Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Intambara

Intambara

Mu bihe vya kera, Abisirayeli bararwana intambara mw’izina ry’Imana yabo Yehova. Ivyo none vyoba bisigura ko Imana ishigikira intambara zo muri iki gihe?

Kubera iki Abisirayeli barwana intambara?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

 

Abisirayeli basenga “imana yakunda intambara z’amoko” kandi y’ikinywamaraso.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

 

Amahanga Isirayeli yarwanije yari yarononekaye cane kubera ubugizi bwa nabi n’ingeso z’ibiterasoni, nko kuryamana n’ibikoko, kugoka n’ugutanga abana babo ngo babe ibimazi. Imana yari yarahaye ayo mahanga imyaka amajana ngo ahinduke ariko nta cavuyemwo. Ni co gituma yavuze iti: “Ivyo bintu vyose [ni] vyo amahanga ndiko ndirukana ngo ave imbere yanyu yihumanishije.”​—Abalewi 18:21-25; Yeremiya 7:31.

“Ububisha bw’aya mahanga ni bwo butumye Yehova Imana yawe ayirukana akava imbere yawe.”​—Gusubira mu vyagezwe 9:5.

Imana yoba ishigikira intambara muri iki gihe?

IVYO USHOBORA KUBA UMAZE KUBONA.

 

Mu ndyane nyinshi, abakuru b’amadini bo ku mpande zompi bavuga ko Imana iri ku ruhande rwabo. Igitabu kimwe kivuga giti: “Idini ryamye rigira uruhara mu ntambara zose zimaze kuba.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

 

Abakirisu ntibarekuriwe kurwanya abansi babo. Intumwa Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe ati: “Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose. Ntimwihore.”​—Abaroma 12:18, 19.

Yezu aho kurungika abigishwa biwe mu ntambara, yababwiye ati: “Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama; kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru.” (Matayo 5:44, 45) N’igihe ibihugu abakirisu babamwo bigiye mu ntambara, bakwiye kuguma ata ho begamiye, bakaguma “[a]tari ab’isi.” (Yohani 15:19) Ko Imana isaba abayisenga bo mu bihugu vyose gukunda abansi babo no kuguma bitandukanije n’isi, wumva yoshigikira gute uruhande uru canke ruriya mu ziriko zirarwana?

“Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo ubwami bwanje buba ari ubwo muri iyi si, abasuku banje bari kurwana ngo sinshikirizwe Abayuda. Ariko noneho, ubwami bwanje ntibukomoka ino.”​—Yohani 18:36.

Intambara zoba zizokwigera zihera?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

 

Intambara ntizishobora kuvaho. Igitabu kimwe kivuga ivy’intambara zo mu kinjana ca 21, kigira giti: “Intambara zizokwamaho. Nta mahoro arama azokwigera abaho kw’isi muri iki kinjana.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

 

Intambara zizovaho igihe ata n’umwe azoba acipfuza kurwana. Ni co gituma Ubwami bw’Imana, ni ukuvuga intwaro yayo iganza iri mw’ijuru, buzokwigisha abantu kurondera amahoro bwongere bukureho ibirwanisho vyose biri kw’isi. Bibiliya idusubiriza umutima mu nda yuko Imana “[izogorora] ibintu ku bijanye n’amahanga akomeye ya kure. Kandi inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra. Ntibazobangura inkota, ihanga ngo riyibangurire irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana.”​—Mika 4:3.

Bibiliya itwigisha ko igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza, ata bihugu bizoba bikirwana bipfa inyungu zavyo bwite, ata mategeko y’akarenganyo atuma abanyagihugu bagarariza azoba akihari, canke ukwinubana gutuma haduka amacakubiri. Ivyo bizotuma intambara zizimangana. Imana isezerana iti: “Nta kizokora inabi canke ngo kigire ico cononye; kuko isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova nk’uko amazi apfutse ikiyaga.”​—Yesaya 11:9.

“Ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi. Umuheto aravunagura, emwe, icumu agahimbagura; imikogote ayituririra mu muriro.”​—Zaburi 46:9.