Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOGABANYA UMWITWARARIKO

Umwitwarariko ni iki?

Umwitwarariko ni iki?

Umwitwarariko ni ukuntu umubiri wakira ibintu bitoroshe bibaye. Ubwonko buratuma hahingurwa inkabuzo nyinshi (hormones) zigashwara umubiri wose. Ivyo bica bituma umutima utangura gutera cane, bikongereza umurindi w’amaraso, ugahezagirika canke impemu zigahera, imitsi na yo ikadadarara. Umuntu ataranamenya neza ibiriko biraba, umubiri uba wamaze kwitegurira urugamba. Igihe ibintu bishusha umutwe birangiye, umubiri uca ureka gutabaza, ugaturura.

UMWITWARARIKO MWIZA NA MUBI

Umwitwarariko ni ikintu ndemanwa kidufasha kwitegurira guhangana n’ibintu bigoye canke biteye akaga. Ivyo bitangurira mu bwonko. Umwitwarariko mwiza uradufasha kugira ico dukoze tudatebaganye. Urashobora no kugufasha gushikira imigambi yawe canke gukora ikintu neza, nk’igihe ukora ikibazo, igihe wishura ibibazo kugira uronke akazi canke igihe uri mu rukino kanaka.

Ariko rero, umwitwarariko w’igihe kinini, urenze urugero canke udahera urashobora kukugirira nabi. Igihe umubiri w’umuntu wama uriko uratabaza, yoshobora gutangura gusinzikara ku mubiri, mu mutima no mu bwenge. Inyifato yiwe, ushizemwo n’ukuntu afata abandi, vyoshobora kuza birahindagurika. Umwitwarariko udahera urashobora kandi gutuma atangura kuborerwa, kunywa ibiyayuramutwe, gukoresha nabi imiti, kutigerera ivyo afungura, kunywa itabi be n’izindi ngeso mbi. Woshobora no gutuma afatwa n’akabonge, akamana uburuhe canke akiyumvira ivyo kwiyahura.

Naho twese tutagira umwitwarariko cokimwe, urashobora kuduteza indwara zitandukanye. Vyongeye, urashobora kubangamira buri gihimba c’umubiri.