Ubwitonzi ni ingendo iranga ubukerebutsi
Mushiki wacu yitwa Toñi akora akazi ko kwitwararika abageze mu zabukuru. Umusi umwe yaradodoye ku rugo rw’umwe mu bantu asanzwe yitwararika, haca haza umugore ageze mu myaka 50. Uwo mugore yaciye amutukagura ngo yatevye kuza kwitwararika nyina wiwe. Mu bisanzwe Toñi ntiyari yacerewe. Ariko Toñi yaramusavye ikigongwe naho ata kosa yari yakoze.
TOÑI agarutse kwitwararika uwo mutamakazi, nya mugore yarasubiye kumuryagagura. None Toñi yavyifashemwo gute? Avuga ati: “Ntivyari vyoroshe na gatoyi. Yariko ampora ubusa.” Naho vyari ukwo, Toñi yarasubiye kumusaba ikigongwe, aramubwira ko atahura ingorane yarimwo.
Iyaba wari Toñi, wari kuvyifatamwo gute? Woba wari kugaragaza ubwitonzi? Vyoba vyari kukugora gutsinda ishavu? Tuvugishije ukuri, ntivyama vyoroshe ko umuntu aguma atekanye mu bihe nk’ivyo. Iyo twashushe umutwe canke igihe abandi badusomborokeje, usanga bitoroshe kuguma twiyoroheje.
Yamara rero, Bibiliya ihimiriza abakirisu kugaragaza ubwitonzi. Mbere Ijambo ry’Imana ryerekana ko hariho isano hagati y’ubwitonzi n’ubukerebutsi. Yakobo yavuze ati: “Ni nde ari inkerebutsi kandi ategera muri mwebwe? Niyerekanire mu ngeso ziwe nziza ibikorwa vyiwe ari n’ubwitonzi buva ku bukerebutsi.” (Yak. ) Ni mu buryo ki umuntu yitonda aba afise ubukerebutsi buva hejuru? Kandi ni igiki codufasha gutsimbataza iyo kamere? 3:13
UMUNTU YITONDA ABA ARI INKEREBUTSI
Ubwitonzi burashobora guhwamika ishavu. “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu.”—Imig. 15:1.
Ishavu rirashobora kwunyura ibintu, kuko rituma umuntu yongera ikibi mu kindi. (Imig. 26:21) Ariko inyishu irimwo ubwitonzi akenshi ituma ishavu rihwama. Irashobora gutuma umuntu yari yarakaye aturura.
Ivyo Toñi yaravyiboneye. Wa mugore yumvise ingene Toñi amwishuranye ubwitonzi, yaciye akorora amosozi. Yaciye amubwira ko yari yarengewe n’ingorane ziwe bwite hamwe n’izo mu muryango. Toñi yaciye aboneraho akaryo ko kumubwira inkuru nziza, inyigisho ya Bibiliya ica iratangura. Ivyo vyose vyashobotse kubera yuko Toñi yagumye atekanye kandi akaba umunyamahoro.
Ubwitonzi buratuma tuba abahimbawe. “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.”—Mat. 5:5.
Kubera iki abitonda bahiriwe? Abantu benshi bahoze ari inkazi ubu barahimbawe kubera ko batsimbataje kamere y’ubwitonzi. Bararushirije kugira ubuzima bumeze neza, kandi biteze kazoza gahimbaye. (Kol. 3:12) Umucungezi w’umuzunguruko wo muri Espanye yitwa Adolfo aratwiganira ingene ubuzima bwiwe bwari bumeze imbere y’uko amenya ukuri.
Adolfo avuga ati: “Sinabona iyo ndiko ndaja. Narakunda gutwarwa n’ishavu ku buryo n’abagenzi banje bantinya. Hari ikintu cabaye gituma mpinduka. Igihe kimwe turiko turarwana n’abandi bantu, barancumise imbugita incuro zitandatu, ndavirirana gushika aho mpakwa gupfa.”
Ubu Adolfo asigaye yigisha abandi kugaragaza ubwitonzi, akabigira mu mvugo no mu ngiro. Benshi baramukunda kubera afise igishika n’izindi kamere nziza. Adolfo avuga ko ahimbawe kubera amahinduka yagize, kandi arashimira Yehova kuko yamufashije kuba umuntu yitonda.
Ubwitonzi burahimbara Yehova. “Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje, kugira ngo nshobore kwishura uwuncokora.”—Imig. 27:11.
Shetani, wa mwansi mukuru w’Imana, aguma acokora Yehova. Imana irafise imvo zumvikana zo kubabazwa n’ako gacokoro, ariko Bibiliya ivuga ko Yehova “[a]teba gushavura.” (Kuv. 34:6) Igihe twihatiye kwigana ubwitonzi bw’Imana n’ukuntu iteba gushavura, tuba tugize ikintu kiranga ubukerebutsi kandi gihimbara Yehova cane.—Ef. 5:1.
Iyi si yarameze amenyo. Dukikujwe n’abantu ‘bishima, bibona, b’abarogosi, bambika ibara abandi, batagira ukwigumya kandi b’inkazi.’ (2 Tim. 3:2, 3) Ariko ivyo ntivyotuma umukirisu adatsimbataza ubwitonzi. Ijambo ry’Imana riratwibutsa ko ‘ubukerebutsi buva hejuru ari ubw’amahoro be n’uko bugira ibitegereka.’ (Yak. 3:17) Igihe tubaye abanyamahoro kandi tukagira ibitegereka, tuba twerekanye ko dufise ubukerebutsi buva ku Mana. Ubwo bukerebutsi buzotuma twishurana ubwitonzi igihe dusomborokejwe bwongere butume turushiriza kwiyegereza Yehova, we Soko ry’ubukerebutsi bwose.