Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Imana imeze gute?

Imana imeze gute?

Imana ifise umubiri umeze gute?

“Imana ni impwemu.”​—Yohani 4:24.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya ivuga ko Imana ari impwemu. (2 Abakorinto 3:17) Ku bw’ivyo rero, Imana iraturengeye cane kandi ntidushobora kuyibona. Muri 1 Timoteyo 1:17 havuga yuko ari “Umwami w’ibihe bidahera . . . , umwe atabora, ataboneka.” Bibiliya ivuga kandi iti: “Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana.”​—1 Yohani 4:12.

Umuremyi wacu araturengeye rwose ku buryo tudashobora vy’ukuri gutahura ukuntu asa. Muri Yesaya 40:18 havuga hati: “Mbega Imana mwoyisanisha na nde, kandi ni ishusho nki mwoyishira hampande?” Eka mbere n’amajuru ateye akoba ntiyoruha agereranywa na Mushoboravyose.​—Yesaya 40:22, 26.

Ariko rero, hariho ibiremwa bifise ubwenge bishobora kubona Imana bikanavugana na yo amaso mu yandi. Ivyo bishoboka bite? Bishoboka kubera ko ivyo biremwa ari impwemu cokimwe n’Imana, bikaba kandi biba mw’ijuru. (1 Abami 22:21; Abaheburayo 1:7) Ku bijanye n’ivyo biremwa bidasanzwe, ivyitwa kandi abamarayika, Yezu Kristu yavuze ati: “Bama bitegereza mu maso ha Dawe ari mw’ijuru.”​—Matayo 18:10.

Imana yoba iba hose?

“Nuko rero musenge mutya: ‘Dawe wa twese uri mw’ijuru.’”​—Matayo 6:9.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya ntiyigisha yuko Imana iba ahantu hose n’umwanya uwo ari wo wose, nk’aho yoba ari inguvu kanaka itagira ubwenge. Amajambo Yezu yavuze muri Matayo 6:9 na 18:10 arerekana yuko Imana atari inguvu itagira ubwenge, ahubwo ko ari “Dawe” aba mw’ijuru, “ahantu hashimangiye [a]ba.”​—1 Abami 8:43.

Igihe Yezu yari mu kurangiza ubuzima bwiwe ng’aha kw’isi, yavuze ati: “Ndiko ndava mw’isi nja kwa Data.” (Yohani 16:28) Kristu amaze gupfa mu mubiri hanyuma akazuka ari ikiremwa c’impwemu, yaraduze “mw’ijuru ubwaho, kugira ngo ubu aduserukire imbere y’Imana.”​Abaheburayo 9:24.

Ivyo bintu Bibiliya ivuga ku bijanye n’Imana birahambaye. Uti kuki? Ubwa mbere, kubera ko Imana ifise kamere nka kurya kw’umuntu, turashobora kwiga ibiyerekeye tukongera tukayiyegereza. (Yakobo 4:8) Ubugira kabiri, ukuri kwerekeye Imana kuradukingira ugusenga kw’ikinyoma, nko gusenga ibishusho canke ibindi bintu. Muri 1 Yohani 5:21 havuga hati: “Bana bato, mwirinde ibigirwamana.”

Ni mu buryo ki abantu baremwe mw’ishusho y’Imana?

“Imana irema umuntu mw’ishusho yayo, imurema mw’ishusho y’Imana; ibarema ari umugabo n’umugore.”​—Itanguriro 1:27.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Twebwe abantu turafise ubushobozi bwo kugaragaza kamere z’Imana, nk’urukundo, ubutungane n’ubukerebutsi. Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: “Nimwigane Imana rero nk’abana ikunda, kandi mubandanye kugendera mu rukundo.”​—Abanyefeso 5:1, 2.

Vyongeye, Imana yaturemanye ubushobozi bwo guhitamwo gukora iciza aho gukora ikibi no kugaragariza abandi urukundo mu buryo butandukanye. (1 Abakorinto 13:4-7) Turafise n’ubushobozi bwo kwiyumvira ibintu tugaca tubikora, kuryohererwa ibintu biteye igomwe no gutangarira ibintu vy’akajoreza bidukikije. N’ikiruta vyose, tuvukana ubushobozi be n’icipfuzo vyo kumenya ibijanye n’Umuremyi wacu n’ivyo adusaba.​—Matayo 5:3.

Ingene ukuri kwo muri Bibiliya gushobora kugufasha. Uko turushiriza kumenya ivyerekeye Imana tukongera tukayigana, ni ko turushiriza kubaho nk’uko yari yavyipfuje kuva mu ntango. Ivyo bituma turushiriza kugira umunezero mu buzima, tugahimbarwa vy’ukuri, tukagira amahoro yo mu mutima, tukongera tugashima uko ivyacu vyifashe. (Yesaya 48:17, 18) Egome, Imana irazi ko kamere zayo z’igikundiro zikora ku mutima abantu, zigatuma ab’imitima nziraburyarya baza kuri yo maze bagatangura kugendera mu nzira ijana mu buzima budahera.​—Yohani 6:44; 17:3.