Yobu 26:1-14
26 Yobu yishura ati:
2 «Ewe kuntu ufashije uwutagira utuguvu!
Ese ukuntu ukijije ukuboko kutagira inkomezi+!
3 Mbega ukuntu uhaye impanuro nziza umuntu atagira ubwenge+!
Ese ukuntu ushize ahabona cane ubukerebutsi nyabwo!
4 Ayo majambo uriko uyabwira nde?Ni nde atumye uvuga ivyo bintu*?
5 Abapfuye, barya ata co bagishoboye, barajugumira imbere y’Imana.Bari munsi y’amazi n’ibiba muri yo.
6 Ukuzimu kwambaye ubusa imbere y’Imana+.Irabona n’aho ibiziga bisangukira*.
7 Isanza ijuru* mu kirere+,isi ikayitereka ku busa gusa.
8 Itekera amazi mu bicu vyayo+,ku buryo ibicu bidasaturwa n’uburemere bwayo.
9 Ipfuka intebe yayo y’ubwami,ikayisanzako igicu cayo+.
10 Yashizeho urubibe* rutandukanya ijuru n’ikiyaga+,ishiraho urubibe rutandukanya umuco n’umwiza.
11 Inkingi z’ijuru ziranyiganyiga,zikajugumira zumvise ugukankama kw’Imana.
12 Ituma ikiyaga gisuriranya ikoresheje inguvu zayo+,ikajanjagura urukoko* rwo mu mazi ikoresheje ugutegera kwayo+.
13 Ituma ijuru riba irikeye ikoresheje impemu* zayo.Amaboko yayo atobekeranya inzoka igoye gufata*.
14 Erega utwo ni udusunwa gusa tw’inzira zayo+!Ivyo tumaze kwumva ku biyerekeye ni utwongoshwe gusa!
Ni nde none yotahura umuturagaro wayo ukomeye+?»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «ni impemu za nde zikuvuyemwo?»
^ Canke «irabona n’ikibanza c’agatikizo», «Abadoni.» Raba Insiguro y’amajambo (Abadoni).
^ Mu giheburayo havuga ngo «isanza uburaruko.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yaciye umuzingi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Rahabu.»
^ Canke «umuyaga.»
^ Canke «inyerera.»