Zaburi 50:1-23

  • Imana icira urubanza abagororotsi n’ababisha

    • Kugiranira isezerano n’Imana biciye ku bimazi (5)

    • «Imana ubwayo ni Umucamanza» (6)

    • Ibikoko vyose ni ivy’Imana (10, 11)

    • Imana ishira ku mugaragaro ababisha (16-21)

Ni zaburi ya Asafu+. 50  Yehova*, Imana iruta izindi mana+ aravuze.Akoranije isi yose,kuva mu buseruko gushika mu burengero.   Imana yasayanganye iri i Siyoni, igisagara c’ubwiza butagira akanenge+.   Imana yacu izoza, kandi ntishobora kuguma icereje+. Imbere yayo hari umuriro utema ugatongora+,kandi irya n’ino yayo hari igihuhusi gikaze+.   Ikoranije ijuru n’isi+kugira icire urubanza abantu bayo+. Ivuze iti:   «Nyegeraniriza intahemuka zanje,abagiranira nanje isezerano biciye ku bimazi+   Ijuru riratangaza ubugororotsi bwayo,kuko Imana ubwayo ari Umucamanza+. (Sela*)   Imana ivuze iti: «Nyumviriza bantu banje, ngira mvuge.Ewe Isirayeli, ngira ndakwagirize+. Jewe ndi Imana, Imana yawe+.   Singuhana kubera ibimazi vyawe,canke kubera amashikanwa aturirwa uko yakabaye wama unshikanira+.   Nta mpfizi zo mu nzu yawe nkeneye,canke impene* zo mu ruhongore rwawe+. 10  Kuko ibikoko vyose vyo mw’ishamba ari rwanje+,mbere n’ibiba ku misozi ibihumbi. 11  Ndazi inyoni zose zo ku misozi+.Ibikoko bidaharurika vyo mu gahinga vyose ni rwanje. 12  Hamwe noba nshonje, sinobikubwirakuko isi* n’ibiri kuri yo vyose ari rwanje+. 13  Mbega norya inyama z’impfizi z’inka,canke nkanywa amaraso y’impene+? 14  Ahubwo nushikanire Imana ugukenguruka+,kandi ushitse ivyo waraganiye Musumbavyose+. 15  Nuntabaze ku musi w’ivyago+. Nzogutabara maze nawe uninahaze+ 16  Ariko Imana izobwira umubisha iti: «Ni nde yaguhaye uburenganzira bwo kuvuga amategeko yanje+canke isezerano ryanje+? 17  Kuko wanka gukosorwa*,ukaguma usuzugura* amajambo yanje+. 18  Ubonye umusuma uramushima*+,kandi uguma ugendana n’abarenga ibigo. 19  Akanwa kawe kaguma gakwiragiza ibibi,kandi ikinyoma ntikiva ku rurimi rwawe+. 20  Uricara ukavuga nabi uwo muvukana+,ugashira ahabona amakosa ya mwenewanyu*. 21  Ivyo warabikoze nguma nihoreye,uca wibaza ko meze nkawe. Ubu rero ngira ndaguhanekandi nshire ahabona ivyo ndakwagiriza+. 22  Nimubizirikane rero, mwebwe mwibagira Imana+,kugira sindabatabagure ata wuhari wo kubatabara. 23  Uwushikana ugukenguruka nk’ikimazi ciwe ni we aninahaza+,kandi uwiyemeje gukora ibigororotsenzomuha kubona ubukiriro Imana itanga+

Utujambo tw'epfo

Canke «Imana nya Mana Yehova.»
Mu giheburayo havugwa ngo «amasuguru y’impene.»
Canke «isi yimbuka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ushiburira inyuma yawe.»
Canke «gutozwa indero», «kwigishwa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «urifatanya na we.»
Canke «ukambika ibara mwenewanyu.»