Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nimuze tunezeranwe!

Nimuze tunezeranwe!

Nimuze tunezeranwe!

KURONKA agahimbare n’umunezero biriko birarushiriza kuba umuzi w’ibuye. Benshi babona yuko kunezeranwa n’abandi bisa n’ibidashoboka. Ubuzima bwo mu gihe ca none, na canecane ubwo mu bisagara bininibinini, buratuma abantu bikumira bakongera bakigungira ukwabo.

Umwigisha umwe w’icigwa kijanye n’inyifato y’abantu ari we Alberto Oliverio avuga ati: “Irungu ni ikintu usanga abantu benshi bafise,” kandi “nta gukeka ko ubuzima bwo mu bisagara bininibinini butuma vyoroha ko abantu bigungira ukwabo. Mu bihe vyinshi, biratuma twirengagiza ubuzima bw’uwo dukorana mu biro, ubw’umubanyi, canke ubw’umukozi akorera ku mangazini yo mu kibano.” Ukwigunga bene ukwo kurakunda gutuma abantu bagira akabonge.

Ariko rero, abakirisu bagenzi bacu bobo ntibameze gutyo. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mwame munezerwa.” (1 Tes. 5:16) Turafise imvo nyinshi zo guhimbarwa no kunezeranwa n’abandi. Dusenga Imana Musumbavyose Yehova; turatahura ubutumwa bwerekeye ukuri bwo muri Bibiliya; turizigiye kurokoka no kuronka ubuzima budahera; turashobora kandi gufasha abandi kuronka imihezagiro nk’iyo.​—Zab. 106:4, 5; Yer. 15:16; Rom. 12:12.

Kunezerwa no kunezeranwa n’abandi ni ibintu biranga abakirisu b’ukuri. Ntibitangaje rero kuba Paulo yarandikiye Abafilipi ati: “Ndahimbawe kandi nkanezeranwa namwe mwese. Na mwebwe nyene rero, nimuhimbarwe kandi munezeranwe nanje.” (Flp. 2:17, 18) Paulo akoresheje ayo majambo makeyi gusa, aravuga incuro zibiri ibijanye no guhimbarwa hamwe no kunezeranwa n’abandi.

Birumvikana ko abakirisu bakwiye kwiyubara kugira ngo birinde agatima ako ari ko kose boba bafise ko kwigungira ukwabo. Umuntu wese yikumira ntashobora kunezeranwa n’abo basangiye ukwemera. Dushobora gute none gukurikiza amajambo Paulo yavuze aduhimiriza ‘kubandanya kunezeranwa mu Mukama’ n’abavukanyi bacu?​—Flp. 3:1.

Nunezeranwe n’abo musangiye ukwemera

Igihe Paulo yandikira iryo kete Abafilipi, ashobora kuba yari apfungiwe i Roma ahorwa ibikorwa yakora bijanye no kwamamaza. (Flp. 1:7; 4:22) Yamara, ugupfungwa ntikwagabanije igishika yari afitiye ubusuku. Ahubwo nyabuna, yaranezererwa no gukorera Yehova uko ashoboye kwose be no “[gu]sukwa nk’ishikanwa ry’ikinyobwa.” (Flp. 2:17) Agatima Paulo yari afise karerekana yuko umunezero utavana n’ukuntu ivy’umuntu biba vyifashe. Naho yari apfunzwe, yavuze ati: “Mbere nzoguma nezerwa.”​—Flp. 1:18.

Paulo yari yarashinze ishengero i Filipi kandi yariyumvamwo bimwe bidasanzwe abavukanyi biwe bari ng’aho. Yari azi ko gusangira na bo umunezero yaronka mu gukorera Yehova na bo nyene vyari kubaremesha. Ni co gituma yanditse ati: “Nshaka rero ko mumenya, bene wacu, yuko ivyanje, aho kuvamwo ikindi, vyahavuye riho bituma inkuru nziza itera imbere, ku buryo imvuto zanje mu bijanye na Kristu zabaye akazwi na bose mu barinzi b’umwami bose no mu bandi bose.” (Flp. 1:12, 13) Kuba Paulo yaravuze ico kintu kiremesha camushikiye bwari bumwe mu buryo bwo kwerekana ko ahimbarwa akongera akanezeranwa n’abavukanyi biwe. Abafilipi na bo bategerezwa kuba baranezeranywe na Paulo. Ariko rero kugira ngo banezeranwe na we, bategerezwa gudacibwa intege n’ivyariko biramushikira. Ahubwo, bari bakeneye kwigana akarorero kiwe. (Flp. 1:14; 3:17) Vyongeye, Abafilipi bari gushobora kubandanya gushira Paulo mu masengesho yabo bakongera bakamufasha kandi bakamushigikira uko bashoboye kwose.​—Flp. 1:19; 4:14-16.

Twoba tugaragaza agatima k’umunezero nk’ako Paulo yagaragaza? Twoba twihatira kubona ibintu vyiza mu bidushikira mu buzima no mu busuku bwacu bwa gikirisu? Igihe turi kumwe n’abavukanyi bacu, ni vyiza ko tunezererwa igikorwa co gushinga intahe. Si ngombwa ngo turindire gushika twiboneye ibintu vy’agatangaza kugira ngo tubigire. Dushobora kuba twarashoboye gutuma umuntu ashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami dukoresheje uburyo buri n’ico buvamwo bwo gutanguza ikiyago canke bwo kumufasha kuzirikana. Kumbure twarayaze neza n’uwo dusanze ku muhana ku bijanye n’icanditswe kinaka. Canke, abantu bo mu cibare bashobora gusa kuba baramenye ko turi Ivyabona vya Yehova, maze ivyo ubwavyo bikavamwo intahe nziza. Kubwira abandi ibintu nk’ivyo vyadushikiye ni uburyo bwo kunezeranwa na bo.

Benshi mu basavyi ba Yehova baragize ivyo bahevye, n’ubu bakiriko, kugira ngo igikorwa co kwamamaza kirangurwe. Abatsimvyi, abacungezi b’ingenzi, abanyabeteli, abamisiyonari, n’abakozi mvamakungu baritanga mu murimo w’igihe cose kandi baranezerwa uko bawurangura. Twoba duhimbarwa tukongera tukanezeranwa na bo? Nimba ari ukwo biri, nimuze dukengurukire abo ‘bakozi bagenzi bacu ku bw’Ubwami bw’Imana’ bakundwa. (Kol. 4:11) Igihe turi kumwe na bo ku makoraniro y’ishengero canke ku materaniro ya gikirisu maninimanini, turashobora kubaremesha n’igishika. Turashobora kandi kwigana umwete wabo. Vyongeye, turashobora kurondera “akaryo” ko kwumviriza ivyabashikiye be n’amajambo yubaka bavuga, mu kubagaragariza ubwakiranyi, kumbure tugasangira na bo akajumbu.​—Flp. 4:10.

Nunezeranwe n’abari mu bigeragezo

Kuba Paulo yarihanganiye uruhamo akongera agatsinda ibigeragezo vyarakomeje umwiyemezo yari afise wo kuguma ari umwizigirwa kuri Yehova. (Kol. 1:24; Yak. 1:2, 3) Kuba yari azi ko abavukanyi b’i Filipi bari gushobora gushikirwa n’ibigeragezo nk’ivyo be n’uko boremeshejwe no kuba yarumiye kw’ibanga, vyatumye ahimbarwa yongera aranezeranwa na bo. Ni co gituma yanditse ati: “Mwatewe agateka ku bwa Kristu, atari ako kumwizera gusa, ariko n’ako gucumukura ku bwiwe. Kuko murwana urugamba nk’urwo nyene mwabonye ku binyerekeye, nk’uko n’ubu mwumva ruvugwa ku binyerekeye.”​—Flp. 1:29, 30.

No muri iki gihe nyene, abakirisu bararwanywa kubera igikorwa cabo co gushinga intahe. Rimwe na rimwe usanga ukwo kurwanywa gukaze, mugabo akenshi kuba kutibonekeza. Kwoshobora kuza muri ubu buryo: Abahuni boshobora kutwagiriza ibinyoma, abo mu muryango bakatwanka, abo dukorana canke abo twigana bakadutyekeza. Yezu yagabishije ko ivyo bigeragezo bidakwiye kudutangaza canke kuduca intege. Ahubwo, bikwiye gutuma tunezerwa. Yavuze ati: “Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabahama kandi bakababeshera ibintu bibi vy’ubwoko bwose babampora. Munezerwe musimbasimbishwe n’akanyamuneza, kuko impembo yanyu ari nini mw’ijuru.”​—Mat. 5:11, 12.

Ntidukwiye gutekerwa n’ubwoba canke kuranduka umutima igihe twumvise yuko abavukanyi bacu bariko barashikirwa n’uruhamo rukaze mu bihugu bimwebimwe. Ahubwo, dukwiye kunezerezwa n’uko bumira kw’ibanga. Turashobora kubashira mu masengesho dutura, tugasaba Yehova ngo akomeze ukwizera kwabo yongere atume barushiriza kwihangana. (Flp. 1:3, 4) Naho ata kindi twoshobora gukora kugira ngo dufashe abo bavukanyi bacu twikundira, turashobora gufasha abo turi kumwe mw’ishengero bariko barashikirwa n’ibigeragezo. Turashobora kubitwararika kandi tukabashigikira. Turashobora kurondera uturyo two kunezeranwa na bo mu kuza turacishamwo tukabatumira kugira ngo bifatanye natwe kuri wa mugoroba ugenewe Ugusenga kwo mu muryango, mu kwifatanya na bo mu gikorwa co kwamamaza, no mu kumarana umwanya na bo turiko turiruhura.

Turafise imvo nyinshi zo kunezeranwa n’abandi! Nimuze tunanire agatima k’iyi si ko kwigunga maze tubandanye kunezeranwa n’abavukanyi bacu. Nitwabigenza gutyo, uretse ko tuzogira ico duterereye ku rukundo n’ubumwe birangwa mw’ishengero, tuzonezerwa kandi n’umuryango w’abakirisu bimwe bishitse. (Flp. 2:1, 2) Ego cane, ‘twame tunezerwa mu Mukama,’ kuko Paulo aduhimiriza ati: “Ndongeye kubivuga: Nimunezerwe!”​—Flp. 4:4.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 6]

Umubumbe w’isi: Tuwukesha Replogle Globes