Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nta wushobora gukorera ba shebuja babiri

Nta wushobora gukorera ba shebuja babiri

“Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri . . . ntimushobora gushumbira imana n’ubutunzi.”MAT. 6:24.

1-3. (a) Ni ingorane izihe zijanye n’ubutunzi zihanze abantu benshi muri iki gihe, kandi bamwebamwe bagerageza gute kuzitorera umuti? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni ingorane izihe zivyuka ku bijanye no kurera abana?

UMUKENYEZI yitwa Marilyn * avuga ati: “Imisi yose umugabo wanje James yǎma ava ku kazi yasanzaye, ariko amahera yaronka yahakwa kudakwirana n’ivyo dukenera buri musi. Nagomba kumuremurura umutwaro no kugurira umuhungu wacu Jimmy utuntu twizatwiza abo bigana bafise.” Marilyn kandi yashaka gufasha incuti zabo no kuziganya uduhera bazokwikorako muri kazoza. Benshi mu bagenzi biwe bari bamaze kuja mu bindi bihugu kurondera amahera menshi. Mugabo igihe we yiyumvira kugira nka bo, ntiyabona ico yofata n’ico yoreka. Kubera iki?

2 Marilyn ntiyashaka gutandukana n’umuryango wiwe yikundira no guheba urutonde rwabo rwiza rwo mu vy’impwemu. Ariko yariyumvira ibijanye n’abandi bahora bagenda bakamarayo igihe, kandi bigasa n’uko imiryango yabo ata co ibaye mu vy’impwemu. Mugabo yaribaza ukuntu yari gushobora kurera Jimmy batari kumwe. Yoba yari gushobora kugira ico aterereye ‘mu gutoza indero umuhungu wiwe no mu kuyobora ivyiyumviro vyiwe nk’uko Yehova yashinze’ biciye kuri Internet?Ef. 6:4.

3 Marilyn yararondeye ubuyobozi. Umugabo wiwe ntiyipfuza ko agenda, ariko yavuze ko atomutangiriye aramutse ahisemwo kugenda. Abakurambere n’abandi mw’ishengero bamuhanuye ko  atogenda, ariko bashiki bacu bamwebamwe bamuremesheje ko yokwigira mu mahanga. Bamubwira bati: “Nimba ukunda umuryango wawe nugende. Ntibizokubuza gukorera Yehova.” Naho Marilyn yari afise amakenga, yarasezeye James na Jimmy, aja gukorera mu mahanga. Yabasezeraniye ati: “Sinzomarayo igihe kirekire.”

AMABANGA YO MU MURYANGO N’INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA

4. Ni kubera iki abantu benshi bimuka, kandi akenshi usanga ari bande basigaye bitwararika abana babo?

4 Yehova ntiyipfuza ko abasavyi biwe babaho mu bukene butagira izina, kandi ukwimuka ni kimwe mu bintu vyamye bigirwa kuva kera kugira abantu batorere umuti ubukene. (Zab. 37:25; Imig. 30:8) Kugira ngo umwe sekuruza w’imiryango Yakobo ntiyicwe n’ikigoyi, yararungitse abahungu biwe mu Misiri kugura ibifungurwa. * (Ita. 42:1, 2) Muri iki gihe, benshi mu bimuka ntibaba babitumwe n’ikigoyi. Ariko rero bashobora kuba bafise amadeni y’umurengera. Abandi na bo bashobora kuba bipfuza gusa ko imiryango yabo ibaho neza kuruta. Kugira ngo bashike ku migambi yabo muri iyi si ivy’ubutunzi bicumbagira, abenshi baruhira gutandukana n’imiryango yabo mu kwimukira ahandi, haba mu gihugu cabo canke mu kindi gihugu. Akenshi usanga abana babo bakiri bato basigaye bitwararikwa n’umuvyeyi umwe, bakuru babo, ba sekuru na ba inakuru, izindi ncuti canke abagenzi. Naho bibababaza gusiga abo bubakanye canke abana babo, abimukira mu mahanga benshi babona ko ata kundi bari bugire.

5, 6. (a) Ni igiki Yezu yigishije ku bijanye n’agahimbare n’ugutekanirwa? (b) Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba iki? (c) Yehova aduhezagira mu buryo ubuhe?

5 Mu gihe ca Yezu, abantu benshi na bo nyene bari abakene, kandi bashobora kuba bariyumvira ko borushirije kugira agahimbare n’ugutekanirwa baronse amahera menshi kuruta. (Mrk. 14:7) Ariko Yezu ntiyashaka ko bizigira amahera. Yipfuza ko bizigira Isôko ry’ubutunzi buramba, ni ukuvuga Yehova. Muri ya Nsiguro yiwe yo ku musozi, Yezu yarasiguye ko agahimbare nyakuri n’ugutekanirwa bitava ku bintu vy’umubiri canke ku twigoro tugira, ahubwo ko biva ku bucuti dufitaniye na Dawe wacu wo mw’ijuru.

6 Muri rya sengesho ry’akarorero, Yezu ntiyatwigishije gusenga dusaba gutekanirwa mu vy’ubutunzi, ahubwo yatwigishije gusaba “ibifungurwa vyacu vy’uyu musi,” ni ukuvuga ivyo dukenye buri musi. Yaratomoreye abariko baramwumviriza ati: “Mureke kwirundaniriza amatunga kw’isi . . . Ahubwo mwirundanirize amatunga mw’ijuru.” (Mat. 6:9, 11, 19, 20) Turashobora kwizigira ko Yehova azoduhezagira nk’uko abisezerana. Umuhezagiro w’Imana ntiwerekana gusa ko itwemera; ni icemeza ko izoturonsa ibintu vyose dukeneye vy’ukuri. Ego cane, uburyo bumwe rudende bwo kuronka agahimbare n’ugutekanirwa nyakuri ni ukwizigira Umuvyeyi wacu atwitwararika aho kwizigira amahera.Soma Matayo 6:24, 25, 31-34.

7. (a) Ni bande Yehova yashinze ibanga ryo kurera abana? (b) Kubera iki abavyeyi bompi bakwiye kugira ico baterereye mu kurera abana babo?

7 ‘Kubanza kurondera ubugororotsi bw’Imana’ birimwo kubona amabanga yo mu muryango nk’uko Yehova ayabona. Itegeko rya Musa ririmwo iyi ngingo ngenderwako iraba abakirisu: Abavyeyi barakwiye kumenyereza abana babo mu vy’impwemu. (Soma Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.) Imana yashinze iryo banga abavyeyi, ntiyarishinze ba sekuru na ba inakuru canke uwundi muntu uwo ari we wese. Umwami Salomo yavuze ati: “Umviriza mwananje, indero ya so wawe, kandi ntuhebe itegeko rya nyoko wawe.” (Imig. 1:8) Yehova yashaka ko abavyeyi bompi babana n’abana babo, bagafashanya kubarera no kubigisha. (Imig. 31:10, 27, 28)  Igihe abana bama bumva abavyeyi babo bariko barayaga ivyerekeye Yehova kandi bakibonera akarorero batanga, barabigirako ibintu vyinshi, canecane mu vy’impwemu.

INGARUKA ZITARI ZITEZWE

8, 9. (a) Ni ibiki bikunze gushika igihe umuvyeyi atandukanye n’umuryango? (b) Ni ingorane izihe ivyo bishobora gutera mu vy’inyiyumvo no mu vy’inyifato runtu?

8 Imbere yo kwimukira ahandi, benshi baragerageza kurimbura ico bizobatwara, ariko bake cane ni bo babona ingaruka zose zo gutandukana n’imiryango yabo. (Imig. 22:3) * Marilyn amaze kugenda, yaciye atangura kwicwa n’inkumbu kubera yari yatandukanye n’umuryango wiwe. Umugabo wiwe n’umwana wiwe na bo nyene baramukumbuye. Agahungu kiwe Jimmy kaguma kamubaza ngo “Kubera iki wansize?” Marilyn yari azi ngo azomarayo amezi, ariko yahavuye amarayo imyaka. Uko igihe carengana, yarabona ko umuryango wiwe wariko urahinduka. Jimmy yari asigaye yigungira ukwiwe kandi ntiyari akimwiyumvamwo. Avugana akababaro ati: “Urukundo yankunda rwarakamanganye.”

9 Igihe abavyeyi n’abana batabana mu muryango, bose baramererwa nabi mu vy’inyiyumvo no mu vy’inyifato runtu. * Iyo ngorane irarushiriza gukomera bivanye n’imyaka abana bafise hamwe n’ikiringo umuvyeyi wabo amarayo. Marilyn yarasiguriye Jimmy ko yagiye ku neza yiwe. Ariko Jimmy we yabona ko ari nk’aho nyina yamutaye. Mu ntango, yababazwa n’uko nyina wiwe yagiye. Ariko mu nyuma igihe yaba yagarutse kubaramutsa, ntiyashaka no kumubona. Nk’uko bisanzwe bigenda ku bana batawe n’abavyeyi, Jimmy yabona ko atari agikwiye kugamburukira nyina no kumukunda.Soma Imigani 29:15.

Ntushobora kugumbira umwana wawe kuri Internet(Raba ingingo ya 10)

10. (a) Kuza urarungikira ingabirano abana kugira ubibagize umubabaro uterwa n’uko mutari kumwe bigira ico bibakozeko gute? (b) Ni igiki kidashoboka igihe umuvyeyi agerageje kurera abana ari kure yabo?

10 Marilyn yaragerageje kuza ararungika amahera n’ibintu kugira yibagize Jimmy umubabaro uterwa n’uko batari kumwe, mugabo yasanze ariko aritandukanya n’umwana wiwe. Yasanze kandi ariko aramwigisha atabiciye n’ikanda ko ibintu vy’umubiri bihambaye kuruta ibintu vy’impwemu n’ubucuti bwo mu muryango. (Imig. 22:6) Vyarashika Jimmy akamubwira ati: “We niwigumire hiyo, uze uraturungikira ibintu gusa.” Marilyn yaratanguye gutahura ko atashobora kurera umwana wiwe biciye ku makete, telefone canke mu kuza barayaga babonana kuri Internet. Avuga ati: “Ntushobora kugumbira umwana wawe  canke kumusoma umwipfuriza ijoro ryiza kuri Internet.”

Ni ingorane izihe zishobora kugushikira utari kumwe n’uwo mwubakanye?(Raba ingingo ya 11)

11. (a) Igihe abubakanye batandukanye kubera akazi bigira ingaruka izihe mu mubano wabo? (b) Mushiki wacu umwe yatahuye ryari ko akwiye gusubira i muhira?

11 Ubucuti Marilyn yari afitaniye na Yehova be n’umugabo wiwe James, na bwo nyene bwariko burononekara. Yinanase, yifatanya n’ishengero kandi akaja mu busuku rimwe mu ndwi. Umukoresha wiwe na we ntiyamuha amahoro: yaguma amusaba ngo baryamane. Kubera yuko Marilyn na James batari kumwe ngo baze barayaga ingorane zibashikira, bompi baciye batangura kwitura abo batubakanye, bituma bahakwa kurenga ibigo. Marilyn yahavuye atahura ko naho we n’umugabo wiwe batarenze ibigo, batari gushobora gukurikiza ubuyobozi Bibiliya itanga bw’uko umwe wese mu bubakanye akwiye kuronsa uwundi ivyo akeneye mu vy’akanyengetera no mu vy’igitsina kandi batari kumwe. Umwe wese ntiyari gushobora gusangira n’uwundi iciyumviro cizanye, kumumwenyurira, kumukuyakuya, kumugumbira, kumwereka “ibimenyetso . . . vy’urukundo,” canke kumuronsa “ivyiwe” mu bijanye n’amabanga y’abubatse. (Ind. 1:2; 1 Kor. 7:3,  5) Vyongeye, ntibashobora gukorera Yehova bimwe bishitse bari kumwe n’umwana wabo. Marilyn yigana ati: “Igihe numva kw’ihwaniro ko ugusenga kwo mu muryango kudahorereza ari ntahara kugira tuze turokoke umusi uhambaye wa Yehova, naratahuye ko nkwiye gusubira i muhira. Nabwirizwa kunagura ubuzima bwanje bwo mu vy’impwemu n’ubwo mu muryango.”

IMPANURO NZIZA N’IMPANURO MBI

12. Ababa kure y’imiryango yabo bashobora guhabwa impanuro iyihe yo mu Vyanditswe?

12 Ingingo Marilyn yafashe yo gusubira i muhira ntiyakiriwe kumwe. Abakurambere bo mw’ishengero ryo mu mahanga yarimwo baramukeje kubera ukwizera kwiwe n’umutima rugabo wiwe. Ariko abantu bamwebamwe bari baratandukanye n’abo bubakanye be n’imiryango yabo nka we ntibamutahuye. Aho kwigana akarorero kiwe keza, baragerageje kumuca intege. Bavuze bati: “Ntuzoteba kugaruka. Uzobaho gute niwasubira i muhira?” Aho guca intege abandi gutyo, abakirisu bakwiye ‘gukebanura abagore bakiri bato ngo bakunde abagabo babo, bakunde abana babo, babe abitwararika ibikorwa vyo mu rugo,’ ni ukuvuga urugo rwabo, “kugira ngo ijambo ry’Imana ntiritukwe.”Soma Tito 2:3-5.

13, 14. Ni kubera iki bisaba ukwizera kugira umuntu ahimbare Yehova aho gukora ivy’umuryango ushaka? Tanga akarorero.

13 Benshi mu bimukira ahandi usanga bakuriye mu mico kama ishira imbere cane imigenzo n’ivyo umuntu asabwa gukorera incuti, na canecane abavyeyi biwe. Bisaba ukwizera gukomeye kugira ngo umukirisu ntatwarwe n’imigenzo ikundwa na benshi be n’ivyipfuzo vy’incuti ziwe bidahimbara Yehova.

 14 Rimbura ivyashikiye Carin. Yigana ati: “Igihe umwana wanje Don yavuka, twe n’umugabo wanje twakorera mu mahanga, kandi nari maze igihe gito niga Bibiliya. Bose mu muryango bari biteze ko ndungika Don i muhira kugira ngo abavyeyi banje bamurere gushika turonse amahera akwiye.” Igihe Carin yashimika ko yipfuza kwirerera umwana wiwe, incuti ziwe, harimwo n’umugabo wiwe, bavuze ko ari ikinebwe bongera baramushinyagurira. Carin avuga ati: “Mvugishije ukuri, ico gihe sinatahura neza ikibi kiri mu kureka Don akagumana n’abavyeyi banje imyaka mikeyi. Ariko nari nzi ko twebwe abavyeyi ari twe Yehova yajeje igikorwa co kurera umwana wacu.” Igihe Carin yasama iyindi mbanyi, umugabo wiwe atizera yaciye amusaba ngo ayikorore. Ingingo nziza Carin yafashe ubwa mbere yari yarakomeje ukwizera kwiwe, kandi n’ico gihe yarashikamye arahimbara Yehova. Ubu, we hamwe n’umugabo wiwe be n’abana babo barahimbawe kubona bagumye bari kumwe. Iyo Carin yemera kurungika umwana umwe canke bompi ngo baje kurerwa n’abandi, hari aho ibintu vyari kugenda ukundi.

15, 16. (a) Ni ibiki vyashikiye mushiki wacu umwe akiri umwana? (b) Ni kubera iki atashimye kurera umukobwa wiwe nk’uko we yarezwe?

15 Icabona yitwa Vicky yigana ati: “Naramaze imyaka nk’ingahe ndezwe na nyokuru, mutoyi wanje na we ari kumwe n’abavyeyi banje. Igihe nasubira kubana n’abavyeyi banje, inyiyumvo nari ndabafitiye zari zaramaze guhinduka. Mutoyi wanje vyaramworohera kubayagira, kubagwa mu nda, kandi yarashikirana na bo cane. Jewe numva ndi kure y’abavyeyi banje, kandi n’igihe nari maze gukura, vyarangora kubaserurira ukuntu niyumva vy’ukuri. Jewe na mutoyi wanje twarakuye amazinda abavyeyi bacu yuko tuzobitwararika nibagera mu zabukuru. Jewe nzobikora ku bwo guheza umwuga, ariko mutoyi wanje wewe azobigira abitumwe n’urukundo.”

16 Vicky avuga ati: “Ubu mawe yipfuza ko ndamurungikira umukobwa wanje ngo amurere, nk’uko na we yandungitse kwa nyina wiwe. Naramwankiye ntiriwe ndamubabaza. Twe n’umugabo wanje twipfuza kurera umwana wacu nk’uko Yehova ashima. Vyongeye, sinipfuza ko ubucuti mfitaniye n’umukobwa wanje bwononekara muri kazoza.” Vicky yarabonye ko ikintu conyene gituma umuntu aroranirwa ari ugushira imbere Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe aho gushira imbere imigambi yo kurondera amahera canke gukora ivyo umuryango ushaka. Yezu yaratomoye ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri,” ni ukuvuga Imana n’Ubutunzi.Mat. 6:24; Kuv. 23:2.

YEHOVA ARATUMA ‘TURORANIRWA’ MU TWIGORO TUGIRA

17, 18. (a) Ni imihango iyihe abakirisu b’ukuri bashobora kwama bizigira? (b) Ni ibibazo ibihe tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?

17 Umuvyeyi wacu Yehova yariyemeje kuturonsa ibintu dukeneye vy’ukuri nitwashira Ubwami n’ubugororotsi bwiwe mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. (Mat. 6:33) Yehova asezerana kuducira “icanzo” tutiriwe turadohoka ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, naho twoba turi mu ngorane zimeze gute. (Soma 1 Abakorinto 10:13.) ‘Nitwarindira Yehova tubishashaye,’ ‘tukamwizigira’ mu gusenga tumusaba ubukerebutsi n’ubuyobozi kandi tugakurikiza amategeko yiwe n’ingingo ngenderwako ziwe, na we “azogira ico akoze” ku bwacu. (Zab. 37:5, 7) Azohezagira cane utwigoro tugira kugira tumukorere wenyene nka we Databuja nyakuri. Nitwamushira mu kibanza ca mbere, azotuma “[tu]roranirwa” mu buzima.—Gereranya n’Itanguriro 39:3.

18 Twokora iki kugira tunagure ubucuti bwononekaye bitumwe n’uko twatandukanye n’umuryango? Twokora iki kugira turonse imiryango yacu ivyo ikeneye tutiriwe turatandukana na yo? Vyongeye, ni gute tworemesha abandi tubigiranye urukundo kugira bahitemwo neza muri uwo muce? Ikiganiro gikurikira kizokwishura ivyo bibazo.

^ par. 1 Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ par. 4 Igihe cose abahungu ba Yakobo baba bagiye mu Misiri, bashobora kuba batamara ikiringo kirenga indwi zitatu batari kumwe n’imiryango yabo. Mu nyuma, igihe Yakobo n’abahungu biwe bimukira mu Misiri, bagiye bajanye n’abagore babo n’abana babo.Ita. 46:6, 7.

^ par. 8 Raba ikiganiro kivuga ngo “Wokwitega iki ku buzima bwo mu mahanga?” casohotse muri Be maso! yo muri Ruhuhuma 2013.

^ par. 9 Amaraporo ava mu bihugu bitandukanye yerekana ko gutandukana n’uwo mwubakanye canke abana kugira uje gukorera ahandi bituma abantu bamwebamwe bashikirwa n’ingorane zikomeye. Aho harimwo guhemukiranira hagati y’abubakanye, ukuryamana kw’abasangiye igitsina canke ukugoka, abana na bo bakarushiriza kugira ingorane mu bijanye n’inyifato no mw’ishure, ugutwarwa n’ishavu, amaganya, akabonge no gushaka kwiyahura.