Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Ubwiza bwo ku mubiri

Ubwiza bwo ku mubiri

Igihe umuntu abona ubwiza mu buryo bubereye, birashobora gutuma yumva ahimbawe mu buzima.

Kubera iki dushima ubwiza?

Ubwonko bwacu buratuma tubona ubwiza. Ukuntu bubigenza biracari amayobera. Bibiliya ntisigura ingene bigenda, ariko irerekana igituma dufise ubushobozi bwo kubona ubwiza: ni uko Imana yaturemye mw’ishusho yayo. (Itanguriro 1:27; Umusiguzi 3:11) Ni yo kandi yaremye umubiri wacu mu buryo buhanitse, igihimba cose igiha ishusho idasanzwe n’igikorwa gitangaje. Ni vyo vyatumye umucuraranzi umwe wa kera avuga ati: “Nzoguhaya [Mana] kuko ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba.”Zaburi 139:14.

Ariko rero, muri iki gihe abantu benshi baritwararika ubwiza bimwe birenze urugero, ku ruhande rumwe bikaba biterwa n’ibimenyeshamakuru n’amashirahamwe y’ivy’imideri. Twisunze ibivugwa n’igitabu kimwe (Body Image), ivyigwa bitari bike vyagizwe mu bihugu vya Buraya na Amerika “vyerekana ko ubwiza bw’umubiri ari co kintu nyamukuru abantu babona ko gituma bumva ko bafise agaciro.” Ariko umuntu yiyumvira gutyo, ashobora gusanga yibagiye ikintu gihambaye cane kuruta ubwiza, na co akaba ari umutima.1 Samweli 16:7.

Mu mihingo myinshi, abantu baritwararika cane ubwiza n’ivy’igitsina bimwe birenze urugero

Hambavu y’ubwiza bw’umubiri, ikindi kintu abantu basigaye bitaho birenze ni ivy’igitsina, canecane ivy’igitsina-gore. Raporo yo mu 2007 y’ishirahamwe rimwe ryo muri Amerika riraba ivy’inyifato y’abantu yaragize ico ibivugako. Yavuze ko “ibimenyeshamakuru nka vyose bagizeko itohoza usanga vyerekana cane abantu b’igitsina-gore kubera ko ubwiza bwabo bukwegakwega abo badasangiye igitsina.” Bibiliya iduhanura ishimitse ngo twirinde kubona ibintu muri ubwo buryo, kuko vyodukwegera!Abakolosayi 3:5, 6.

“Ugushaza kwanyu ntikube . . . ukw’inyuma . . . , ahubwo kube wa muntu yihishije wo mu mutima mu vyambarwa bitabora vy’umutima utekereje kandi witonda, ari wo w’agaciro kanini mu maso y’Imana.”1 Petero 3:3, 4.

Kubera iki ari vyiza kutarenza urugero?

Ku vyerekeye ubwiza bwo ku mubiri, hari abavuga ngo: “Iyo uri mwiza, utegerezwa kuvyerekana!” Raporo ya rya shirahamwe ryo muri Amerika ivuga ko mu mihingo aho abantu biyumvira gutyo, usanga abigeme b’imiyabaga, eka n’abataragera mu buyabaga, babona ko “ari abo kwipfuzwa gusa, . . . kurabwa no gushimwa kubera ubwiza bwabo.” Ivyiyumviro nk’ivyo birimwo akaga. Ivyo vyiyumviro bisigaye ari ikibazo mu vy’imibano no mu vy’amagara y’abantu ku buryo iryo shirahamwe ryavuze ko bishobora gutuma abo bana “bagira ingorane nyinshi mu mutima.” Zimwe muri zo ni amaganya, “ukwiyanka, . . . , kudafungura neza, kwikengera, kugira intuntu canke kurwara akabonge.”

“Kūra rero umwikomo mu mutima wawe, kandi wigize ivyago kure y’umubiri wawe; kuko ubuto n’ubusore ari ubusa.”Umusiguzi 11:10.

Umuntu yokwerekana gute ko yiyumvira neza?

Bibiliya irerekana ko umuntu afise ‘umuzirikanyi uroranye,’ ni ukuvuga yiyumvira neza, aba afise n’urupfasoni. (1 Timoteyo 2:9) Urwo rupfasoni rurimwo n’ukwifata ruto. Zirikana iki kintu: Umuntu yifata ruto ntarazwa ishinga cane n’ubwiza bwiwe canke ibintu ata co bimaze, kandi ntiyibona. Ahubwo aricisha bugufi. Ntiyirengagiza ukuntu abandi babona ibintu. Ivyo bica bituma bamwubaha cane, ariko canecane agashimwa n’Imana. (Mika 6:8) Vyongeye, biroroha ko aronka abagenzi b’ukuri, akaronka n’abamushima batagenzwa gusa n’inambu y’umubiri, ahubwo bipfuza kurushinga rukaguma.

Ku bw’izo mvo hamwe n’izindi, Bibiliya iduhanura kwitwararika canecane ubwiza bwo ku mutima, “wa muntu yihishije wo mu mutima.” (1 Petero 3:3, 4) Ubwo bwiza ntibuherana n’ubusaza ahubwo bushobora kugenda burongerekana! Mu Migani 16:31 havuga ngo: “Imvi ku mutwe ni urugori rw’ubwiza iyo ruboneka mu nzira y’ubugororotsi.” Rero umuntu akurikiza impanuro kaminuza Bibiliya itanga, yaba ari muto canke ashaje, arironkera ubwiza budahera, akagira iteka n’itekane.

“Igikundiro coshobora guhendana, n’ubwiza bwoshobora kuba ubusa; mugabo umugore atinya Yehova ni we yihesha ugushemezwa.”Imigani 31:30.