UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ndamukiza 2014

Iyi nomero irihweza ingene twogaragaza ukwizera nk’ukwa Musa. Yehova abona gute amabanga yo mu muryango kandi adufasha gute kuyarangura?

Niwigane ukwizera kwa Musa

Ukwizera kwafashije gute Musa kwamirira kure ivyipfuzo vy’umubiri no gukenguruka uduteka yari afise? Ni kubera iki Musa “yashinze ijisho itangwa ry’impembo”?

Woba ubona “Umwe ataboneka”?

Ukuba Musa yarizera Yehova vyamufashije gute kudatinya abantu no kwizera imihango y’Imana? Nukomeze ukwizera kwawe ku buryo ubona ko Yehova abaho koko be n’uko yiteguriye kugufasha.

INKURU Y’UBUZIMA

Aho umurimo w’igihe cose wanshikanye

Azirikanye ku myaka 65 amaze mu murimo w’igihe cose, raba igituma Robert Wallen avuga ko yagize ubuzima bumara akanyota kandi bufise intumbero koko.

Nta wushobora gukorera ba shebuja babiri

Hari abimukiye mu mahanga kurondera amahera menshi. Kuja gukorera kure y’umuryango bigira ingaruka izihe mu mubano w’ababiranye, ku bana no ku bucuti dufitaniye n’Imana?

Nugire umutima rugabo: Yehova ni umutabazi wawe!

Ni gute serugo umwe yanaguye ubuzima bwo mu muryango amaze kuva iyo yari yagiye kurondera akazi? Yehova yamufashije gute gutunga umuryango wiwe mu gihugu gikenye?

Woba ukenguruka ukuntu Yehova akugumizako ijisho?

Nurimbure uburyo butanu Imana itugumizako ijisho be n’ukuntu dushobora kuvyungukirako.

Wari ubizi?

Mu bihe vya Bibiliya, vyasobanura iki igihe umuntu atantamuye impuzu ziwe abishaka?