UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ndamukiza 2019

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 3-30 Ruheshi 2019.

Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?

Tworushiriza gute kuba abamamaji babishoboye kandi tugahimbarwa muri ico gikorwa?

Niwigane Yezu maze ugumane amahoro

Hari ibintu bitatu Yezu yakoze bishobora kudufasha kugumana amahoro, n’igihe nyene twoba duhanganye n’ibigeragezo bikomeye.

Nushigikire ukuri ku bijanye n’abapfuye

Twokwirinda gute kugira uruhara mu migenzo iteye kubiri n’Ivyanditswe ijanye n’abapfuye?

Niwemere Yehova agufashe kunanira Shetani n’amadayimoni

Ni ibintu ibihe twokora kugira ntiduhendwe na Shetani be n’amadayimoni?

INKURU Y’UBUZIMA

Twararonse “imaragarita . . . y’agaciro kanini”

Nusome urabe ingene Winston Payne n’umukenyezi wiwe Pamela bo muri Ostraliya bagize ubuzima buryoshe cane.

Wari ubizi?

Kera ingenzi yabigenza gute mu gufata urugendo rwo mu mazi?