Bibiliya yoba ibuza abihebeye Imana kwubaka izabo?
AMADINI yo hirya no hino kw’isi, nk’abagatolika, aborotodogisi, ababuda be n’abandi, basaba indongozi zabo kutubaka izabo. Ariko rero, abantu benshi babona ko ico kintu ari co cabaye intandaro y’ubuhumbu bw’agahomerabunwa indongozi z’amadini atandukanye zagirizwa.
Umuntu rero yokwibaza ati: ‘Bibiliya yoba ibuza abihebeye Imana kwubaka izabo?’ Kugira ngo turonke inyishu y’ico kibazo, nimuze turabe ukuntu uwo mugenzo watanguye n’ingene watsimbataye, turabe n’ingene Imana iwubona.
INKOMOKO Y’ITEGEKO RY’UKUTUBAKA
Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) kivuga ko kutubaka urwawe ari “ukugumana ubusore canke ubukumi, gutyo ntiwigere urangura amabanga y’abubatse, ahanini bikavana n’ibanga ujejwe mw’idini canke ishaka rikomeye ufitiye idini.” Mw’ijambo Papa Benedigito wa 16 yashikirije Urwego nyobozi rwa Ekleziya mu 2006, yavuze ko ivyo kubuza abihebeye Imana kwubaka izabo ari “umugenzo watanguye inyuma gatoyi y’igihe c’intumwa.”
Ariko rero, abakirisu bo mu kinjana ca mbere ntibari bafise uwo mugenzo. Nkako, intumwa Paulo, uwabayeho mu kinjana ca mbere, yaragabishije abakirisu ku bijanye n’abantu bovuze “amajambo y’amahumekano azimiza” bakongera “bakabuza ukwabirana.”
Mu kinjana ca kabiri, ni ho uwo mugenzo watangura mu madini yahavuye acika Ekleziya Gatolika. Igitabu kimwe (Celibacy and Religious Traditions) kivuga ko uwo mugenzo waje “wisunga ivyiyumviro vyari vyeze mu Nganji y’Uburoma vyahimiriza abantu kwirinda guhuza ibitsina.”
Mu binjana vyakurikiye, inama nkuru za Ekleziya be n’abiswe abakuru ba Ekleziya bo mu ntango, bararemesheje ivy’uko abihebeye Imana batokwubaka izabo. Babona ko guhuza ibitsina ari ikintu gihumanya kandi ko bitajanye n’ibanga ryo kwihebera Imana. Ariko rero, ca gitabu c’inkoranyabumenyi kivuga ko “mu mpera z’ikinjana ca 10, abapatiri benshi mbere n’abasenyeri bamwebamwe, bari bafise abagore.”
Ivyo kubuza abihebeye Imana kwubaka izabo vyahavuye bigirwa itegeko mu nama nkuru za Ekleziya zabereye i Latran mu 1123 no mu 1139 i Roma, kandi Ekleziya Gatolika iracakurikiza iryo tegeko gushika n’ubu. Ekleziya yashinze iryo tegeko kugira ngo ntitakaze ububasha, no kugira yikingire uruhombo rwaterwa n’abapatiri barongora maze bakaraga abana babo amatungo y’idini.
INGENE IMANA IBIBONA
Ijambo ry’Imana Bibiliya rirerekana neza ingene Imana ibona ivyo kutubaka. Ririmwo ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’abatubaka izabo “ku bw’ubwami bwo mw’ijuru,” nk’uko na we nyene yabigize. (Matayo 19:12) Intumwa Paulo na we nyene yaravuze ibijanye n’abakirisu bamwiganye mu kutubaka izabo “ku bw’inkuru nziza.”
Ariko yaba Yezu canke Paulo, nta n’umwe yategetse abakirisu kutubaka izabo. Yezu yavuze ko ukutubaka ari “ingabirano” idafiswe n’abayoboke biwe bose. Naho Paulo yavuze ko kutubaka ari vyiza, yaratomoye ati: “Nta tegeko mfise riva ku Mukama, mugabo [ntanze] iciyumviro canje.”
Vyongeye, Bibiliya irerekana ko abakirisu benshi bo mu kinjana ca mbere bari bafise abagore, ushizemwo n’intumwa Petero. (Matayo 8:14; Mariko 1:29-31; 1 Abakorinto 9:5) Nkako, kubera ko ico gihe ubusambanyi bwari bwariraye mu Nganji y’Uburoma, Paulo yanditse ko umuzezwashengero yubatse, yari akwiye kuba “umugabo w’umugore umwe” kandi afise “abana bayoboka.”
Uwo mugabo n’umugore ntibobanye nka gishiki na gisaza, kuko Bibiliya ivuga idacisha iruhande ko “umugabo [akwiye guha] umugore wiwe ivyiwe” be n’uko abubakanye badakwiye ‘kwimana’ ivy’amabanga y’abubatse. (1 Abakorinto 7:3-5) Biragaragara rero ko Imana idasaba abayikorera kutubaka izabo, eka mbere si n’itegeko.
KU BW’INKURU NZIZA
Nimba kutubaka atari itegeko, ni kubera iki none Yezu na Paulo bavuze ko ari vyiza? Ni kubera ko bishobora gutuma umuntu aronka uturyo twinshi two kubwira abandi inkuru nziza. Abatubatse barashobora kwitanga cane, kubera ko batagira imyitwarariko nk’iy’abubatse.
Rimbura akarorero k’uwitwa David. Yarafashe ingingo yo guheba akazi kamuronsa amahera menshi ku murwa mukuru wa Megizike, maze yimukira muri Kosta Rika mu karere kari kure cane y’igisagara, kugira ngo yigishe abandi Ijambo ry’Imana. None David yoba abona ko kuba atubatse hari ico vyamufashije? Avuga ati: “Cane nyene. Naho kumenyera imico mishasha n’ubuzima bushasha vyambereye urugamba, kuba nari jenyene vyaratumye ntateba kumenyera.”
Uwitwa Claudia na we nyene ntiyubatse. Yarimukiye mu turere dutandukanye twari dukeneye cane abigisha ijambo ry’Imana. Avuga ati: “Ndaryoherwa cane no gukorera Imana. Kwibonera ingene inyitwararika birakomeza ukwizera kwanje be n’ubucuti mfitaniye na yo.”
“Waba wubatse canke utubatse, ntuzobura kunezerwa niwakorera Yehova Imana wivuye inyuma.”
Kutubaka si ikintu c’amananiza. Claudia yongerako ati: “Waba wubatse canke utubatse, ntuzobura kunezerwa niwakorera Yehova Imana wivuye inyuma.”