Zaburi 146:1-10
146 Shemeza Yehova*+!
Reka nshemeze Yehova n’umutima wanje wose+!
2 Nzoshemeza Yehova ubuzima bwanje bwose.
Nzoririmbira amashemezo* Imana yanje igihe cose nzoba nkiriho.
3 Ntimwizigire umunyacubahiro*,canke umwana w’umuntu adashobora gutanga ubukiriro+.
4 Impwemu* yiwe iramuvamwo, akisubirira mw’ivu+.Uwo musi nyene ivyiyumviro vyiwe bigahera+.
5 Hahiriwe uwufise Imana ya Yakobo nk’umutabazi wiwe+,akizigira Yehova Imana yiwe+,
6 Umuremyi w’ijuru n’isi,ikiyaga n’ibintu vyose biri muri vyo+,umwe yama ari intahemuka ibihe vyose+,
7 agatunganiriza abanyazwe utwabo,kandi agaha ibifungurwa* abashonje+.
Yehova arabohora abapfunzwe*+.
8 Yehova arahumura amaso y’impumyi+.Yehova arahagurutsa abunamitswe n’ingorane+.Yehova arakunda abagororotsi.
9 Yehova arakingira ba kavamahanga,agashigikira impfuvyi n’abapfakazi+,ariko akaburabuza imigambi y’ababisha*+.
10 Yehova azoba Umwami ibihe vyose+.Ewe Siyoni, Imana yawe izoba Umwami gushika ibihe bidahera*.
Shemeza Yehova*!
Utujambo tw'epfo
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Canke «nzocurarangira.»
^ Canke «umuganwa.»
^ Canke «impemu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ababoshwe.»
^ Canke «agoramika inzira y’ababisha.»
^ Canke «uko urunganwe rugenda rurakurikirana.»
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»