IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Kubera iki wobandanya kubaho?
HAMWE wohura na Diana, * wobona ko ari umwigeme aciye ubwenge, w’umutima mwiza kandi akunda kwifatanya n’abandi. Naho inyuma aboneka ko amerewe neza, mu mutima yama afise umwiheburo utuma amara imisi, amayinga canke mbere amezi yumva ata co amaze namba. Avuga ati: “Nta musi wijana ntiyumviriye gupfa. Vy’ukuri mbona ko isi yorushiriza kuba nziza ntakiriho.”
“Hari ivyigwa vyerekana ko iyo umuntu umwe yiyahuye, haba hari abantu 200 bagerageje kwiyahura n’[abandi] 400 biyumviriye kubigira.”
Diana avuga yuko atoshobora kwiyahura. Naho ari ukwo, hari igihe abona ko ata kamaro ko kubandanya abaho. Avuga ati: “Ico nipfuza cane ni uko hoba isanganya nkipfira. Urupfu nsigaye ndarubona nk’umugenzi, sinkirubona nk’umwansi.”
Abantu benshi bariyumva nk’ukwo kwa Diana, kandi bamwe muri bo baramaze kwiyumvira ivyo kwiyahura canke baragerageje kubigira. Ariko rero, abahinga bavuga yuko abantu benshi biyahura bataba vy’ukuri bipfuza guhagarika ubuzima bwabo, ahubwo baba bipfuza gusa guhagarika umubabaro wabo. Muri make, babona ko bafise imvo yo gupfa. Ico baba bakeneye ni imvo yo kubandanya kubaho.
Kubera iki bobandanya kubaho? Reka turabe imvo zitatu.
^ par. 3 Si ko asanzwe yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.