A7
Ibintu nyamukuru vyabaye mu buzima bwa Yezu bwo kw’isi: Imbere y’uko Yezu atangura igikorwa ciwe
Uko ibivugwa mu Njili zine vyagiye birakurikirana
Ibi bicapo biri kumwe n’amakarata yerekana ingendo Yezu yagize igihe yamamaza inkuru nziza. Utumenyetso tw’imyampi turi ku makarata twerekana canecane iyo yagiye yerekeza, si inzira nyezina yaciyemwo.
Imbere y’uko Yezu atangura igikorwa ciwe
IGIHE |
IKIBANZA |
IVYABAYE |
MATAYO |
MARIKO |
LUKA |
YOHANI |
---|---|---|---|---|---|---|
Mu mwaka wa 3 M.K. |
Yeruzalemu, urusengero |
Umumarayika Gaburiyeli amenyesha Zakariya ivy’ivuka rya Yohani Umubatizi |
||||
Nko mu mwaka wa 2 M.K. |
Nazareti; Yudaya |
Umumarayika Gaburiyeli amenyesha Mariya ivy’ivuka rya Yezu; aja kuramutsa incuti yiwe Elizabeti |
||||
Mu mwaka wa 2 M.K. |
Imitumba y’i Yudaya |
Yohani Umubatizi avuka agahabwa izina; Zakariya avuga ubuhanuzi; Yohani yobaye mu bugaragwa |
||||
Mu mwaka wa 2 M.K., nko ku wa 1 Git. |
Betelehemu |
Yezu avuka; «Jambo acika umuntu» |
||||
Hafi y’i Betelehemu; Betelehemu |
Umumarayika amenyesha inkuru nziza abungere; abamarayika bashemeza Imana; abungere baza kuraba uruyoya |
|||||
Betelehemu; Yeruzalemu |
Yezu agenyerwa (ku musi ugira 8); abavyeyi bamuzana mu rusengero (haciye imisi 40) |
|||||
Mu mwaka wa 1 M.K. canke 1 N.K. |
Yeruzalemu; Betelehemu; Misiri; Nazareti |
Abaragurisha inyenyeri baja kumuraba; umuryango uhungira mu Misiri; Herodi yica abana b’abahungu; umuryango ugaruka uvuye mu Misiri ukaba i Nazareti |
||||
Mu mwaka wa 12 N.K., Pasika |
Yeruzalemu |
Yezu afise imyaka 12, ari ku rusengero abaza ibibazo abigisha |
||||
Nazareti |
Agaruka i Nazareti; aguma agamburukira abavyeyi; yiga kubaza; Mariya arafise abandi bahungu bane, hamwe n’abakobwa (Mt 13:55, 56; Mr 6:3) |
|||||
Mu 29, mu mpeshi |
Mu bugaragwa, uruzi Yorodani |
Yohani Umubatizi atangura igikorwa ciwe |