Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mutere iteka abageze mu zabukuru bari muri mwebwe

Mutere iteka abageze mu zabukuru bari muri mwebwe

“Uze wubahirize [canke, “utere iteka”] umuntu w’umutama.”​—LEW. 19:32.

1. Ni ibintu bibabaje ibihe bishikira abantu?

YEHOVA ntiyigeze ashaka ko abantu bashikirwa n’ingaruka zibabaje z’ubusaza. Ahubwo yashaka ko abagabo n’abagore bibera mw’Iparadizo bafise amagara meza. Ariko ubu “ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe.” (Rom. 8:22) Wibaza ko Imana imererwa gute iyo yihweje ingaruka mbi z’igicumuro mu bantu? Vyongeye, abageze mu zabukuru benshi birashika bakirengagizwa mu gihe nyene baba bakeneye gufashwa cane.​—Zab. 39:5; 2 Tim. 3:3.

2. Kubera iki abakirisu bakenguruka kuba bafise mw’ishengero abageze mu zabukuru?

2 Abasavyi ba Yehova barakenguruka kuba mw’ishengero harimwo abageze mu zabukuru. Turungukira ku bukerebutsi bwabo kandi turumva tuvyuriwe umutima wo kwigana akarorero kabo k’ukwizera. Benshi muri twebwe ni incuti z’abo bageze mu zabukuru twikundira. Yamara, twaba dufise incuti muri abo bene wacu na bashiki bacu bageze mu zabukuru canke tutayifise, turitwararika yuko bamererwa neza. (Gal. 6:10; 1 Pet. 1:22) Twese turaza kwungukira ku gusuzuma ukuntu Imana ibona abageze mu zabukuru. Turaza kandi kwihweza amabanga abagize umuryango be n’ishengero bajejwe ku bijanye n’abo bageze mu zabukuru twikundira.

“NTUNTE”

3, 4. (a) Ni ikintu gihambaye ikihe uwanditse Zaburi ya 71 yasavye Yehova? (b) Ni igiki abageze mu zabukuru bo mw’ishengero bashobora gusaba Imana?

3 Uwanditse Zaburi 71:9 ahumekewe n’Imana, yatakambiye Imana  ati: “Ntunte mu gihe c’ubusaza; igihe nyene inkomezi zanje ziriko zirayama, ntumpebe.” Biboneka ko iyo zaburi ibandaniriza ku bivugwa muri Zaburi ya 70, ino ikaba ifise amajambo y’intangamarara avuga ngo “Ni izaburi ya Dawidi.” Birashoboka rero ko Dawidi ari we yasavye ico kintu dusoma muri Zaburi 71:9. Yakoreye Yehova Imana kuva mu buto bwiwe gushika mu busaza, kandi yaramukoresheje mu buryo bukomeye. (1 Sam. 17:33-37, 50; 1 Abm. 2:1-3, 10) Ariko ico nticabujije ko Dawidi abona ko akeneye gusaba Yehova ngo abandanye kumutonesha.​—Soma Zaburi 71:17, 18.

4 Benshi muri iki gihe bameze nka Dawidi. Naho bitereye mu myaka bakaba kandi bari mu “misi y’ivyago,” barabandanya gushemeza Imana uko bashoboye kwose. (Umus. 12:1-7) Hari aho benshi muri bo batoba bagishobora gukora ivyo bigeze gukora vyose mu mice itandukanye y’ubuzima bwabo, harimwo n’ubusuku. Ariko na bo nyene barashobora gutakambira Yehova ngo abandanye kubatonesha no kubitwararika. Abo bantu b’abizigirwa bageze mu zabukuru barashobora kwizigira badakeka ko Imana izokwishura amasengesho yabo. Nakare, ayo masengesho arahuye n’imyitwarariko itegereka Dawidi yaseruye ahumekewe n’Imana.

5. Yehova abona gute abageze mu zabukuru b’abizigirwa?

5 Ivyanditswe biratomora neza ko Yehova aha agaciro cane abageze mu zabukuru b’abizigirwa be n’uko yiteze ko abasavyi biwe babatera iteka. (Zab. 22:24-26; Imig. 16:31; 20:29) Mu Balewi 19:32 havuga hati: “Imbere y’umuntu w’imvi uze uhaguruke, kandi uze wubahirize [canke, “utere iteka”] umuntu w’umutama, kandi utegerezwa gutinya Imana yawe. Ndi Yehova.” Egome, gutera iteka abageze mu zabukuru bo mw’ishengero ryari ibanga rikomeye igihe ayo majambo yandikwa, kandi n’ubu ni ko bikiri. Ariko none, tuvuge iki ku bijanye no kubitwararika? Ni nde ajejwe iryo banga?

IBANGA UMURYANGO UJEJWE

6. Ni akarorero akahe Yezu yatanze mu bijanye no kwitwararika umuvyeyi?

6 Ijambo ry’Imana ritubwira riti: “Tera iteka so na nyoko.” (Kuv. 20:12; Ef. 6:2) Yezu yarashimitse kuri iryo tegeko igihe yahambarira abafarizayo n’abanditsi banka kuronsa abavyeyi babo ivyo bari bakeneye. (Mrk. 7:5, 10-13) Yezu ubwiwe yaratanze akarorero keza. Nk’akarorero, igihe yagira apfire ku giti, yarajeje Yohani umwigishwa wiwe yakunda ibanga ryo kumwitwararikira nyina, bikaba biboneka ko ico gihe yari umupfakazi.​—Yoh. 19:26, 27.

7. (a) Ni ingingo ngenderwako iyihe intumwa Paulo yatanze mu bijanye no kuronsa abavyeyi ivyo bakeneye? (b) Ni ibiki Paulo yariko aravuga igihe yatanga iyo ngingo ngenderwako?

7 Intumwa Paulo ahumekewe n’Imana, yaranditse yuko abemera Imana bakwiye kuronsa abo mu ngo zabo ivyo bakeneye. (Soma 1 Timoteyo 5:4, 8, 16.) Rimbura ivyo Paulo yariko aravuga igihe yandikira Timoteyo ayo majambo. Yaravuze uwukwiye n’uwudakwiye gufashwa n’ishengero mu bijanye n’amahera. Yaratomoye ko abana bemera b’abapfakazi bageze mu zabukuru, abuzukuru babo bemera be n’izindi ncuti zabo zemera ari bo canecane bakwiye kubaronsa ivyo bakeneye. Ku bw’ivyo, nta muzigo udakenewe w’ivy’amahera ishengero ryokwikoreye. No muri iki gihe, bumwe mu buryo abakirisu bagaragaza “ukwihebera Imana” ni ukuronsa incuti zabo ivyo zikeneye mu vy’umubiri.

8. Kubera iki Bibiliya idatomora ukuntu umuntu akwiye kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru?

8 Muri make, abana bizera bakuze barafise ibanga ryo kwitwararika yuko abavyeyi babo baronka ivyo bakeneye mu vy’umubiri. Ni ivy’ukuri ko Paulo yariko avuga ibijanye n’incuti zemera, ariko n’abavyeyi batari mw’ishengero rya gikirisu ntibakwiye kwirengagizwa. Abavyeyi ntibakenera kwitwararikwa kumwe. Uko ivy’umwe vyifashe si ko ivy’uwundi biba vyifashe. Uko umwe ameze, uko amagara yiwe yifashe n’ivyo  akenera usanga bitandukanye n’ivy’uwundi. Abageze mu zabukuru bamwebamwe usanga bafise abana benshi ariko abandi bakaba bifitiye umwana umwe gusa. Hari abashobora kwizigira gufashwa na Leta, abandi na bo ugasanga si ko biri. Ibishimisha abo bakeneye kwitwararikwa na vyo nyene usanga bitandukanye. Ntivyoba rero biranga ubukerebutsi canke urukundo tunebaguye ukuntu umuntu ariko arihatira kwitwararika incuti ziwe zigeze mu zabukuru. Nakare, Yehova arahezagira ingingo yose ishingiye ku Vyanditswe ifatwa agatuma ivamwo ivyiza, ivyo akaba ari ko vyame biri kuva mu gihe ca Musa.​—Guh. 11:23.

9-11. (a) Ni ingingo zitoroshe izihe vyoshika bamwebamwe bakabwirizwa gufata? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni kubera iki abana bakuze badakwiye kwihutira kuva mu murimo w’igihe cose? Tanga akarorero.

9 Igihe abavyeyi n’abana baba kure na kure, kuronsa abavyeyi bageze mu zabukuru imfashanyo bakeneye birashobora kuba urugamba. Igihe amagara y’umuvyeyi abaye nabi bukwi na bukwi bitumwe kumbure n’uko atemvye, avunitse canke agize iyindi ngorane, vyoshobora gutuma bihutira kuja kumuraba. Inyuma y’aho, hari aho vyokenerwa ko abavyeyi bamara igihe gito canke kirekire bafashwa. *

10 Abasuku b’igihe cose barangurira imirimo y’ivya gitewokarasi kure y’i muhira vyoshika aho babwirizwa gufata ingingo zigoye cane. Abanyabeteli, abamisiyonari be n’abacungezi b’ingenzi babona ko igikorwa bashinzwe ari ic’agaciro, ko ari umuhezagiro uva kuri Yehova. Ariko rero, bishitse abavyeyi babo bakarwara, hari aho boca bavuga bati: ‘Dukwiye guhagarika igikorwa tugataha kwitwararika abavyeyi bacu.’ Yamara, vyoba vyiza barimbuye bajanisha n’isengesho nimba ivyo ari vyo koko abavyeyi bakeneye canke bipfuza. Nta n’umwe akwiye kwihutira guheba uduteka tw’umurimo, kandi vyoshobora kutama bikenewe. Ico kibazo c’amagara coba ari ic’igihe gito ku buryo bamwebamwe mu bo mw’ishengero abo bavyeyi barimwo boshima gufasha?—Imig. 21:5.

11 Rimbura nk’akarorero ivyerekeye abavukana babiri bari basanzwe bakorera kure y’i muhira. Umwe yari umumisiyonari muri Amerika y’Epfo, uwundi na we akaba yakorera ku cicaro gikuru i Brooklyn muri New York. Abavyeyi babo bageze mu zabukuru bari bakeneye gufashwa. Abo bahungu n’abakenyezi babo barafashe urugendo baja kuraba abo bavyeyi mu Buyapani kugira barabe imfashanyo yari ikenewe n’ukuntu yotanzwe. Mu nyuma, uwakorera muri Amerika y’Epfo n’umukenyezi wiwe bariko biyumvira ko bova mu gikorwa cabo bagasubira i muhira. Bagiye bumva umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere w’ishengero abo bavyeyi barimwo abaterefonye. Abakurambere bari barayaze ivy’ico kintu bakaba baripfuza yuko abo bamisiyonari bobandanya igikorwa cabo igihe kirekire gishoboka. Baraha agaciro umurimo abo bamisiyonari barangura kandi bari biyemeje gukora uko bashoboye kwose ngo babafashe kwitwararika abavyeyi babo. Abagize uwo muryango bose barakengurutse ukwo kuntu babitwararitse mu buryo buranga urukundo.

12. Ni igiki umuryango w’abakirisu ukwiye kwitwararika igihe ufata ingingo iyo ari yo yose yo kwitwararika umuvyeyi ageze mu zabukuru?

12 Uburyo ubwo ari bwose abagize umuryango w’abakirisu bokoresha mu kuronsa abavyeyi bageze mu zabukuru ivyo bakeneye, nta gukeka ko abo vyega bose bazoshima kwiyemeza neza ko butera iteka izina ry’Imana. Ntitwokwigera twipfuza kuba nka za ndongozi z’idini zo mu gihe ca Yezu. (Mat. 15:3-6) Twipfuza ko ingingo dufata zitera iteka Imana n’ishengero.​—2 Kor. 6:3.

IBANGA ISHENGERO RIJEJWE

13, 14. Bibiliya yerekana gute ko amashengero akwiye gufasha mu bijanye no kwitwararika abageze mu zabukuru bari muri yo?

13 Si bose bashobora gufasha abasuku b’igihe cose muri ubwo buryo duhejeje kuvuga.  Ariko dufatiye ku kintu cabaye mu kinjana ca mbere, biragaragara ko amashengero yitaho kuronsa bene wacu na bashiki bacu b’intangakarorero bageze mu zabukuru ivyo bakeneye. Bibiliya iravuga ko mw’ishengero ry’i Yeruzalemu ‘ata n’umwe muri bo yari mu mukeno.’ Si uko bose bari abatunzi. Biboneka ko bamwebamwe ata bintu vyinshi bari batunze, mugabo ‘umwe wese yaragabanganirizwa, nk’uko yaba akeneye.’ (Ivyak. 4:34, 35) Mu nyuma hari ikintu cabaye muri iryo shengero. Vyaramenyeshejwe ko hari “abapfakazi . . . bariko birengagizwa mw’igaburwa [ry’ibifungurwa] ryo ku musi ku musi.” Intumwa zarashinze rero ko hagenwa abagabo bakwije ibisabwa, bano baca bashiraho intunganyo kugira ngo biyemeze neza ko abo bapfakazi baronswa neza ivyo bakeneye kandi ata kurenganya. (Ivyak. 6:1-5) Ni ivy’ukuri yuko iryo gaburwa ryo ku musi ku musi yari intunganyo y’igihe gito yari igenewe kuronsa abari babaye abakirisu kuri Pentekoti yo 33 ivyo bari bakeneye, bano bakaba bari babaye baraguma i Yeruzalemu kugira bakomezwe mu kwizera. Naho vyari ukwo, inyishu intumwa zatanze irerekana ko ishengero rishobora gufasha kwitwararika abakeneye gufashwa.

14 Nk’uko twabibonye, Paulo yarahaye Timoteyo ubuyobozi bwerekana igihe vyoba bibereye ko abapfakazi bizera bafashwa n’ishengero mu buryo bw’umubiri. (1 Tim. 5:3-16) Umwanditsi wa Bibiliya Yakobo yanditse ahumekewe n’Imana, na we nyene yaremeje ko abakirisu bafise ibanga ryo kwitwararika impfuvyi, abapfakazi, n’abandi bari mu makuba canke bari n’ivyo bakeneye. (Yak. 1:27; 2:15-17) Intumwa Yohani na we nyene yaradufashije kuzirikana mu kuvuga ati: “Uwo wese afise uburyo bwo kwibeshaho bwo muri iyi si akabona mwene wabo ari mu mukeno yamara akamwugarirako impuhwe ziwe z’ikibabarwe, mbega urukundo rw’Imana ruguma muri we gute?” (1 Yoh. 3:17) Nimba umukirisu wese ku giti ciwe ajejwe iryo banga ryo kwitaho abakeneye gufashwa, si ko none bikwiye kumera no ku mashengero?

Ishengero ryofasha gute igihe habaye isanganya? (Raba ingingo ya 15, 16)

15. Ni ibiki vyoshobora kwihwezwa igihe turiko turafasha benewacu na bashiki bacu bageze mu zabukuru?

15 Mu bihugu bimwebimwe, abategetsi bararonsa abanyagihugu bageze mu zabukuru amahera ahabwa abakukurutse, imfashanyo zihabwa abatishoboye, bakabashiriraho n’ibigo vyo kubitwararika. (Rom. 13:6) Ahandi na ho usanga ata ntunganyo nk’izo zihari. Ku bw’ivyo, urugero incuti n’ishengero bigezako mu gufasha benewacu na bashiki bacu bageze mu zabukuru, usanga rutandukanye bivanye n’ukuntu ibintu vyifashe. Nimba abana bemera baba kure y’abavyeyi babo, vyoshobora kugira ico bihinduye ku rugero bashoboye gushikanako mu gufasha abavyeyi babo. Vyoba vyiza batitinye kuyaga n’abakurambere bo mw’ishengero abavyeyi babo barimwo kugira  biyemeze neza ko bose batahura ukuntu ivy’uwo muryango vyifashe. Nk’akarorero, hari aho abakurambere boba bashoboye gusahiriza mu gufasha abo bavyeyi kumenya indinganizo leta yashizeho zo gufasha abanyagihugu no kuzungukirako. Boshobora kandi kubona ibintu bomenyesha abo bana bakuze, nk’akarorero amafagitire abo bavyeyi batarishe canke imiti batafashe. Ukwo guhanahana amakuru kugiranywe imvo nziza n’umutima mwiza kurashobora gutuma ibintu bitarushiriza kumera nabi, kugatuma hatorwa umuti ngirakamaro. Biragaragara ko igihe haciye haboneka abafasha n’abatanga impanuro, bakahabera abo bana, vyotuma umuryango udahagarika umutima cane.

16. Abakirisu bamwebamwe bafasha gute abo mw’ishengero bageze mu zabukuru?

16 Bivuye ku rukundo bakunda abageze mu zabukuru, abakirisu bamwebamwe baratanze babikunze umwanya wabo n’inguvu zabo kugira bafashe mu vyo bashoboye vyose. Barihatira kurushiriza kwitwararika abageze mu za bukuru bo mw’ishengero. Abitanga bamwebamwe baragabura ibikorwa n’abandi bo mw’ishengero maze bagakurakuranwa kwitwararika abo bageze mu zabukuru. Barabona ko ukuntu ivyabo vyifashe kutabakundira kugira uruhara mu murimo w’igihe cose maze bagahimbarwa no gufasha abana b’abo bageze mu zabukuru kuguma mu murimo wabo w’igihe cose igihe kirekire gishoboka. Mbega agatima keza igitangaza abo bavukanyi bagaragaza! Ariko ntiwumve, uwo mutima wabo w’ugutanga ntuca utuma abo bana bakurwako ibanga bajejwe ryo gukora uko bashoboye kwose ngo bitwararike abavyeyi babo.

NUTERE ITEKA ABAGEZE MU ZABUKURU UKORESHEJE AMAJAMBO AREMESHA

17, 18. Agatima umuntu afise kagira ico gakoze gute mu bijanye no kwitwararika abageze mu zabukuru?

17 Bompi abitwararika n’abitwararikwa barashobora gutuma ico gikorwa kiba igihimbaye uko bishoboka kwose. Nimba ufise uruhara muri ivyo, nukore uko ushoboye kwose kugira ugume ubona ibintu mu buryo bwiza. Mu bihe bimwebimwe, ukwiterera mu myaka biratuma umuntu acika intege, eka mbere akihebura. Woshobora rero kuba ukeneye kugira akigoro kadasanzwe kugira ngo utere iteka wongere uremeshe benewacu na bashiki bacu bageze mu zabukuru mu kuguma ugiranira na bo ibiyago vyubaka. Kubera ko bagumye bakorera Yehova badahemuka, ni abo gukezwa. Yehova ntiyibagira ivyo bamukoreye, eka n’abakirisu bagenzi babo ntibavyibagira.​—Soma Malaki 3:16; Abaheburayo 6:10.

18 Vyongeye, ibikorwa vya misi yose bitoroshe birarushiriza kworoha igihe abageze mu zabukuru n’ababitwararika baza baracishamwo bagatwenza. (Umus. 3:1, 4) Benshi mu bageze mu zabukuru barakora uko bashoboye kwose ngo ntibasabe ibirenze. Baratahura ko agatima bagaragaza gashobora kugira ico gakoze ku kuntu bitwararikwa no ku kuntu bagenderwa. Birakunda gushika aho abagiye kuraba uwugeze mu zabukuru bavuga bati: “Naragiye kuremesha umugenzi ageze mu zabukuru, mugabo na jewe ubwanje navuyeho ndemeshejwe.”​—Imig. 15:13; 17:22.

19. Ni igiki gishobora gufasha abato n’abakuze kuguma bakomeye mu bihe bitoroshe?

19 Si twe tuzobona harageze ko imibabaro n’ingaruka z’agasembwa bihera. Mu kurindira, abasavyi b’Imana bategerezwa kugumiza icizigiro cabo ku bintu vyamaho. Turazi ko kwizera ivyo Imana yasezeranye bituma tuguma dukomeye mu bihe vy’amarushwa canke vy’amakuba. Kubera ukwo kwizera, “[ntidu]heba; ahubwo naho umuntu turi inyuma ariko arashira, mu vy’ukuri umuntu turi imbere aguma agirwa mushasha ku musi ku musi.” (2 Kor. 4:16-18; Heb. 6:18, 19) Ariko rero, turetse ukuguma wizeye rwose ivyo Imana yasezeranye, ni ikindi kintu ikihe cogufasha gushitsa amabanga ujejwe yo kwitwararika abageze mu zabukuru? Ivyiyumviro ngirakamaro bimwebimwe birihwezwa mu kiganiro gikurikira.

^ par. 9 Ikiganiro gikurikira kirerekana bumwe mu buryo butandukanye abageze mu zabukuru n’abana babo boshobora gukoresha.