Ibibazo vy’abasomyi
Twokora iki kugira dufashe abavukanyi na bashiki bacu bamererwa nabi kubera amavuta amota cane?
Umuntu wese amererwa nabi iyo amotewe n’amavuta amota cane aba afise ingorane ikomeye. Birashoboka rwose ko ata kintu kinini ashobora guhindura ku mavuta abo bahura buri musi bisiga. Naho ari ukwo, hari abasavye nimba abavukanyi na bashiki bacu boreka kwisiga amavuta amota cane igihe bitaba amakoraniro, amateraniro n’amahwaniro.
Mu vy’ukuri, nta mukirisu yohitamwo n’ibigirankana gutuma uwundi muntu bimugora kwitaba amakoraniro. Twese turakeneye indemesho turonkera ku makoraniro. (Heb. 10:24, 25) Uwo wese rero amererwa nabi iyo amotewe n’amavuta amota cane bigatuma atoroherwa no kwitaba amakoraniro, yoshobora gutura iyo ngorane abakurambere. Ego ni ko, gushingira amategeko abitaba amakoraniro ku bijanye n’ivyo bisiga ntibishingiye kuri Bibiliya kandi ntibibereye. Mugabo abakurambere boshobora gutanga ubuyobozi kugira bafashe abagize ishengero gutahura ingorane abandi bafise. Bivanye n’uko ibintu vyifashe, abakurambere boshobora guhitamwo amakuru yasohowe maze akarimburwa mu kiganiro c’ibikenewe iwacu co mw’Ikoraniro ry’umurimo, canke bagahitamwo gushikiriza itangazo ryerekeye ico kintu babigiranye ubugenge. Ariko rero, abakurambere ntibakwiye kwama bashikiriza amatangazo mwene ayo. Amakoraniro yacu yama yitabwa n’ababa baherutse gushimishwa canke abashitsi bataba bazi ivy’iyo ngorane, tukaba rero twipfuza ko bumva bisanze. Nta n’umwe akwiye kwiyagiriza mu gihe yisiga amavuta amota mu buryo butarenza urugero.
Mu gihe mw’ishengero hari iyo ngorane, inama y’abakurambere yoshobora gutunganya ivy’uko abamererwa nabi kubera amavuta amota cane bicara kure y’abandi mu Ngoro y’Ubwami, nimba ivyo bishoboka aho iwanyu. Nk’akarorero, mwoshobora kuba mufise icumba kirimwo ivyuma bitanga amajwi aho boshobora kwicara kugira bungukire ku makoraniro. Nimba ico kibazo kidashobora gutorerwa umuti mu buryo bworoshe kandi hakaba hakiriho abamererwa nabi cane, ishengero ryoshobora kubafatira amajwi y’ivyavuzwe ku makoraniro canke rigatunganya ko bayakurikiranira kuri telefone bari i muhira, nka kumwe bigirirwa abarwaye badashobora kurenga irembo.
Muri iyi myaka iheze, Igikorwa dukorera Ubwami cararemesheje abavukanyi na bashiki bacu kwitwararika bimwe bidasanzwe ico kintu igihe bitaba amahwaniro y’akarere.Turaremeshwa kwiyubara bidasanzwe canecane ku mahwaniro y’akarere, kubera ko kenshi usanga bidakunda ko turonka aho guhungira akamoto k’ayo mavuta. Ariko rero, ntitwipfuza na gato ko ubwo buyobozi bucika itegeko rigenga buri koraniro ishengero rigira, eka kandi nta wukwiye kubibona muri ubwo buryo.
Magingo tukiba muri iyi si mbi, twese turashikirwa n’ingaruka z’agasembwa twarazwe. Ese ukuntu dukenguruka utwigoro abandi bagira kugira bagabanye umubabaro dufise! Bamwebamwe vyoshobora kubasaba kwiyanka igihe birinda kwisiga amaparufe canke amavuta amota cane kugira umuvukanyi canke mushiki wacu yoroherwe no kwitaba amakoraniro. Yamara rero, urukundo rwotuma tubigenza gutyo.
Amasôko y’amakuru yo mw’isi yoba ashigikira ko Ponsiyo Pilato yabayeho?
Abasomyi ba Bibiliya barazi cane Ponsiyo Pilato kubera ko yagize uruhara mu gucira urubanza Yezu no mu kumwicisha. (Mat. 27:1, 2, 24-26) Ariko rero, izina ryiwe riraboneka kandi incuro nyinshi mu bindi vyandikano vy’ico gihe nyene bivuga ivya kahise. Inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (The Anchor Bible Dictionary) ivuga ko amakuru ya kahise amwerekeye ari “menshi cane kandi akaba avuga ido n’ido ivyiwe kuruta uwundi buramatari uwari wese w’Umuroma yatwaye i Yudaya.”
Izina rya Pilato riraboneka kenshi mu vyanditswe n’umuhinga mu vya kahise w’Umuyuda yitwa Josèphe, akaba yaranditse ibintu bitatu bijanye n’ingorane Pilato yagize igihe yatwara Yudaya. Ikintu kigira kane congeweko n’umuhinga mu vya kahise w’Umuyuda yitwa Filo. Umwanditsi w’Umuroma Tasito, uwanditse inkuru yerekeye abami b’Uburoma, yaremeje ko Ponsiyo Pilato yategetse ko Yezu yicwa ku ngoma ya Tiberiyo.
Mu 1961, abacukuzi b’ivya kera bakorera mu nyubakwa y’ibirori imwe y’Abaroma iri i Kayisariya muri Isirayeli, barabonye ko igisate c’ibuye kimwe cakoreshejwe kenshi cari canditseko mu buryo buboneka izina rya Pilato mu kilatini. Ico candikano (icerekanywe ng’aho) kigizwe n’uduhimba bafatanije, mugabo vyiyumvirwa ko mu ntango cari canditseko ngo: “(Iyi) nyubakwa yitiriwe Tiberiyo Ponsiyo Pilato, Buramatari wa Yudaya, yari yahariwe imana zubahwa.” Birashoboka ko iyo nyubakwa rwari urusengero rutera iteka Umwami w’abami w’Umuroma Tiberiyo.
Umwamamaji w’Ubwami w’igitsina-gore yoba abwirizwa kwitwikira igihe ayobora inyigisho ya Bibiliya hari umwamamaji w’igitsina-gabo?
Mu kiganiro “Ibibazo vy’abasomyi” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2002, haravuzwe ko mushiki wacu akwiye kwitwikira mu mutwe igihe ayobora inyigisho ya Bibiliya hari umwamamaji w’igitsina-gabo, yaba yarabatijwe canke atarabatizwa. Ico kibazo carasubiye kurimburwa, bica biboneka ko hakwiye kuba igihindurwa kuri ubwo buyobozi.
Nimba uwo mushiki wacu ariko ayobora inyigisho ya Bibiliya aherekejwe n’umwamamaji w’igitsina-gabo yabatijwe, birumvikana ko akwiye kwitwikira. Kubera ko aba ariko arangura uruhara mu bisanzwe rugenewe umuvukanyi, aba rero yerekanye ko yubaha intunganyo Yehova yashizeho yerekeye ubukuru mw’ishengero rya gikirisu. (1 Kor. 11:5, 6, 10) Canke na ho, yoshobora guca asaba uwo muvukanyi akayobora iyo nyigisho, nimba akwije ibisabwa kandi akaba ashoboye kuyiyobora.
Ku rundi ruhande, nimba mushiki wacu ariko ayobora inyigisho ya Bibiliya aherekejwe n’umwamamaji w’igitsina-gabo atarabatizwa kandi akaba atari umugabo wiwe, Ivyanditswe ntibimusaba ko yokwitwikira. Ariko rero, bashiki bacu bamwebamwe boshobora kwumva ijwi ryo mu mutima ribahimiriza kwitwikira no muri ico gihe.