Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Brezile

Tuje muri Brezile

Imfungurwa zinovera zitwa feijoada ni imfungurwa kavukire z’Abanyabrezile

Ikinyoni citwa toucan

MU NTANGO igihugu ca Brezile cabamwo abantu babeshwaho n’uruhigi be n’uburimyi. Igihe Abanyaportigale bajayo kurondera uturere dushasha baciye batanguzayo idini rya Gatolika, mu nyuma barubaka insengero nyinshi be n’udusengero, zimwe muri izo nyubakwa bazishiramwo ibisharizo vyo mu mbaho bibajwe ku buhinga kandi bikuyengejweko inzahabu.

Kuva hagati mu kinjana ca 16 gushika hagati mu kinjana ca 19, ubwato bwaseha abashumba bwarajanye muri Brezile Abanyafrika nk’imiliyoni zine kugira ngo bakorere mu mirima. Abo bashumba bagiye bajanye imigenzo yabo yahavuye ivyara amadini y’Abanyabrezile bakomoka muri Afrika, nk’iryitwa macumba na candomblé. Umuziki, intambo be n’imfungurwa vyo muri Brezile na vyo nyene biribonekezamwo akanyafrika.

Imfungurwa zaho kavukire zitwa feijoada, izimeze nk’iz’Abanyaportigale, usanga zigizwe n’uruvange rw’inyama n’ibiharage vyirabura, bakaba babifungurana n’umuceri be n’ubwoko bw’amashu bwitwa chou cavalier. Mu kinjana ca 19 n’ica 20, hari abantu amamiliyoni bagiye kuba muri Brezile bavuye i Buraya (canecane mu Budagi, Ubutaliyano, Polonye na Espanye), mu Buyapani no mu tundi turere.

Muri kino gihe, muri Brezile hose hari Ivyabona vya Yehova nka 750.000 bakwiragiye mu mashengero arenga 11.000. Bigisha Bibiliya abantu barenga 800.000. Kugira ngo baronke inyubakwa bakoraniramwo, hariho imigwi 31 y’abubatsi iguma ija mu turere dutandukanye two muri ico gihugu gukorana n’Ivyabona vya Yehova baho, buri mwaka bakaba bubaka canke bagasanura Ingoro z’Ubwami ziri hagati ya 250 na 300. Kuva muri Ntwarante 2000, haramaze kwubakwa no gusanurwa inyubakwa mwene izo zishika 3.647.

WARI UBIZI?

Uruzi Amazone rusuka mw’ibahari amazi menshi kuruta inzuzi zose zibaho kandi uburebure bwarwo ni ibilometero birenga 6.275

Akarere k’Uruzi Amazone ni ko karimwo ikibira kinini ca mbere kw’isi