Ingene wogira ubushakashatsi
Nutondeke ivyo woherako
Umwanya twese dufise wo kwiyigisha si ikirenga. None twowukoresha neza gute? Ubwa mbere, nufate umwanya ukwiye. Kwiga ibintu bikeya uvyitondeye ni vyiza kuruta kwiga vyinshi ucishacishako.
Nuce rero utondeka ivyo woherako. (Ef. 5:15, 16) Raba ivyiyumviro bimwebimwe vyogufasha:
Soma Bibiliya buri musi. (Zab. 1:2) Mu ntango, vyoba vyiza ugiye urajana na rwa rutonde rwo gusoma Bibiliya ishengero ryisunga buri ndwi.
Nutegure ikiganiro co kwiga c’Umunara w’Inderetsi be n’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Niwitegure neza ku buryo wishura.—Zab. 22:22.
Akanya kabigukundiye, nugume wihereza no ku bindi bifungurwa vy’impwemu, nko mu gusoma integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi na Be maso!, mu kuraba amavidewo no mu gusoma ibiganiro biza birasohoka kuri jw.org.
Nugire ubushakashatsi. Urashobora kugirira ubushakashatsi ingorane kanaka iguhanze, ikibazo ufise, canke inkuru yo Bibiliya wipfuza kurushiriza gutahura. Kugira ngo uronke ibindi vyiyumviro, raba igice co kuri jw.org kivuga ngo “Udukorwa tujanye no kwiga Bibiliya.”