Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Umuntu w’inkerebutsi wese akorana ubwenge’

‘Umuntu w’inkerebutsi wese akorana ubwenge’

‘Umuntu w’inkerebutsi wese akorana ubwenge’

UBUYOBOZI bwo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya ‘ni ubwo kwipfuzwa kuruta izahabu, naho zoba izahabu nyinshi zitarimwo inkamba’ (Zaburi 19:7-10). Uti kubera iki? Kubera yuko ‘ibwirizwa ry’umunyabwenge [Yehova] ari isôko ry’ubugingo, rikura mu mitego y’urupfu’ (Imigani 13:14). Iyo dushize mu ngiro impanuro zo mu Vyanditswe, ntiziryohora gusa ubuzima bwacu, ariko kandi ziranadufasha kwirinda imitego ibugeramira. Ese ukuntu bihambaye ko turondera ubwenge bwo mu Vyanditswe kandi tugakora duhuza n’ivyo twiga!

Nk’uko biri mu Migani 13:15-25, wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera yaratanze impanuro zidufasha gukorana ubwenge, bigatuma tugira ubuzima burushirije kuba bwiza kandi buramba *. Akoresheje imigani migufimigufi kandi irashe, arerekana ingene Ijambo ry’Imana rishobora gutuma tugira igikundiro ku bandi, tuguma turi abizigirwa mu busuku bwacu, tubona ugutozwa indero mu buryo bwiza kandi tugahitamwo abagenzi mu buryo buranga ubukerebutsi. Aravuga kandi ko twoba tubaye inkerebutsi dusigiye abana bacu iragi tukongera tukabatoza indero mu rukundo.

Gukerebuka kwiza gutera igikundiro

Salomo avuga ati: “Gukerebuka kwiza gutera igikundiro, arikw inzira y’ingunge irababazanya” (Imigani 13:15). Igitabu kimwe kivuga yuko imvugo yakoreshejwe mu rurimi rwo mu ntango kw’ijambo “gukerebuka kwiza” canke gutahura kwiza “idondora ubushobozi bwo kwiyubara, kubona ibintu neza no kugira ivyiyumviro biranga ubukerebutsi”. Umuntu afise izo kamere ntibimugora gukundwa n’abandi.

Nk’akarorero, rimbura uburyo buranga ukubona kure intumwa Paulo yakoresheje mu kwandikira umukirisu mugenziwe Filemoni igihe yarungika Onesimo umushumba wa Filemoni yari yarahunze ngo asubire kwa shebuja, ico gihe Onesimo akaba yari yaracitse umukirisu. Paulo yaringinze Filemoni ngo yakirane Onesimo umutima mwiza, nk’aho yoba yakiriye iyo ntumwa ubwayo. Kukaba nkako, Paulo yaremeye kuriha Filemoni umwenda uwo ari wo wose Onesimo yoba yari amufitiye. Paulo yari gushobora gukoresha ubukuru yari afise maze agategeka Filemoni gukora igikwiriye. Mugabo iyo ntumwa yahisemwo gutorera umuti ico kibazo ikoresheje ubugenge n’urukundo. Mu kubigenza gutyo, Paulo yarabona ko yari gushobora guhuza na Filemoni, bigatuma akora n’ibirenze ivyo yari yasabwe gukora. None tweho ntidukwiye kubigenza gutyo mu vyo dukorana n’abo dusangiye ukwemera?—Filemoni 8-21.

Inzira y’ibihemu yoyo “irababazanya” canke irakomantaye. Mu buhe buryo? Nk’uko incabwenge imwe ibivuga, ijambo ryakoreshejwe hano risigura “gikomeye canke kigumye, rikaba ryerekeza ku nyifato abanyakibi bafise yo gukomantaza umutima. . . . Umuntu ashinze imizi mu nzira ziwe mbi, akomantaye mu mutima kandi atitaho amacishabwenge aranga ubukerebutsi ahabwa n’abandi, aba ari mu nzira ijana mu mahonero”.

Salomo abandanya ati: [“Umuntu w’inkerebutsi”, “NW”] wese akorana ubgenge, arikw igipfu canda ubupfu bgaco” (Imigani 13:16). Umuntu w’inkerebutsi si umunyamayeri. Hano, ubukerebutsi burafitaniye isano n’ubumenyi kandi bukoreshwa ku muntu yiyubara, abanza kwiyumvira imbere yo gukora ikintu. Igihe bamunebaguye canke mbere bakamutuka, umuntu w’inkerebutsi ntaca ata ururimi. Abijanishije n’isengesho, aragerageza kugaragaza ivyamwa vy’impwemu yera kugira ntatwarwe n’ishavu (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Umuntu yiyubara ntareka uwundi muntu canke ukuntu ibintu vyifashe ngo bibe ari vyo bimuganza. Ahubwo arigumya kandi akirinda kuba umuntu ashavura ningoga igihe bamubabaje.

Umuntu w’inkerebutsi kandi akorana ubwenge igihe afata ingingo. Arazi yuko ari gake umuntu ashika ku bikorwa biranga ubukerebutsi biciye ku gutomboza, ku gukora ikimujemwo, canke mu gupfa gukurikira agakuku. Ku bw’ivyo, arafata umwanya wo gusuzuma ivyo aba arimwo. Arasuzuma yitonze ibintu vyose bijanye n’ico kibazo maze agahitamwo ico yofata. Aca rero asesangura mu Vyanditswe hanyuma agahitamwo amategeko yo muri Bibiliya canke ingingo ngenderwako zayo zijanye n’ivyo bintu arimwo. Inzira y’uwo muntu iguma igororotse.—Imigani 3:5, 6.

“Intumwa yizigirwa izana gukira”

Twebwe Ivyabona vya Yehova twarashinzwe igikorwa co gutangaza ubutumwa buva ku Mana. Amajambo ari mu mugani ukurikira aradufasha kuguma turi abizerwa mu kurangura igikorwa twashinzwe. Uwo mugani ugira uti: “Intumwa mbi igwa mu vyago, arikw intumwa yizigirwa izana gukira”.Imigani 13:17.

Urabona ko hano hashimika kuri kamere z’iyo ntumwa. Vyogenda gute hamwe nyene gutwara ubutumwa yokora nabi akabugoreka canke akabuhindura? Mbega yobura gucirwa rubi? Rimbura ivya Gehazi, wa musuku w’umumenyeshakazoza Elisa, uwagize umwina agashikiriza ubutumwa bw’ikinyoma Namani ya ntwazangabo y’Umunyasiriya. Imibembe yari yavuye kuri Namani yaciye yimukira kuri Gehazi (2 Abami 5:20-27). Bite ho hamwe nya ntumwa yoba igihemu maze ntitangaze ubwo butumwa? Bibiliya ivuga iti: “[Nutagira] ico uvuga co kubūrira umunyavyaha ngw ave mu ngeso ziwe: uwo munyavyaha azopfira mu bigabitanyo vyiwe, arikw amaraso yiwe [jewe Yehova] ni wewe nzoyaronderako”.—Ezekiyeli 33:8.

Intumwa idahemuka yoyo irikiza ubwayo ikongera igakiza n’abayumviriza. Paulo yahimirije Timoteyo ati: “Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva” (1 Timoteyo 4:16). Iyumvire ukuntu gutangaza inkuru nziza y’Ubwami tubigiranye ukudahemuka bikiza. Birakabura abantu bari mu mero nziza y’umutima bikabayobora ku kuri kubaha kwidegemvya (Yohana 8:32). Mbere naho abantu bokwanka kwumviriza nya butumwa, iyo ntumwa idahemuka yoyo ‘izoba ikijije ubugingo bwayo’ (Ezekiyeli 33:9). Nimuze ntitwigere dufata minenegwe kurangura igikorwa twashinzwe co kwamamaza (1 Ab’i Korinto 9:16). Nimuze kandi twame twitwararika ‘kuvuga ijambo ry’Imana’, ntitwigere turidohokako mu kurijoborora canke mu kurirunga umunyu kugira rirushirize kuba irikwegera.—2 Timoteyo 4:2.

‘Uwumvira igikangiro arubahwa’

Umuntu yiyubara yoba akwiye kubabazwa n’impanuro ngirakamaro iyo ari yose ahawe? Mu Migani 13:18 havuga hati: “Ubgoro n’ibitētērwa bizoba ku wanka gutozwa indero nziza, arik’uwumvira igihano azokwubahwa”. Tuba tubaye inkerebutsi iyo twemeye igihano canke igikangiro, mbere n’igihe tuba tutabisavye. Impanuro nziza irashobora kuba ngirakamaro cane naho twoba twiyumvira ko tutayikeneye. Kwumvira impanuro nk’iyo birashobora kudukingira intuntu, bikongera bikadufasha kwirinda akarambaraye. Kuyirengagiza bizana uguteterwa.

Gukezwa igihe bibereye biratweza umutima bikongera bikaturemesha koko. Mugabo kandi turakeneye kwitega igikangiro tukanacemera. Rimbura nk’akarorero ya makete abiri intumwa Paulo yandikira Timoteyo. Naho yakeje Timoteyo kubera ukudahemuka kwiwe, ayo makete kandi yuzuyemwo impanuro yamuhaye. Paulo abigiranye umutima mwiza, arahanura uwo mugabo akiri muto kuri we ku bijanye no kugumya ukwizera be no kugira ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi, uburyo akwiye gufata abandi mw’ishengero, gutsimbataza kamere yo kuyobokera Imana no kubumbwa n’ivyo afise, kwigisha abandi, kwamirira kure ubuhakanyi, be no kurangura ubusuku bwiwe. Abakiri bato bo mw’ishengero vyoba vyiza barondereye impanuro ku barushirije kumenya utuntu n’utundi kandi bakazakiriza yompi.

“Gendana n’abanyabgenge”

Wa mwami w’inkerebutsi avuga ati: “Icifujwe kigashika kiryohera umutima, arikw ibipfu, kuri vyo kirazira ko biva mu bibi” (Imigani 13:19). Ku bijanye n’insobanuro y’uwo mugani, igitabu kimwe kivuga giti: “Iyo umuntu ashitse ku mugambi yishingiye canke iyo aranguye icipfuzo ciwe, aca yumva icari ku mutima cururutse . . . . Kubera yuko gushika kw’ihangiro umuntu yishingiye ari ikintu ceza umutima bimwe bidasanzwe, bica vyumvikana yuko guheba ikibi bitegerezwa kuba ari ubuyobe ku bantu b’ibipfu. Ivyipfuzo vyabo babishikako baciye mu nzira mbimbi gusa, kandi baramutse bahevye ikibi, boba biyatse umunezero wo kwama bashitsa ivyipfuzo vyabo”. Ese ukuntu bihambaye ko tugira ivyipfuzo bibereye!

Mbega ukuntu abo twifatanya bagira akosho gakomeye ku vyiyumviro vyacu, ku vyo dukunda no ku vyo twanka! Salomo aravuga ukuri kutigera guta igihe mu kuvuga ati: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka” (Imigani 13:20). Ego cane, abo twifatanya, mbere naho vyoba biciye mu vyo kwinezereza, kuri Internet, be no mu vyo dusoma, baragira ico bakoze ku co turi be no ku co tuzoba. Ese ukuntu bihambaye ko duhitamwo abagenzi mu buryo buranga ubukerebutsi!

‘Nusige iragi’

Wa mwami wa Isirayeli avuga ati: “Ivyago bikurikirana abanyavyaha, arikw abagororotsi bazohērwa ivyiza” (Imigani 13:21). Gukurikirana ubugororotsi birazana impera kubera yuko Yehova yitaho abagororotsi (Zaburi 37:25). Ariko rero, dutegerezwa kumenya yuko “ibihe n’ibiza ku muntu” bipfa kutuzako twese (Umusiguzi 9:11). Hoba hari ico twokora kugira twitegurire ibintu bishika giturumbuka?

Salomo avuga ati: “Umunyangeso nziza araga n’abuzukuru” (Imigani 13:22a). Ese ukuntu abavyeyi baba basigiye abana babo iragi ry’agaciro igihe babafashije kumenya Yehova no kugiranira ubucuti bwiza na we! Mugabo none, ntivyoba kandi biranga ukwiyubara umuvyeyi ategekanije, nimba bishoboka, ibintu vy’umubiri bizofasha umuryango hamwe vyoshika urupfu rukamukubiranya? Mu mihingo myinshi, ba serugo boshobora gutegekanya soransi, icete c’iragi kandi bakanaziganya.

Tuvuge iki ku vyerekeye iragi ry’abanyakibi? Salomo abandanya ati: “Ubutunzi bg’umunyavyaha buba buziganirijwe umugororotsi” (Imigani 13:22b). Turetse ivyiza vyo muri iki gihe, ivyo bizoranguka Yehova niyashitsa umuhango yatanze wo kurema “ijuru risha n’isi nsha” ivyo “ukugororoka kuzobamwo” (2 Petero 3:13). Ico gihe abanyakibi bazoba baranduranywe n’imizi, ‘abagwaneza na bo baragwe isi’.—Zaburi 37:11.

Umuntu yiyubara akorana ubwenge mbere n’igihe atunze bike. Mu Migani 13:23 hagira hati: “Har’indya nyinshi mu ndimiro z’imisito y’aboro, ariko har’abo zononekara kubgo kudakora ibiroranye kwabo” (Imigani 13:23). Umuntu atunze duke aratugwiza biciye ku gukorana umwete no ku guhezagirwa n’Imana. Ariko iyo habuze ubutungane, urubanza rutabereye rurashobora gutuma umuntu atakaza itunga ryiwe.

‘Mutoze indero hakiri kare’

Abantu b’abanyagasembwa barakeneye gutozwa indero kandi bakeneye kuyitozwa kuva mu bwana. Wa mwami wa Isirayeli avuga ati: “Ūrinda umwana inkoni aba amwanse, arik’ūmukunda amuhana hakiri kare”.—Imigani 13:24.

Inkoni ni ikimenyetso c’ubukuru. Mu Migani 13:24, iyo nkoni yerekeza ku bukuru bw’abavyeyi. Ngaha, gukoresha inkoni y’ugutoza indero ntivyama bisigura gukubita umwana. Ahubwo iyo nkoni ishaka kuvuga uburyo bwo gukosora, uko bwoba bumeze kwose. Hari umwana iyo akangiriwe n’umutima mwiza biba bihagije kugira akosore inyifato itabereye. Uwundi mwana na we ushobora gusanga akeneye gukangirwa mu buryo burushirije kuba ubukomeye. Mu Migani 17:10 havuga hati: “Umuntu afise ubgenge iy’ahambariwe bimushika kure kurusha ukw inkoni ijana zishika ku gipfu”.

Indero ya kivyeyi ikwiye kwama itanganwa urukundo be n’ubukerebutsi kugira igirire akamaro abana. Umuvyeyi afise urukundo ntarenza uruho rw’amazi ku makosa y’umwana wiwe. Ahubwo riho, arayarondera iyo yinyegeje kugira ayarandure atarashinga imizi. Ariko ntiwumve, umuvyeyi munyarukundo arumvira iyi nkeburo ya Paulo igira iti: “Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana, mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba”.—Abanyefeso 6:4.

Mbega vyogenda gute hamwe umuvyeyi yorekerana umwana wiwe, ntamukosore igihe bikenewe? Uwo muvyeyi yoba azoshimirwa kubera yarekeranye umwana wiwe? Ihibambewe (Imigani 29:21)! Bibiliya ivuga iti: “Umwana bapfa kurekera aho atētereza nyina” (Imigani 29:15). Iyo abavyeyi baretse gukoresha ubukuru bafise, baba berekanye ko ari ba sindabinezwe canke ko batagira urukundo. Ariko rero, iyo babukoresheje babigiranye umutima mwiza kandi bashikamye, baba berekanye ko bitwararikana urukundo ibibondo vyabo.

Umuntu yiyubara kandi agororotse, akorana ubwenge nyakuri, azohezagirwa. Salomo araduhumuriza ati: “Umugororotsi ararya, umutima ugahāga, arikw inda z’abanyakibi zamana inzara” (Imigani 13:25). Yehova arazi icotubera ciza mu mice yose y’ubuzima, haba mu muryango, mu bucuti tugiranira n’abandi, mu busuku bwacu canke igihe tuba turiko turatozwa indero. Vyongeye, tubaye inkerebutsi tugashira mu ngiro impanuro zo mw’Ijambo ryiwe, nta nkeka ko tuzogira ubuzima burushirije kuba bwiza.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 3 Nimba wipfuza ikiganiro gishingiye ku Migani 13:1-14, raba inomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku 15 Nyakanga 2003, urupapuro rwa 21-25.

[Ifoto ku rup. 28]

Iyo umuntu w’inkerebutsi anebaguwe, ntaca ata ururimi

[Ifoto ku rup. 29]

Umwamamaji w’Ubwami w’umwizerwa akora ivyiza vyinshi

[Ifoto ku rup. 30]

Naho gukezwa biremesha, dutegerezwa kwemera gukosorwa

[Ifoto ku rup. 31]

Umuvyeyi afise urukundo, ntarenza uruho rw’amazi ku makosa y’umwana wiwe