Zaburi 28:1-9
-
Imana yarumvise isengesho ryiwe
-
«Yehova ni inkomezi zanje n’inkinzo yanje» (7)
-
Ni zaburi ya Dawidi.
28 Ewe Yehova gitandara canje, ni wewe nguma ntabaza+.Ntiwice amatwi.
Hamwe woguma wihoreye,noca mera nk’abamanuka mu cobo*+.
2 Niwumve ugutakamba kwanje igihe ndagutabajendugije amaboko ndayerekeza aheranda cane h’urusengero rwawe+.
3 Ntunjaniranye n’ababisha, barya bakora ibintu bibi+,barya bayaga nk’abagenzi* ariko mu mitima huzuye ikibi+.
4 Nubishure ibihuye n’ibikorwa vyabo+,ibikwiranye n’ibibi bakora.
Nubasubirize mu nkoko ibihuye n’ibikorwa vy’amaboko yabo,ibikwiranye n’ivyo bakoze+.
5 Kuko batitaho ibikorwa vya Yehova+canke ibikorwa vy’amaboko yiwe+.
Azobasambura kandi ntazobubaka.
6 Yehova nashemezwe,kuko yumvise ugutabaza kwanje.
7 Yehova ni inkomezi zanje+ n’inkinzo yanje+.Ni we umutima wanje wizigira+.
Yarantabaye kandi umutima wanje uranezerewe.Ni co gituma nzomushemeza mu kumuririmbira.
8 Yehova ni we nkomezi z’abantu biwe.Ni igihome gikomeye, ni we arokora uwo yarobanuje amavuta*+.
9 Nukize abantu bawe, uhezagire intoranwa yawe+.
Nubabere umwungere, ubaterure mu maboko gushika ibihe bidahera+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mu mva.»
^ Canke «bayaga amahoro.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).