irangaye.Bose barazi kurwana. 17  Bazorya umwimbu wawe n’umukate wawe+. Bazokwica abahungu bawe n’abakobwa bawe. Bazorya ibitungwa vyawe bitobito na bininibinini. Bazorya imizabibu yawe n’imisukoni yawe. Ibisagara vyawe wizigiye bikingijwe ibihome, bazobisambuza ibirwanisho vyabo.» 18  Yehova avuze ati: «Mugabo no muri ico gihe sinzobatikiza ngo ndabamare+. 19  Kandi nibabaza bati: “Kubera iki Yehova Imana yacu yadukoreye ivyo bintu vyose?” Uze ubishure uti: “Kubera ko mwampevye, mugakorera imana y’inyamahanga mu gihugu canyu, rero muzokorera abanyamahanga mu gihugu kitari icanyu+.”» 20  Nimumenyeshe ibi abakomoka kuri Yakobo,mubitangaze no mu Buyuda muti: 21  «Nimwumve ibi, yemwe bantu b’ibipfu mutagira ubwenge*+, mufise amaso mugabo ntimubone+,mufise amatwi mugabo ntimwumve+. 22  Yehova avuze ati: “Mbega ntimuntinya?Mbega ntimwari mukwiye kujugumira imbere yanje? Ni jewe nashizeho umusenyi ngo ubere ikiyaga urubibe,nshinga itegeko ntabanduka kidashobora kurenga. Naho imipfunda yaco isuriranya, ntishobora kunesha.Naho iroha, na ho nyene ntishobora kurengana+. 23  Mugabo aba bantu bafise umutima w’intagondwa kandi ugarariza.Barakebeje bafata inzira yabo bwite+. 24  Kandi ntibibwira mu mutima ngo: ‘Ubu rero nimuze dutinye Yehova Imana yacu,Umwe atanga imvura mu gihe cayo,yaba imvura y’agatasi canke y’impeshi,Umwe atuma dushobora kuronka amayinga y’iyimbura+.’ 25  Amakosa yanyu ni yo yatumye mutaronka ivyo bintu.Ibicumuro vyanyu ni vyo vyababujije kwironkera ivyiza+. 26  Kuko mu bantu banje harimwo ababisha. Baguma bareretse nka kurya abatega inyoni babunda. Batega umutego wica, bagacakira abantu. 27  Inzu zabo zuzuye ububeshi+nka kurya kw’akazu kuzuye inyoni. Ni co gituma basigaye ari abantu bakomeye kandi batunze. 28  Basigaye badoshe, bafise akabiri karemvye.Ikibi cabo caruzuye kirarenga. Ntibaburanira impfuvyi+.Bironderera inyungu zabo bwite,kandi ntibatunganiriza aboro+.”» 29  «Mbega sinkwiye kugira ico ndababaza kubera ivyo bintu?», ni ko Yehova avuze. «Mbega sinkwiye kwihora ihanga rimeze gutyo? 30  Hari ikintu c’akumiza kandi giteye ubwoba cabaye mu gihugu: 31  abahanuzi bavuga ubuhanuzi bw’ibinyoma+,abaherezi bagakoresha ubukuru bwabo mu gukandamiza abandi. Kandi abantu banje barabikunda+. None muzobigenza gute iherezo niryaza?»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ntibabaye goyigoyi.»
Canke «baravunaguye ingogo.» Iyo ngogo igereranya ukuyobokera Imana.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntabaho.»
Ni ukuvuga ijambo ry’Imana.
Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»