Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Nkwiye gukora iki mu gihe mfise ikibazo cerekeye ikintu kinaka nasomye muri Bibiliya canke mu gihe nkeneye impanuro ku vyerekeye ingorane yinaka inyerekeye?

Mu Migani 2:1-5 hahimiriza umwe wese muri twebwe ‘kuguma arondera’ ugutegera n’ugutahura nk’aho yoba ariko ararondera “amatungo yanyegejwe.” Ivyo bishaka kwerekana yuko dukwiye kwihatira kurondera inyishu z’ibibazo vyacu bishingiye kuri Bibiliya no kurondera gutorera umuti ingorane zacu. None ivyo twobigira gute?

Igitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, urupapuro rwa 33 gushika ku rwa 38, kiraca irya n’ino “Uburyo bwo Kugira Ubushakashatsi” umuntu akoresheje ibikoresho bitangwa na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45) Ku rupapuro rwa 36 harasigura ingene yokoresha igitabu Index des publications Watch Tower, integuro imwimwe yose y’ico gitabu ikaba igabuwe mw’ironderero ry’ibiganiro be n’iry’ivyanditswe. Ivyo biratuma ushobora kurondera ufatiye ku majambo nyamukuru canke ku mirongo yo muri Bibiliya, maze ukaronka urutonde rw’amarabiro woronderamwo ivyo ukeneye. Vyongeye, turashobora gukoresha Ironderero ry’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi riboneka buri mwaka mu Nteguro y’ukwiga yo muri Kigarama. Niwihangane igihe uriko urarondera inyishu kanaka canke ubuyobozi bunaka ukeneye. Uribuka yuko uriko urarondera “amatungo yanyegejwe,” ivyo bikaba bisaba umwanya n’akigoro.

Ariko ntiwumve, hariho ibiganiro be n’ivyanditswe bimwebimwe bitaragira ico bivuzweko mu buryo budomako mu bisohokayandikiro vyacu. N’ikindi kandi, naho twoba tumaze kugira ico tuvuze ku canditswe kinaka, hari aho tutoba twarishuye ikibazo kinaka wibaza. Vyongeye, inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya ziratuma havyuka ibibazo kubera ko amakuru yose azerekeye atashizwe mu Vyanditswe. Ku bw’ivyo, ntidushobora guca turonka inyishu ku kibazo cose kiba kivyutse. Mu gihe nk’ico, dukwiye kwirinda gutomboza turondera kumenya inyishu z’ibibazo bidashobora kwishurwa, kugira ngo ntiduhave tuja mu vyo guharira ku “bibazo vyo kugirira ubushakashatsi aho kuvamwo itangwa ry’ikintu cose kiva ku Mana mu bijanye n’ukwizera.” (1 Tim. 1:4; 2 Tim. 2:23; Tito 3:9) Vyaba ibiro vy’ishami canke icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova ntibishobora kwihweza no kwishura mwene ivyo ibibazo vyose biba bitigeze biganirwako mu bisohokayandikiro vyacu. Turashobora guhimbarwa n’uko Bibiliya ituronsa amakuru akwiye ashobora kutuyobora mu buzima, ariko kandi ikirengagiza utuntu tw’ido n’ido tutari duke kugira ngo turonke akaryo ko kwerekana yuko twizera cane uwo ikomokako, uwo na we akaba ari Imana.​—Raba urupapuro rwa 185 gushika ku rwa 187 mu gitabu Niwiyegereze Yehova.

Bite ho mu gihe uba wakoze ibishoboka vyose mu kugira ubushakashatsi ku ngorane yinaka ikwerekeye ariko ukaba utararonka ubuyobozi ukeneye canke ukaba utarayitorera umuti? Ntiwitinye kwitura uwo musangiye ukwemera ahumuye, kumbure umwe mu bakurambere b’aho iwanyu. Usanga bafise ubumenyi bwo muri Bibiliya bwinshi, bakaba kandi bazi utuntu n’utundi mu bijanye n’ubuzima bw’abakirisu. Imfashanyo ibereye bokuronsa yokubera canecane ngirakamaro mu gihe woba ukeneye ko baguha impanuro ku bijanye n’ingorane woba ufise canke ingingo woba wipfuza gufata, kubera ko bakuzi bakaba kandi bitwararika cane ivyawe. N’ikindi kandi, ntuze wigere wibagira gutura Yehova isengesho ridomako ku vyerekeye ibintu bikuraje ishinga maze umusabe ngo ayobore ivyiyumviro vyawe akoresheje impwemu nyeranda yiwe, “kuko Yehova ubwiwe atanga ubukerebutsi . . . n’ugutahura.”​—Imig. 2:6; Luka 11:13.