Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya iragufasha gutegura kazoza

Bibiliya iragufasha gutegura kazoza

DUFATE ko ari mu gicugu, ukaba uriko uragenda mu kayira. Naho haheze umwanya munini izuba ryarenze, ntuta umutwe kuko ufise itoroshi yaka cane. Umuritse hasi urabona neza ibiri imbere yawe. Umuritse kure na ho, umuco ukomeye wa nya toroshi uragufasha kubona mbere n’ibiri nka hariya.

Bibiliya imeze nk’iyo toroshi. Nk’uko twabibonye mu biganiro vy’imbere y’iki, Ijambo ry’Imana rirashobora kudufasha kuvyifatamwo neza mu biba biduhanze, ni ukuvuga ingorane za misi yose zidushikira muri iyi si iguma ihindagurika. Ariko si ivyo gusa. Bibiliya iramurika no muri kazoza, tukabona inzira twocamwo kugira ngo twamane agahimbare. (Zaburi 119:105) Uti gute?

Reka turimbure uburyo bubiri Bibiliya ituma tugira icizigiro ca kazoza: 1 Iradufasha kubaho dufise intumbero, 2 iratwigisha kugiranira ubugenzi buhoraho n’Umuremyi wacu.

1 KUBAHO DUFISE INTUMBERO

Naho Bibiliya iduha impanuro nziza z’ukuntu twovyifatamwo neza mu ngorane zacu, si igitabu gisanzwe co gutanga impanuro vyonyene. Aho kuduhimiriza kuguma turaba ingorane zacu gusa, Bibiliya itwigisha kwaguka mu kuntu tubona ibintu, tukibona turi mu bandi. Aho gusa ni ho ubuzima bwacu buheza bukarangwa n’agahimbare nyakuri.

Fata nk’akarorero ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya igira iti: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe 20:35) Woba wibuka igihe wafashije umuntu yari mu bukene? Canke na ho, ushobora kuba waritanze ugatega yompi umugenzi ariko aragusukira ibimuhagaritse umutima. None ntiwumvise uryohewe no gutuma uwundi muntu amererwa neza?

Turaronka agahimbare ntangere igihe dutanze ata co twiteze ko badusubiza. Umwanditsi umwe yagize ati: “Bisa n’ibidashoboka ko witanga utiteze kuronka ibiruta ivyo utanze, kiretse gusa utanze ivyo uzi ko ari ivya gusa.Yamara twitangiye abandi, canecane barya badashoboye namba kudusubiriza mu nkoko, ntitubura kuronka impera. Duca twumva ko dufise ikibanza mu bandi. Nkako, tuba turiko dusenyera ku mugozi umwe n’Umuremyi ubwiwe, uwubona ko ivyo bintu biranga ubuntu twakoze ari nk’ingurane twamuhaye. (Imigani 19:17) Araha agaciro kanini ivyo dukorera abantu batoyi, kandi na we adusezeranira ikintu ntangere, ni ukuvuga ubuzima budahera mw’isi y’iparadizo. Mbega icizigiro ca kazoza gihimbaye!​—Zaburi 37:29; Luka 14:12-14. *

N’ikiruta vyose, Bibiliya itwigisha ko dushobora kubaho dufise intumbero itomoye mu gusenga Imana y’ukuri Yehova. Ijambo ryiwe rituremesha kumushemeza, kumwubaha no kumugamburukira nk’uko abibereye. (Umusiguzi 12:13; Ivyahishuwe 4:11) Tubigize, tuba dukoze ikintu c’akaroruhore: Dutuma Umuremyi wacu anezerwa. Mbere aduhimiriza ati: “Ba inkerebutsi . . . unezereze umutima wanje.” (Imigani 27:11) Ibaze nawe: Iyo dufashe ingingo ziranga ubukerebutsi twisunze ibivugwa muri Bibiliya, dutuma Umuvyeyi wacu munyarukundo wo mw’ijuru anezerwa mu mutima. Uti kubera iki? Kubera atubabaye, agashaka ko twungukira ku kwisunga ubuyobozi aduha. (Yesaya 48:17, 18) None ni umugambi uwuhe ga yemwe woza uruta uwo gusenga Segaba w’ijuru n’isi no kubaho mu buryo butuma anezerwa mu mutima?

2 KUGIRANIRA UBUGENZI N’UMUREMYI WACU

Bibiliya kandi iratwigisha kugiranira ubugenzi n’Umuremyi wacu. Ivyanditswe bigira biti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Vyoshobora gushika tukibaza nimba koko dushobora kuba abagenzi b’Umuremyi mushoboravyose. Ariko Bibiliya idusubiriza umutima mu nda ko ‘turondeye Imana’ dushobora ‘kuyironka koko’ kuko “itari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyakozwe 17:27) Ivyo Bibiliya iduhanura ku bijanye n’ingene twoba abagenzi b’Imana birahambaye cane rwose ku bwa kazoza kacu. Uti gute?

Numenye iki kintu: Naho tworaramwo, nta n’umwe muri twebwe ashobora gusiga wa mwansi Rupfu. (1 Abakorinto 15:26) Mugabo Imana yoyo ihoraho. Ntizokwigera ipfa, kandi ishaka ko abagenzi bayo na bo nyene babaho ibihe bidahera. Bibiliya iravuga ivyo Yehova yipfuriza abamurondera ikoresheje aya majambo asanzwe mugabo aryoshe, iti: “Imitima yanyu nibeho ibihe bidahera.”​—Zaburi 22:26.

None ushobora gute kugiranira n’Imana ubwo bucuti buhoraho? Nubandanye wiga ibiyerekeye ukoresheje Ijambo ryayo Bibiliya. (Yohani 17:3; 2 Timoteyo 3:16) Nuyisabe igufashe gutahura Ivyanditswe. Bibiliya idusubiriza umutima mu nda ko ‘tugumye dusaba Imana’ ubukerebutsi, na yo izobuturonsa. * (Yakobo 1:5) Ikindi na co, nugerageze kwisunga ivyo wiga, ureke Ijambo ry’Imana rikubere “itara ry’ikirenge” be “n’umuco w’ibarabara rya[we]” ubu n’ibihe bidahera.​—Zaburi 119:105.

^ ing. 8 Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’umuhango Imana yatanze w’ubuzima budahera mw’Iparadizo, raba ikigabane ca 3 c’igitabu Bibiliya itwigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 13 Ivyabona vya Yehova barigisha Bibiliya ku buntu, kandi botuma urushiriza gutahura Ivyanditswe. Wipfuza kumenya ingene bigenda, nurabe kuri jw.org akavidewo kavuga ngo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya. Nuce ahavuga ngo Ivyasohowe ufyonde ahavuga ngo Amavidewo, uce wandika umutwe w’ako kavidewo mu kumba kari iruhande y’ahanditse ngo Rondera.

Imana ihoraho, kandi ishaka ko abagenzi bayo na bo nyene babaho ibihe bidahera