Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | AKAGUMYE BAGUMAKO

Ingorane: Ibintu udashobora guhindura

Ingorane: Ibintu udashobora guhindura

WOBA urwaye indwara idakira? Woba warahukanye? Canke warabuze uwawe? Igihe ushikiwe n’ibintu birengeye ububasha bwawe, woshobora kwibwira uti: ‘Icompa ibi bintu bigahinduka.’ None wokora iki?

AKARORERO KO MURI BIBILIYA: PAULO

Intumwa Paulo yaragiye mu mihingo myinshi. Yari umumisiyonari w’umunyamwete wo mu kinjana ca mbere. Mugabo izo ngendo zarahagaze igihe yafatwa ku karenganyo maze akamara imyaka ibiri apfunzwe, acunzwe n’abasoda. Aho guca yihebura, Paulo yashize umutima ku vyo yari ashoboye gukora. Yarigisha akongera akaremesha abantu bose baza kumuraba. Mbere yaranditse amakete atari make ubu dusanga muri Bibiliya.Ivyakozwe 28:30, 31.

UKO ANJA ABIGENZA

Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro catanguye, Anja ntava mu nzu. Avuga ati: “Indwara ya kanseri yarahinduye ubuzima bwanje bwose. Sinshaka kwikwegera izindi ndwara, ni co gituma ntaja ku kazi canke mu bandi bantu.” None Anja yihanganira gute iyo ngorane adashobora guhindura? Avuga ati: “Guhindura urutonde rw’ivyo nkora ni co kintu camfashije cane. Nashize imbere ivyo mbona ko bihambaye kuruta ibindi maze ngira urutonde nisunze aho ubushobozi bwanje bugarukira. Ivyo vyaratumye numva ko hari ico maze.”

“N[ar]ize kwikwira, uko ivyanje biba vyifashe kwose.”—Amajambo yavuzwe na Paulo mu Bafilipi 4:11

ICO WOKORA

Igihe ubona ko ibintu udashobora guhindura bishaka kukwiganzira, gerageza ibi bikurikira:

  • Ibande ku vyo ushobora gukora. Nk’akarorero, hari aho utoshobora guhindura uko amagara yawe yifashe, mugabo urashobora kwinonora imitsi, gufungura neza no kuruhuka bihagije.

  • Tomora ivyo wipfuza gushikako mu buzima. Bishire mu migambi mitomito. Buri musi nufate akanya naho koba ari gato, ukore ibintu vyogufasha gushika ku migambi yawe.

  • Kora ibikorwa bituma wumva ko hari ico umaze naho vyoba ari bitobito, nko kwoza ivyombo canke kugira isuku. Niwambare impuzu zisukuye. Nutangurire ku bikorwa bihambaye kuruta ibindi.

  • Raba ivyo wokwigira ku ngorane urimwo. Nk’akarorero, zoba zituma wiga kwihangana? Ico cigwa wahakuye ubona wogifashisha abandi?

Muri make: Hari aho woba udashoboye guhindura uko ivyawe vyifashe, mugabo woshobora guhindura uko ubibona.