Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Impwemu irashinga intahe hamwe n’impwemu yacu

Impwemu irashinga intahe hamwe n’impwemu yacu

“Impwemu ubwayo irashinga intahe hamwe n’impwemu yacu yuko turi abana b’Imana.”​—ROM. 8:16.

INDIRIMBO: 109, 108

1-3. Ni ibintu ibihe vyabaye maze bituma Pentekoti iba umusi udasanzwe, kandi ivyo vyashikije gute ico Ivyanditswe vyari vyaravuze? (Raba ishusho itangura.)

HARI ku wa mungu mu gitondo nk’isaha zitatu. Uwo musi wari uwudasanzwe ku bari i Yeruzalemu. Kubera ko wari umusi mukuru, waciye uba n’isabato. Nta gukeka ko ibimazi vya buri gitondo vyari vyamaze gutangwa ku rusengero. Abari ng’aho bose bari bahimbawe mu gihe umuherezi mukuru yariko aritegurira gutanga ishikanwa rizungagizwa ry’imikate ibiri yambiye y’intete nshasha. (Lew. 23:15-20) Iryo shikanwa ryari iryo kwerekana ko iyimbura ry’ingano ritanguye. Hari kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu.

2 Igihe ivyo bintu vyose vyariko biraba ku rusengero, hari ikintu gihambaye kuruta cagira kibe. Aho kubera ku rusengero, cari kubera mu cumba co hejuru mu gisagara. Umugwi w’abakirisu nka 120 bari bakoraniye hamwe “bakovya mu gusenga.” (Ivyak. 1:13-15) Ico kintu cagira kibabeko cari gifitaniye isano cane n’ico ivyo umuherezi mukuru yakora buri musi wa Pentekoti vyagereranya. Vyongeye, carashikije ivyo umuhanuzi Yoweli yari yaravuze nk’imyaka 800 imbere y’aho. (Yow. 2:28-32; Ivyak. 2:16-21) None ico kintu gihambaye cane gutyo cagira kibe cari igiki?

3 Soma Ivyakozwe 2:2-4. Impwemu nyeranda y’Imana yarasutswe kuri uwo mugwi w’abakirisu bari bakoraniye mu cumba co hejuru. (Ivyak. 1:8) Baciye batangura kuvuga ubuhanuzi, ni ukuvuga gushinga intahe, ku vyerekeye ibintu bitangaje bari barabonye bongera barumva. Intumwa Petero yarasiguriye isinzi ry’abantu baciye bakoranira ng’aho ico ivyariko biraba vyasobanura. Mu nyuma yabwiye abariko baramwumviriza ati: “Nimwigaye, kandi umwe wese muri mwebwe abatizwe mw’izina rya Yezu Kristu ku bwo kubabarirwa ibicumuro vyanyu, muzoheza muronke ya ngabirano ya gusa y’impwemu nyeranda.” Uwo musi, bose uko bari nka 3.000 baritabiriye ako kamo, barabatizwa maze barironkera iyo mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe.​—Ivyak. 2:37, 38, 41.

4. (a) Kubera iki ivyabaye kuri Pentekoti bihambaye cane kuri twebwe? (b) Ni ikindi kintu gihambaye ikihe gishobora kuba carabaye kuri uwo musi nyene imyaka myinshi imbere y’aho? (Raba akajambo ko ku mpera.)

4 Kubera iki none Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu ihambaye cane kuri twebwe? Mu vy’ukuri, si kubera ivyabaye ku rusengero i Yeruzalemu. Ahubwo ni kubera ko Yezu Kristu, we Muherezi Mukuru ahambaye, yariko arashitsa ibintu vyari bisanzwe bigirwa vyari n’ico bigereranya. [1]Kuri uwo musi umuherezi mukuru yarashikanira Yehova imikate ibiri y’ikigereranyo. Iyo mikate yambiye yatanzwe ku rusengero uwo musi yagereranya abigishwa bari barobanuwe bakuwe mu bantu b’abacumuzi kugira ngo bagirwe abana b’Imana. Ivyo rero vyari vyugururiye inzira abobaye “umushuzo” bakuwe mu bantu kugira amaherezo bazoje mw’ijuru maze babe mu bagize Ubwami buzotuma abandi bantu bagamburuka bironkera imihezagiro myinshi. (Yak. 1:18; 1 Pet. 2:9) Ku bw’ivyo, twaba dufise icizigiro co kubana na Yezu mw’ijuru canke co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi, ivyabaye kuri uwo musi birahambaye cane kuri twebwe!

KUROBANURWA BIGENDA GUTE?

5. Tubwirwa n’iki ko abarobanuwe bose mu kinjana ca mbere batarobanuwe neza na neza mu buryo bumwe?

5 Iyo uza kuba umwe muri abo bigishwa babonye ibisa n’indimi z’umuriro ku mitwe yabo, ntiwokwigeze wibagira uwo musi. Nta makenga wari kugira ku bijanye n’uko woba warobanujwe impwemu nyeranda, na canecane iyo uza kuba waronse ku gitangaro ingabirano yo kuvuga mu rundi rurimi. (Ivyak. 2:6-12) Mugabo none, abarobanujwe impwemu nyeranda bose boba barobanuwe muri ubwo buryo butangaje, nk’uko vyagenze kuri uwo mugwi wa mbere w’abigishwa bashika 120? Habe namba. Abasigaye mu bari i Yeruzalemu kuri uwo musi barobanuwe igihe babatizwa. (Ivyak. 2:38) Nta ndimi zimeze nk’iz’umuriro zabonetse ku mitwe yabo. Vyongeye, abakirisu bose barobanuwe ntibarobanuwe mu gihe co kubatizwa. Abasamariya barobanujwe impwemu nyeranda haciye igihe babatijwe. (Ivyak. 8:14-17) Koruneliyo n’abo mu rugo rwiwe bobo barobanujwe impwemu nyeranda imbere y’uko babatizwa, kikaba cari ikintu c’imbonekarimwe.​—Ivyak. 10:44-48.

6. Ni igiki abarobanuwe bose baronka, kandi ico kibafasha gute?

6 No muri iki gihe nyene, abarobanurwa ntibarobanurwa neza na neza mu buryo bumwe. Bamwe bashobora kuba batahuye bukwi na bukwi ko bahamagawe, mu gihe abandi bishobora kuba vyafashe igihe kugira babitahure. Ariko rero uko barobanurwa kwaba ukuhe, umwe wese arafise ico intumwa Paulo yadondoye ati: “Aho mumariye kwemera, mwaradomweko ikidodo ca ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe, ikaba ari icemeza twahawe hakiri kare c’intoranwa yacu.” (Ef. 1:13, 14) Ico kintu kidasanzwe impwemu nyeranda ikora ni nko kuriha avanse, gutanga ikimenyamenya (canke ingwati) ku kintu kizoba. Umukirisu yarobanuwe arajijuka muri we kubera ico cemeza aronse.​—Soma 2 Abakorinto 1:21, 22; 5:5.

7. Umukirisu yarobanuwe wese ategerezwa gukora iki kugira azoronke impera yiwe mw’ijuru?

7 None iyo umukirisu aronse ico cemeza, vyoba bisobanura ko azotegerezwa kuja mw’ijuru? Uwokubesha. Uwo muntu aba azi neza ko yaronse ubutumire bwo kuja mw’ijuru. Ariko rero, kugira ngo aronke impera yiwe mw’ijuru ategerezwa kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Petero yabisiguye muri ubu buryo ati: “Ku bw’ico ga bene wacu, murushirize gukora uko mushoboye kwose ngo mutume ihamagarwa ryanyu be n’itorwa ryanyu biba ibidakekeranywa kuri mwebwe; kuko nimwaguma mukora ivyo bintu mutazogenda muguye. Nkako, aho ni ho muzoronswa rwose ukwinjira mu bwami budahera bw’Umukama wacu n’Umukiza Yezu Kristu.” (2 Pet. 1:10, 11) Umukirisu yarobanuwe wese rero ategerezwa kwihata kugira agume ari intahemuka. Ahandi ho uguhamagarirwa ijuru kwiwe, ari bwo butumire, nta co kwomumarira.​—Heb. 3:1; Ivyah. 2:10.

UMUNTU AMENYA GUTE KO YAROBANUWE?

8, 9. (a) Kubera iki benshi bibagora gutahura ibishika igihe umuntu arobanuwe? (b) Umuntu amenya gute ko yatumiwe ngo azoje mw’ijuru?

8 Muri iki gihe, abasavyi b’Imana benshi birabagora gutahura neza ibijanye n’ukurobanurwa, kandi ivyo birumvikana kuko bitarabashikira. Umugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango wari uko baba kw’isi ibihe bidahera. (Ita. 1:28; Zab. 37:29) Guhitamwo abantu bamwebamwe ngo baje mw’ijuru kuganza ari abami n’abaherezi ntivyarimwo. Ni intunganyo idasanzwe. Igihe umukirisu arobanuwe, ivyiyumviro vyiwe, ukuntu abona ibintu be n’icizigiro afise bica bihinduka rwose.​—Soma Abanyefeso 1:18.

9 Mugabo none, umuntu amenya gute ko yahamagariwe ijuru, canke ko yaronse vy’ukuri ico cemeza kidasanzwe? Inyishu turayibona neza twihweje amajambo Paulo yabwiye abavukanyi barobanuwe b’i Roma, abari “bahamagariwe kuba aberanda.” Yababwiye ati: “[Ntimw]aronse impwemu y’ubushumba yongera guteza ubwoba, ahubwo mwaronse impwemu y’ukugirwa abana, biciye kuri nya mpwemu tukaba dusemerera duti: ‘Abba, Data!’ Impwemu ubwayo irashinga intahe hamwe n’impwemu yacu yuko turi abana b’Imana.” (Rom. 1:7; 8:15, 16) Muri make, Imana ibicishije ku mpwemu nyeranda yayo, irereka neza uwo muntu ko atumiwe ngo azobe samuragwa mu Bwami bwayo.​—1 Tes. 2:12.

10. Amajambo ari muri 1 Yohani 2:27 avuga yuko abarobanuwe badakeneye uwundi muntu abigisha, asobanura iki?

10 Abo Imana yahaye ubwo butumire budasanzwe ntibakenera ikindi cabona kivuye ahandi. Nta wundi muntu bakeneye wo gusuzuma ivyabashikiye. Yehova arabakura amakenga yose yoba ari mu bwenge bwabo no mu mitima yabo. Intumwa Yohani abwira abo bakirisu barobanuwe ati: “Murafise irobanurwa riva kuri wa mweranda; mwese murafise ubumenyi.” Mu nyuma aca yongerako ati: “Nayo mwebwe, irobanurwa mwahawe na we riguma muri mwebwe, kandi ntimukeneye ko hagira uwubigisha; mugabo nk’uko irobanurwa mwahawe na we ribigisha ku vyerekeye ibintu vyose, kandi rikaba ari iry’ukuri atari ukubesha, kandi nk’uko ryabigishije, nimugume mwunze ubumwe na we.” (1 Yoh. 2:20, 27) Abo bakirisu barakenera kwigishwa na Yehova cokimwe n’uwundi muntu wese. Mugabo ntibakeneye uwundi muntu abemeza ko barobanuwe. Ya nguvu ikomeye kuruta izindi zose mw’ijuru no kw’isi irabajijura ko barobanuwe!

‘BARAVUKA BUSHASHA’

11, 12. Ni ibiki umukirisu yarobanuwe ashobora kwibaza, ariko ni igiki atigera akekeranya?

11 Igihe impwemu nyeranda itumye uwo mukirisu ajijuka gutyo, aca atangura kugira amahinduka akomeye. Mu kwerekeza kuri ayo mahinduka aba imbere muri uwo muntu, Yezu yavuze ko aba “[y]ongeye kuvuka,” canke ko aba avutse aturutse hejuru. [2](Yoh. 3:3, 5.) Yasiguye kandi ati: “Ntutangazwe n’uko nkubwiye nti: Mutegerezwa kwongera kuvuka. Umuyaga uhuhutira iyo ushaka, kandi wewe urumva umuhindo wawo mugabo ntumenya iyo uva n’iyo uriko uraja. Ukwo ni ko umuntu wese avyawe n’impwemu amera.” (Yoh. 3:7, 8) Birumvikana rero ko umuntu yahamagawe adashobora gusigurira neza ico kintu abatahamagawe.

12 Uwarobanuwe yoshobora kwibaza ati: ‘Kubera iki nacaguwe? Kubera iki Yehova yacaguye jewe ntacagure uwundi?’ Yoshobora mbere kwibaza nimba yoba abereye. Mugabo ntakekeranya yuko yacaguwe. Umutima wiwe uba ubogaboga umunezero n’ugukenguruka. Yiyumva cokimwe na Petero igihe yavuga ahumekewe ati: “Hahezagirwe ya Mana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, kuko yaduhaye ivuka rishasha nk’uko imbabazi zayo nyinshi ziri, ngo tugire icizigiro kizima biciye kw’izuka rya Yezu Kristu mu bapfuye, ngo turonke intoranwa itabora, idahumanye, idakabirana. Muyibikiwe mw’ijuru.” (1 Pet. 1:3, 4) Igihe abarobanuwe basomye ayo majambo, baca bemera ata gukeka yuko ari bo Se wabo wo mw’ijuru ariko arayabwira.

13. Ivyiyumviro vy’umuntu bihinduka gute igihe arobanujwe impwemu nyeranda, kandi ivyo biterwa n’iki?

13 Imbere y’uko impwemu ubwayo ishingira intahe abo bakirisu, bari bafise icizigiro co kuba kw’isi. Bari barindiranye umushasharo igihe Yehova yohumanuye iyi si, kandi baripfuza cane kwibera muri iyo si ihimbaye. Kumbure wasanga biha ishusho bariko baraha ikaze ababo bapfuye bazoba bazutse. Bari bashashaye kwibera mu mazu biyubakiye no gufungura ivyamwa vy’ibiti bateye. (Yes. 65:21-23) None ni kubera iki ivyiyumviro vyabo bihinduka? Si ukuvuga ko ico cizigiro kitaba kikibahimbara, kandi ntibahindura ivyiyumviro vyabo kubera badundumiwe canke barengewe n’ingorane. Ntibaheba iyi si nk’aho boba biyumvisemwo bukwi na bukwi yuko kuba kw’isi ibihe bidahera ari ikintu kirusha canke kirambira. Eka kandi ntibabigira kubera ko bipfuza gusa kuja kwirabira utundi turere two mw’ijuru. Ahubwo riho, biba kubera impwemu y’Imana yabahamagaye yongera irahindura ivyiyumviro n’icizigiro bari basanganywe.

14. Abarobanuwe babona gute ubuzima bwabo ng’aha kw’isi?

14 Twoba none dukwiye kwiyumvira yuko abo barobanuwe bipfuza gupfa? Paulo ahumekewe n’Imana, yishuye ati: “Nkako, twebwe abari muri uru rusago turaniha, tukaremerwa; kuko ico dushaka atari ukurwambura, ahubwo ni ukwambara rwa rundi, ngo igipfa kimirwe n’ubuzima.” (2 Kor. 5:4) Ntibaba barambiwe n’ubu buzima ku buryo bipfuza gupfa n’ingoga. Ahubwo riho, baba bashashaye kubukoresha mu murimo wa Yehova bari kumwe n’abagenzi be n’incuti. Yamara rero ivyo barangura vyaba ibihe, baguma bibuka icizigiro kininahaye bafise ku bijanye na kazoza.​—1 Kor. 15:53; 2 Pet. 1:4; 1 Yoh. 3:2, 3; Ivyah. 20:6.

WOBA WARAHAMAGAWE?

15. Ni ibiki biterekana ko umuntu yarobanujwe impwemu nyeranda?

15 Kumbure uribaza nimba wararonse ubwo butumire bwiza igitangaza. Nimba ari ukwo biri, nuzirikane ku bibazo bimwebimwe bihambaye. Woba ubona ko ufise umwete udasanzwe mu ndimiro? Woba uri umutohoji w’Ijambo ry’Imana w’umunyamwete akunda gucokera mu “bintu vyimbitse vy’Imana”? (1 Kor. 2:10) Woba ubona ko Yehova aguhezagira mu buryo budasanzwe mu gikorwa co mu ndimiro? Woba ufise icipfuzo gikomeye co gukora ivyo Yehova agomba? Woba wiyumvamwo cane ibanga ryo gufasha abandi mu vy’impwemu? Hoba hari ikintu cagushikiye maze ukabona ko ari Yehova yabigufashijemwo? Nimba wishuye ngo ‘ego cane’ kuri ivyo bibazo, vyoba none bisigura ko wahamagariwe ijuru? Habe namba. Uti kubera iki? Kubera ko abahamagariwe ijuru atari bo bonyene bashikirwa n’ivyo bintu. Impwemu ya Yehova iha ububasha bumwe abasavyi biwe bose, baba abarobanuwe canke abafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Mu vy’ukuri, nimba wibaza ko woba warahamagariwe ijuru, ivyo vyonyene birerekana ko utahamagawe. Abo Yehova yahamagaye ntibibaza nimba boba barahamagawe canke batahamagawe! Barabizi neza!

16. Tuzi gute ko atari abaronse impwemu y’Imana bose batumiwe ngo bazoje mw’ijuru?

16 Muri Bibiliya turahasanga uturorero twinshi tw’abagabo bari bafise ukwizera maze barakoreshwa cane n’impwemu nyeranda, mugabo bakaba batari bafise icizigiro co kuba mw’ijuru. Umwe muri bo ni Yohani Umubatizi. Yezu yaramuhayagije cane, mugabo avuga ko atobaye mu bazotorana Ubwami bwo mw’ijuru. (Mat. 11:10, 11) Dawidi na we nyene yarakoreshejwe n’impwemu nyeranda. (1 Sam. 16:13) Impwemu nyeranda yaramufasha gutahura ibintu vyimbitse vy’Imana, akaba yaranahumekewe kwandika ibihimba bimwebimwe vyo muri Bibiliya. (Mrk. 12:36) Yamara rero kuri Pentekoti, Petero yavuze ko Dawidi “[at]aduze mw’ijuru.” (Ivyak. 2:34) Impwemu nyeranda yarakoreye kuri abo bantu mu buryo bukomeye, mugabo nta ntahe idasanzwe yabashingiye ibereka ko bahamagariwe ijuru. Ivyo ntibisobanura ko hari ukuntu batari babereye canke ko hari ivyo bari bahajije. Bisobanura gusa ko Yehova azobazura bakaba kw’isi y’iparadizo.​—Yoh. 5:28, 29; Ivyak. 24:15.

17, 18. (a) Ni impera iyihe abasavyi b’Imana benshi barindiranye umushasharo muri iki gihe? (b) Ni ibibazo ibihe tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?

17 Muri iki gihe, benshi mu basavyi b’Imana ntibahamagariwe ijuru. Bafise icizigiro nk’ico Dawidi, Yohani Umubatizi be n’abandi bagabo n’abagore b’intahemuka ba kera bari bafise. Cokimwe na Aburahamu, biteganye umushasharo kubaho batwarwa n’Ubwami. (Heb. 11:10) Muri iki gihe c’iherezo, bakeyi gusa mu bacaguwe ngo bazoje kuba mw’ijuru ni bo basigaye ng’aha kw’isi. (Ivyah. 12:17) Ivyo vyerekana ko muri bamwe 144.000 batoranijwe, benshi bamaze gupfa ari abizigirwa.

18 Ariko none, abafise icizigiro co kuba kw’isi bakwiye kubona gute uwo wese avuga ko afise icizigiro c’ijuru? Nimba mw’ishengero turimwo hari uwutanguye gufata ku bimenyetso mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, dukwiye kuvyakira gute? Twoba dukwiye guhagarika umutima bishitse abavugako bahamagariwe ijuru bakiyongera? Ivyo bibazo tuzobirimbura mu kiganiro gikurikira.

^ [1] (ingingo ya 4) Birashoboka ko Pentekoti yahurirana n’igihe rya Tegeko ryatangwa ku Musozi Sinayi. (Kuv. 19:1) Nimba rero ari ukwo biri, nka kumwe nyene Musa yakoreshejwe mu kwinjiza Isirayeli mw’isezerano ry’Itegeko kuri uwo musi, ni na ko Yezu yari yinjije mw’isezerano rishasha kuri uwo musi nyene ihanga rishasha, ari ryo Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu.

^ [2] (ingingo ya 11) Wipfuza ibindi vyiyumviro ku bijanye n’ico bisobanura kwongera kuvuka, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2009, rup. 3-11.