Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Impanuro Bibiliya itanga ni ngirakamaro

Impanuro Bibiliya itanga ni ngirakamaro

Abantu amamiliyoni bariboneye ingene impanuro Bibiliya itanga ari ngirakamaro muri ibi bintu bine:

1. Umubano

Abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’umubano be n’ivyo umuntu yokora kugira ngo agire umubano mwiza.

BIBILIYA IVUGA ITI: «Umwe wese muri mwebwe ategerezwa gukunda umugore wiwe nk’uko yikunda. Umugore na we ategerezwa kwubaha cane umugabo wiwe.»—Abanyefeso 5:33.

ICO BISOBANURA: Imana ni yo yatanguje umubano. Irazi rero icotuma abubakanye bahimbarwa. (Mariko 10:​6-9) Kugira ngo abubakanye bahimbarwe, umwe wese muri bo ategerezwa kwitwararika ineza y’uwundi, aho kwitwararika iyiwe. Umugabo akunda umugore wiwe, aravyerekana mu kuntu amufata no mu kuntu amwitaho. Umugore yubaha umugabo wiwe na we, aravyerekana mu kuntu amuvugisha no mu kuntu amushigikira.

IMPANURO ZO MURI BIBILIYA ZIRAFASHA: Umugabo yitwa Quang n’umugore wiwe Thi bo muri Vyetinamu, babona ko batokwigeze bahimbarwa mu mubano wabo. Quang ntiyari yoroshe. Avuga ati: «Umugore wanje Thi sinamwitaho kandi kenshi naramusuzugura.» Thi yashaka ko bahukana. Yavuze ati: «Nabona ko ntagishoboye kwizera umugabo wanje no kumwubaha.»

Mu nyuma uwo mugabo n’umugore barize Bibiliya, baramenya n’ingene boshira mu ngiro ibivugwa mu Banyefeso 5:33. Quang avuga ati: «Uwo murongo waramfashije kubona ko nkwiye kugaragaza umutima mwiza, ngatuma umugore wanje yumva ko ndamukunda kandi ko ndamwitwararika mu vyo akenera vyose. Iyo ndabigize, aca ankunda kandi akanyubaha.» Thi na we avuga ati: «Uko ndushiriza gushira mu ngiro ibivugwa mu Banyefeso 5:33 nkubaha umugabo wanje, na we aca arushiriza kunkunda, akankingira, ngaca numva mfise amahoro.»

Ushaka kumenya ayandi makuru yerekeye umubano, ja kuri jw.org usome Be maso! No. 2 2018, ivuga ngo «Ibintu 12 vyofasha ingo kurama

2. Ingene twofata abandi

Abantu akenshi usanga bafata nabi abandi kubera ubwoko bwabo, igihugu bavamwo, uko basa, idini ryabo be n’ukuntu babona ibijanye n’igitsina.

BIBILIYA IVUGA ITI: «Mutere iteka abantu b’uburyo bwose.»—1 Petero 2:17.

ICO BISOBANURA: Bibiliya ntiremesha abantu kwanka abandi babahora ubwoko bwabo, igihugu bavamwo canke kuba bahuza ibitsina n’abo babisangiye. Ahubwo ituremesha kwubaha abantu bose, tutaravye ubwoko bwabo, igihugu bavamwo canke ikibanza bafise mu kibano. (Ivyakozwe 10:34) Mbere naho tutoba twemera ivyiyumviro vyabo canke ibikorwa vyabo, turakwiye kuguma tubagaragariza umutima mwiza n’icubahiro.—Matayo 7:12.

IMPANURO ZO MURI BIBILIYA ZIRAFASHA: Uwitwa Daniel yakuze yigishwa kubona ko abantu bava muri Aziya babangamiye igihugu cabo. Ivyo vyatumye yanka umuntu wese aturuka muri Aziya, kandi akenshi yarabatukira mu bantu. Daniel avuga ati: «Jewe ivyo nabona ko ari ugukunda igihugu. Iyo nyifato yanje be n’ivyo nakora, nta kibi nabibonamwo.»

Daniel yahavuye yiga Bibiliya. Avuga ati: «Nategerezwa guhindura burundu ivyiyumviro vyanje. Nategerezwa kubona abantu nk’uko Imana ibabona, nkabona ko twese turi bamwe, naho tutoba tuva hamwe.» Ubu Daniel yarahindutse. Avuga ati: «Iyo mpuye n’abantu, akenshi sindinda kwiyumvira n’iyo bava. Ubu ndakunda abantu bose, kandi mfise abagenzi bava hirya no hino kw’isi.»

Ushaka kumenya n’ibindi, ja kuri jw.org usome Be maso! No. 3 2020, ivuga ngo «Hoba hari umuti w’ukwinubana?»

3. Amahera

Abantu benshi bariruka inyuma y’ubutunzi, barondera umunezero no gutegura kazoza keza.

BIBILIYA IVUGA ITI: «Ubukerebutsi bukingira umuntu nk’uko amahera amukingira, ariko akarusho k’ubumenyi ni aka: ubukerebutsi burazigama ubuzima bw’ababufise.»—Umusiguzi 7:12.

ICO BISOBANURA: Naho dukeneye amahera, umunezero wacu na kazoza kacu, ntibihagaze kuri yo. (Imigani 18:11; 23:​4, 5) Ahubwo umunezero nyakuri be na kazoza keza bishingiye mu gukurikiza impanuro z’Imana dusanga muri Bibiliya.—1 Timoteyo 6:​17-19.

IMPANURO ZO MURI BIBILIYA ZIRAFASHA: Umugabo yitwa Cardo wo muri Endoneziya, yaguma yiruka kw’ifaranga. Yavuze ati: «Nararonse ibintu abantu benshi bipfuza. Naragira ingendo, nkagura ibintu vyizavyiza, imiduga, be n’amazu.» Ariko rero itunga ryiwe ntiryamaze na kabiri. Avuga ati: «Hari umupfungakiwani yampenze, maze amahera nari nararuhiye iyo myaka yose aba arazimanganye mu kanya isase. Ubuzima bwanje nari nabumaze niruka inyuma y’amahera, ariko amaherezo nta kindi nungutse atari ugusigara nifumbereje, mvunitse umutima, kandi numva ko ata co maze.»

Cardo yaratanguye gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’amahera. Yahisemwo kworosha ubuzima, aho kuguma yiruka inyuma y’amahera. Avuga ati: «Ubu ndafise itunga nyakuri kandi riramba, kuko mfitaniye ubucuti bwiza n’Imana. Buri musi ndaryama ngasinzira, kandi ndahimbawe vy’ukuri.»

Nimba wipfuza kumenya ingene Bibiliya ibona ibijanye n’amahera, ja kuri jw.org usome ikiganiro kivuga ngo «Amashure ahanitse be n’amahera vyoba vyotuma ugira kazoza keza?», casohowe mu Munara w’Inderetsi No. 3 2021.

4. Ibijanye n’igitsina

Abantu babona ibijanye n’igitsina mu buryo butandukanye cane.

BIBILIYA IVUGA ITI: «[Mwirinde] ubusambanyi. Umwe wese muri mwebwe akwiye kumenya kuganza umubiri wiwe bwite kugira ugume ari mweranda kandi uteye iteka. Ntimumere nk’abanyamahanga batazi Imana kubera ko birekerana mu vy’inambu y’umubiri, ntibahere ipfa.»—1 Abatesalonika 4:​3-5.

ICO BISOBANURA: Bibiliya iradushingira akarimbi mu bijanye no guhuza ibitsina. Mu nsobanuro y’ijambo «ubusambanyi», harimwo ukurenga ibigo, gukora ubumaraya, guhuza ibitsina hagati y’abantu batubakanye, guhuza ibitsina kw’ababisangiye, no guhuza ibitsina n’ibikoko. (1 Abakorinto 6:​9, 10) Guhuza ibitsina, ni ikintu Imana yageneye gusa umugabo n’umugore bubakanye biciye mu mategeko.—Imigani 5:​18, 19.

IMPANURO ZO MURI BIBILIYA ZIRAFASHA: Umugore umwe wo muri Ostraliya yitwa Kylie avuga ati: «Igihe ntari bwubake urwanje, niyumvira ko kugira imibonano mpuzabitsina vyotuma numva ko nkundwa kandi ko mpimbawe. Ariko maze kubikora si ko vyagenze. Naravunitse umutima nongera ndabura amahoro.»

Kylie yahavuye amenya ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no guhuza ibitsina, yongera arakurikiza impanuro itanga. Avuga ati: «Ubu ndabona ko impanuro Imana itanga zidukingira intuntu n’umubabaro. Ubu ndubatse. Ndumva ko nkundwa kandi ko mfise amahoro kubera ko nkurikiza ivyo Yehova adusaba. Gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya vyarandinze intuntu n’umubabaro.»

Ushaka kumenya n’ibindi, soma ikiganiro kivuga ngo «Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kubana mutanditswe?» dusanga kuri jw.org.

Umuremyi wacu aradufasha gutandukanya iciza n’ikibi. Naho gukurikiza impanuro ziwe bitama vyoroshe, vyama ari ngirakamaro. Nitwabigira, tuzokwama duhimbawe.