Zaburi 104:1-35

  • Gushemeza Imana kubera ibintu bitangaje yaremye

    • Isi izokwamaho ibihe vyose (5)

    • Umuvinyu n’umukate biranezereza umuntu (15)

    • «Ese ukuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi!» (24)

    • «Iyo utwaye impwemu yavyo birapfa» (29)

104  Reka nshemeze Yehova+! Ewe Yehova Mana yanje, urahambaye cane+. Wisakaye icubahiro* n’ubwiza buhebuje+.   Witwikira umuco+ nk’impuzu,ugasanzura ijuru nk’ihema+.   Ushinga inkingi z’ivyumba vyawe mu mazi yo hejuru*+.Uhindura ibicu umukogote wawe+,ukagendera ku mababa y’umuyaga+.   Abamarayika bawe ubahindura impwemu,abasuku bawe ukabahindura umuriro utema ugatongora+.   Wateretse isi ku mushinge wayo+.Ntizokwigera iva mu kibanza cayo* gushika ibihe bidahera+.   Wayipfukishije amazi menshi nk’impuzu+. Amazi yari atwikiriye imisozi.   Warayakankamiye aca arahunga+.Yarumvise umuturagaro wawe aca agira ubwoba arahunga.   Imisozi yaciye iduga+, ibiyaya na vyo biramanuka,bija mu kibanza wabiteguriye.   Warayashingiye akarimbi ntarengwa+,kugira ntazokwigere asubira kurengera isi. 10  Urungika amazi mu myonga*,agatemba hagati y’imisozi. 11  Ibikoko vyose vyo mw’ishamba ni yo binywa,indogobwa zo mw’ishamba ni ho zizimya akanyota. 12  Inyoni zubaka ivyari mu biti biri iruhande yayo,zikaguma zijwiragira mu mashami yavyo azitanye. 13  Uvomera imisozi wibereye iyo hejuru*+, isi igahazwa n’ibivuye mu bikorwa vyawe+. 14  Umeza ubwatsi bw’inkan’ibiterwa abantu bikorako+kugira isi ibaronse ibifungurwa, 15  n’umuvinyu unezereza umutima w’umuntu+,amavuta atuma mu maso hayagayagahamwe n’umukate utuma umuntu aronka inguvu*+. 16  Ibiti vya Yehova biravomerewe neza*,amasederi y’i Libani ubwiwe yateye. 17  Aho ni ho inyoni zubaka ivyari. Ni ho agasoza kibera+ mu biti vy’imiberoshi*. 18  Impene zo mu misozi+ zibera mu misozi miremire,inkezi zo mu bitandara na zo zikibera mu bibuye vy’urutare+. 19  Washizeho ukwezi kugira kumenyekanishe ibihe,kandi izuba rirazi neza igihe rirengerako+. 20  Uzana umwiza, ijoro rikaba rigeze+.Ibikoko vyose vyo mw’ishamba bica bitangura gutembera. 21  Intambwe* ziraroha ziriko zirahiga+,zikarondera ivyo kurya Imana iziha+. 22  Iyo izuba riserutse,bica bija mu myobo yavyo bikiryamira. 23  Abantu baca baja ku bikorwa,bakirirwa barakora gushika ku mugoroba. 24  Ewe Yehova, ese ukuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi+! Vyose wabikoranye ubwenge*+. Isi yuzuye ivyo waremye. 25  Raba nk’akarorero ikiyaga kinini kandi cagutse:Cuzuyemwo ibinyabuzima bitagira igitigiri, bininibinini na bitobito+. 26  Ni co amato* agenderamwo,hamwe na Lewiyatani*+, iyo waremye ngo yiginagure muri co. 27  Vyose biguma biguhanze amasokugira ubigaburire igihe kigeze+. 28  Ico ubihaye cose biratora+. Upfumbaturura igipfunsi cawe ukabihaza ivyiza+. 29  Iyo uhishije mu maso hawe birajugumira. Iyo utwaye impwemu yavyo birapfa, bigasubira mu mukungugu+. 30  Urungika impwemu yawe bikaremwa+,ivyo kw’isi ukabihindura bishasha. 31  Ubuninahazwa bwa Yehova buzokwamaho ibihe vyose, kandi Yehova azonezererwa ibikorwa vyiwe+. 32  Araba isi ikajugumira,yakora ku misozi igafumba umwotsi+. 33  Nzoririmbira Yehova+ ubuzima bwanje bwose.Nzoririmbira amashemezo* Imana yanje igihe cose nzoba nkiriho+. 34  Ese ivyiyumviro vyanje vyomuhimbara*! Nzonezerwa kubera Yehova. 35  Abacumuzi bazozimangana kw’isi,kandi abanyakibi ntibazosubira kubaho+. Reka nshemeze Yehova. Shemeza Yehova*!

Utujambo tw'epfo

Canke «iteka.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu mazi.»
Canke «ntizokwigera inyiganyizwa.»
Canke «mu mibande.»
Canke «mu vyumba vyawe vyo hejuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «utuma umutima w’umuntu ugira inguvu.»
Canke «birahaze.»
Umuberoshi ni igiti gishaka kumera nk’akajwari. Mu gifaransa bacita genévrier.
Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»
Canke «ubukerebutsi.»
Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Canke «nzocurarangira.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ese yohimbarwa n’ukuntu nzirikana ibimwerekeye.»
Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»