Zaburi 6:1-10
Ku mukuru w’abaririmvyi: ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya baregereye kw’ijwi ryo hasi*. Ni zaburi ya Dawidi.
6 Ewe Yehova, ntumpane washavuyekandi ntunkosore warakaye+.
2 Nunyumvire impuhwe* Yehova, kuko utuguvu twamperanye.
Nunkize ewe Yehova+, kuko natekewe n’ubwoba*.
3 Ni ukuri nataye umutwe birenze+,ku buryo nkubaza nti: bizoguma gutya gushika ryari ga Yehova+?
4 Ewe Yehova, nugaruke untabare+.Nunkize kubera urukundo* rwawe+.
5 Erega abapfuye ntibashobora kuvuga* ivyawe.Ni nde yogushemeza ari mu kuzimu+?
6 Narushe kubera ukuboroga+.Ijoro ryose ndara ndarira n’igitanda kikajoba.Uburiri bwanje bwatose kubera amosozi+.
7 Utwiso twaregeye kubera intuntu+,twayamye kubera abantu bose baguma bantoteza.
8 Mva iruhande mwese abakora ivy’ububisha.Erega Yehova azokwumva amarira yanje+.
9 Yehova azokwumva ugutakamba kwanje+.Yehova azokwemera isengesho ryanje.
10 Abansi banje bose bazomaramara bumirwe.Bazosubira inyuma ningoga kubera ibimaramare+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuri sheminiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Sheminiti).
^ Canke «nungirire ubuntu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuko amagufa yanje ariko arajugumira.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «kwibuka.»