Wari ubizi?
Kubera iki vyari vyiza kubona Yehova yaremerera Abisirayeli gutanga amashikanwa y’intunguru canke y’inuma?
MU GIHE c’Itegeko rya Musa, Yehova yaremerera Abisirayeli gutanga amashikanwa y’intunguru canke y’inuma. Mu mategeko yagenga ibimazi, ubwo bwoko bubiri bw’inyoni bwama buvugwa buri kumwe, kandi bumwe bwarashobora gusubirira ubundi. (Lew. 1:14; 12:8; 14:30) Kubera iki none ivyo vyari vyiza? Kimwe coco, ni uko intunguru zitakunda kuboneka. Uti kubera iki?
Intunguru ni inyoni zikunda kwimukanga. Mu gihe c’ici, usanga ziboneka mu duce twose tw’igihugu ca Isirayeli. Muri Gitugutu, zica ziva muri Isirayeli zikamanuka mu bihugu bishushe, zikagaruka muri Isirayeli mu gihe c’impeshi. (Ind. 2:11, 12; Yer. 8:7) Ivyo bisobanura ko muri Isirayeli ya kera, vyari bigoye ko Abisirayeli baronka intunguru zo gutangako ikimazi mu gihe c’urushana.
Ariko inuma zozo muri rusangi ntizimukanga, akaba ari co gituma zaboneka muri Isirayeli mu kiringo cose c’umwaka. N’ikindi kandi, inuma barashobora kuzitunga. (Gereranya na Yohani 2:14, 16.) Igitabu kimwe kivuga ibijanye n’ibiterwa be n’ibitungwa vyo muri Bibiliya (Bible Plants and Animals), kivuga ko “mu bisagara no mu bigwati vyose vyo muri Palestina, abantu batunga inuma. Buri muhana wari ufise akazu k’inuma, canke igitoboro cimvye mu ruhome, aho izo nyoni zashobora kuba.”—Gereranya na Yesaya 60:8.
Kuba rero Yehova yaremerera Abisirayeli gutanga ibimazi vy’inyoni bashobora kuronka bitagoranye mu kiringo cose c’umwaka, vyarerekana ko ari umunyarukundo be n’uko akora ibitegereka.