Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ushobora kujabuka ukaja i Makedoniya?

Woba ushobora kujabuka ukaja i Makedoniya?

Woba ushobora kujabuka ukaja i Makedoniya?

MU GISAGARA kimwe citwa Tirowa kiri ku kivuko co ku kiyaga muri Aziya Ntoya, hari ikintu intumwa Paulo yeretswe. Yabonye umugabo umwe w’Umunyamakedoniya amwinginga ati: “Jabuka uze i Makedoniya, udufashe.” Paulo amaze kwerekwa uwo mugabo, we hamwe n’abo bari basangiye urugendo baciye ‘biyumvira ko Imana yari yabatumyeko ngo bamenyeshe inkuru nziza’ Abanyamakedoniya. None vyavuyemwo iki? Mu gisagara gikuru citwa Filipi co mu ntara ya Makedoniya, Lidiya be n’abo mu rugo rwiwe barabaye abemera. Hari n’abandi bo muri iyo ntara ya Makedoniya yatwarwa n’Uburoma baciye bakurikira.​—Ibik. 16:9-15.

Muri iki gihe agatima nk’ako karanga umwete karibonekeza mu Vyabona vya Yehova. Benshi baragiye mu turere usanga abamamaji b’Ubwami bakenewe cane, ivyo babigira babikunze kandi bakoresheje uburyo bwabo bwite. Nk’akarorero, Lisa yaripfuza gutuma ubusuku buba co kintu yitwararika mu buzima bwiwe. Yaravuye muri Kanada aja muri Kenya. Trevor na Emily, na bo nyene bakaba ari Abanyakanada, bagiye muri Malawi kugira ngo bagure ubusuku bwabo. Paul na Maggie, bo mu Bwongereza, barabonye ko ugukukuruka kwabo ari akaryo ntangere kotumye bakora vyinshi mu murimo barangurira Yehova, maze baca bagenda mu gihugu kimwe co muri Afirika yo mu Buseruko. Woba ufise agatima ko kwitanga? Woba ushoboye kurimbura ibijanye na mwene ukwo kuja gukorera mu kindi gihugu? Nimba ubishoboye, ni ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe be n’inama ngirakimazi izihe zogufasha kubishikako?

Niwihweze ibikwerekeye

Ikintu kimwe ukeneye kurimbura ni imvo zibigutuma. Yezu yavuze ko ibwirizwa risumba ayandi ari iri: “Gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.” Urukundo ukunda Imana be n’icipfuzo ufise co gushitsa igikorwa twashinzwe co guhindura abantu abigishwa ni zo mvo zikwiye gutuma usukurira mu kindi gihugu. Yezu yongeyeko ati: “Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’” Urukundo umuntu akunda mugenziwe rugaragarira mu cipfuzo kivuye ku mutima afise co kumufasha. (Mat. 22:36-39; 28:19, 20) Gusukurira mu kindi gihugu akenshi usanga bisaba ko ukora cane be n’uko ugaragaza agatima ko kwitanga. Si urugendo rwo kuja kwiryohera gusa. Utegerezwa kuba ubitumwe n’urukundo. Remco na Suzanne baturuka mu Buholande muri iki gihe bakaba bariko basukurira muri Namibiya, bivugira muri make bati: “Urukundo ni rwo rutugumije ng’aha.”

Umucungezi umwe w’umuzunguruko muri Namibiya yitwa Willie, avuga ati: “Ababandanije gusukurira mu kindi gihugu ntibari baje biteze ko abavukanyi bo muri ico gihugu ari bo bobitwararitse. Baje bazi yuko bagiye gukorana n’abavukanyi b’aho kugira ngo babasahirize mu gikorwa co kwamamaza.”

Umaze gusuzuma imvo zibigutuma, nuce wibaza uti: ‘Ni ibintu ibihe niboneye nshobora kuzokoresha mu kindi gihugu? Noba ndi umusuku abishoboye? Mvuga ururimi uruhe? Noba mfise umutima ukunze wo kwiga urundi rurimi?’ Nimubiyage n’umuryango wawe ata gufyina. Nubiyage n’abakurambere bo mw’ishengero urimwo. Vyongeye, ntiwibagire kubibwira Yehova mw’isengesho. Mwene ukwo kwisuzuma ata buryarya ubigiranye kurakwiye kugufasha kubona niba mu vy’ukuri ufise ububangukirwe be n’umwiyemezo wo gukorera mu kindi gihugu.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Numenye ibikwerekeye.”

Aho wosukurira

Mu vyo Paulo yeretswe, yasabwe kuja i Makedoniya. Muri iki gihe, Yehova ntatuyobora mu buryo busiga ubwenge. Ahubwo riho, biciye kuri iki kinyamakuru no ku bindi bisohokayandikiro, abasavyi b’Imana baramenya ivyibare vyinshi bikeneye abamamaji kuruta ibindi. Ku bw’ivyo rero, nutangurire ku kugira urutonde rwa mwene ivyo vyibare. Niba utiteguriye kwiga urundi rurimi canke ukaba uzoguma mu kindi gihugu igihe kirekire, nurimbure ibijanye no gusukurira mu gihugu bakoresha cane ururimi usanzwe uvuga. Nuce utohoza ibisabwa kugira ngo uronke urupapuro ruguha uburenganzira bwo kuba muri ico gihugu, uburyo bwo kwiyunguruza, ukuntu umutekano waho umeze, ukuntu ubuzima bwaho bwifashe muri rusangi be n’ukuntu ikirere kimeze. Hari aho wosanga vyoba ngirakamaro uvuganye n’abigeze kuja gukorera muri ico gihugu. Nubishire mw’isengesho. Niwibuke yuko Paulo n’abo bari basangiye ingendo “bari babujijwe n’impwemu nyeranda kuvuga ijambo mu ntara ya Aziya.” Naho bagerageje kuja i Bitiniya, “impwemu ya Yezu ntiyabemere[ye]” kujayo. Muri ubwo buryo nyene, vyoshobora kugusaba igihe kinaka kugira ngo uhitemwo aho woshobora kuba kirumara koko.​—Ibik. 16:6-10.

Gushika ubu, ushobora kuba umaze kubona ko ari ahantu hake cane ushobora guhitamwo. Niba uriko urazirikana ku bijanye no gusukurira mu kindi gihugu, niwandikire ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu ubona ko woshobora gukoreramwo. Nuvuge kahise kawe ko mu vya gitewokarasi wongere ubaze ibibazo vyose bitomoye woba ufise, nk’ikijanye n’ukuntu ubuzima bwaho bwifashe, inzu woshobora gupanga uko yoba imeze, inzego zitaho amagara y’abantu zihari izo ari zo be n’ikijanye n’uturyo two kuronka akazi. Nuce uha iryo kete canke ayo makete komite y’umurimo y’ishengero urimwo. Bazoyashira hamwe n’ikete bazokwandika ryo kukurata maze bace bayarungikira ibiro vy’amashami wandikiye ata wundi bayacishijeko. Birashoboka ko inyishu uzoronswa zizogufasha guhitamwo aho woba kirumara kurusha ahandi hose.

Umwe Willie twamaze kuvuga, yagize ati: “Abavyifashemwo neza kuruta ni abo usanga akenshi babanje gukubitira muri ico gihugu maze ata kwihuma amaso bakabaririkiza neza imihingo yoshobora kubahimbara. Hari umugabo n’umukenyezi wiwe biyemereye ko basanze vyobabera urugamba gukorera mu karere ka kure cane. Ni co gituma bahisemwo gukorera mu gasagara kari gakeneye abamamaji ariko kabatuma bashobora kubaho mu buryo basanzwe bamenyereye bwotumye bahimbarwa.”

Kwihanganira ingorane zo mu kindi gihugu

Kuva i muhira ukaja gukorera ahantu utazi na gato, nta gukeka ko bizotuma ushikirwa n’ingorane zinaka. Umwe Lisa twamaze kuvuga agira ati: “Kugira irungu birashobora kukubera urugamba rutoroshe.” Ni igiki none kimufasha? Ni ukuguma yiyegereje ishengero arimwo ry’aho hantu aba ubu. Yarishingiye umugambi wo kumenya amazina y’abagize ishengero bose. Kugira ngo ivyo abishikeko, yashika kare ku makoraniro akongera agateba gatoyi amakoraniro arangiye kugira ngo aganire n’abavukanyi n’abavukanyikazi. Lisa yarakorana n’abandi mu busuku, akabatumira aho aba, akongera akarondera abagenzi bashasha. Avuga ati: “Sinicuza kubera ivyo nahevye. Yehova yarampezagiye koko.”

Aho Paul na Maggie basohoreye abana babo, barahevye inzu yabo bari bamazemwo imyaka 30. Paul yigana ati: “Tutari tuvyiteze, twasanze guheba ivyo twari dutunze ari co kintu kitagoye. Guheba umuryango ni co kintu catubereye urugamba cane kuruta uko twavyiyumvira. Mu ndege twaguma twiyuha iryosozi. Biroroshe cane kwiyumvira ko tutari dushoboye kwimuka. Ariko twarihetse kuri Yehova. Kurondera abagenzi bashasha vyaratumye turushiriza kwumira ku mwiyemezo wacu.”

Greg na Crystal bahisemwo kuva muri Kanada baja gukorera muri Namibiya kubera ko bavuga icongereza, runo rukaba ari rwo rurimi rukoreshwa mu nzego za Leta aho muri Namibiya. Ariko rero, bahavuye babona ko vyobaye ngirakamaro cane bize ururimi kavukire rwaho. Bavuga bati: “Vyarashika tukumva turacitse intege. Ariko rero, tumaze kumenya urwo rurimi kavukire ni ho twaza twatahura imico kama yaho. Kwifatanya cane n’abavukanyi baho vyaradufashije guhuza n’uko ibintu vyari vyifashe aho hantu hashasha twaba.”

Kugaragaza mwene ako gatima ko kwicisha bugufi no kwitanga birashobora kugira ikintu ciza bikoze no ku bavukanyi b’aho ukorera. Jenny arahimbarwa no kwibuka imiryango yagiye gukorera muri Irilande, igihugu yakuriyemwo. Avuga ati: “Bari abakiranyi. Vy’ukuri bari baje gusukurira abandi, atari ugusukurirwa. Bari abanyamwete cane bakaba n’abantu bahimbawe cane ku buryo na jewe nagerageje kubigana.” Ubu Jenny n’umunega wiwe basukurira muri Gambiya ari abamisiyonari.

Umugisha wa Yehova “uratungisha”

Ese ukuntu Paulo yabonye i Makedoniya ibintu biteye umunezero! Haciye nk’imyaka cumi, yarandikiye abavukanyi b’i Filipi ati: “Nama nantaryo nshimira Imana yanje igihe cose ndabibutse.”​—Flp. 1:3.

Trevor na Emily, bano bakaba basukurira muri Malawi imbere y’uko batumirwa kwitaba rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower, na bo nyene bumva bamerewe nk’uko kwa Paulo. Greg na Crystal twamaze kuvuga bagira bati: “Vyarashika tukibaza niba twariko dukora ikintu kibereye, ariko twari duhimbawe. Twumva turushirije kwiyegerezanya no guhezagirwa na Yehova. Nta kindi kintu twohisemwo gukora coza kiruta iki.”

Tuvugishije ukuri, si uwo ari we wese yoshobora gukorera mu kindi gihugu. Hari abo vyobera vyiza kuruta bagiye gukorera mu karere ko mu gihugu cabo c’amavukiro gakeneye abamamaji kuruta ubundi. Abandi barashobora kwishingira imigambi yo gukorera mu yandi mashengero ya hafi y’aho basanzwe baba. Igihambaye ni uko wokora ukwo ushoboye kwose kugira ngo usukurire Yehova. (Kol. 3:23) Gutyo, uzobona ko aya majambo yahumetswe ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Umugisha w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo.”​—Imig. 10:22.

[Uruzitiro ku rup. 5]

 Numenye ibikwerekeye

Kugira wisuzume ngo umenye niba ushobora gusukurira mu kindi gihugu, nurimbure ibibazo bikurikira wisuzume utihenda ubijanishije n’isengesho kandi utarengeje urugero kugira ngo ubone nimba ushobora kuja gukorera mu kindi gihugu. Aya makuru yasohowe mu nomero za kera z’Umunara w’Inderetsi arashobora kugufasha kubigenza gutyo.

• Noba ndi umuntu akomeye mu vy’impwemu?​—“Intambwe zishikana ku buhirwe” (w97-F 15/10, rup. 6)

• Noba ndi umusuku abishoboye?​—“Uburyo bwo kuvyifatamwo neza mu murimo w’ubutsimvyi” (w89-F, 15/5 rup. 21)

• Noba nshobora kuba kure y’umuryango n’abagenzi?​—“Kwihanganira ingorane zo mu mahanga uriko usukurira Imana” (w94-F 15/5, rup. 28)

• Noba nshobora kwiga urundi rurimi?​—“Gukorana n’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga” (w06 15/3, rup. 17)

• Noba noronka amahera yose nzokenera ninaja gukorera mu mahanga?​—“Woba ushobora gusukurira mu mahanga?” (w99-F 15/10, rup. 23)

[Ifoto ku rup. 6]

Kugira agatima ko kwicisha bugufi no kwitanga birashobora kugira ikintu ciza bikoze ku bavukanyi bo mu gihugu wagiye gukoreramwo

[Ifoto ku rup. 7]

Abaza bazanywe no gusukura usanga ari bo baroranirwa