Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigishe umwana wawe gukorera Yehova

Niwigishe umwana wawe gukorera Yehova

“Wa muntu w’Imana y’ukuri . . . atwigishe ingene tuzogenza uwo mwana azovuka.”ABAC. 13:8.

INDIRIMBO: 88, 120

1. Manowa yakoze iki igihe yamenya ko agiye kuronka umwana?

NTA nkuru itangaje kuruta iyiraho uwo mugabo yokwiteze ko umugore wiwe amubwira. Nakare, bompi bari bazi neza ko uwo mugore ari ingumba. Ariko umumarayika wa Yehova yari yabonekeye uwo mugore, maze ivyasa n’ibidashoboka birashoboka. Emwe, Manowa n’umugore wiwe bari bagiye kuronka umwana w’umuhungu! Nta gukeka ko Manowa yahimbawe, ariko kandi yari azi ko hari ibanga rikomeye rimurindiriye. None mu gihugu cuzuye ububisha, we n’umugore wiwe boshoboye gute kurera umwana wabo kugira aze akorere Imana? Manowa yaciye ‘yinginga Yehova’ ati: “Wa muntu w’Imana y’ukuri [wa mumarayika] uhejeje gutuma, ndakwinginze agaruke aho turi, atwigishe ingene tuzogenza uwo mwana azovuka.”Abac. 13:1-8.

2. Kwigisha umwana wawe bisaba iki? (Shiramwo n’uruzitiro ruvuga ngo “ Abantu ukwiye kwitwararika kuruta abandi bose.”)

2 Nimba uri umuvyeyi, ushobora kuba utahura ico kintu Manowa yasavye yinginga. Na wewe urafise ibanga riremereye ryo gufasha umwana wawe kumenya Yehova no kumukunda. (Imig. 1:8) Kugira abavyeyi bakirisu babishikeko, baratunganya porogarama nziza y’Ugusenga kwo mu muryango kandi ituma batera imbere. Ariko ntiwumve, kugira winjize ukuri mu mutima w’umwana, urakeneye gukora n’ibindi uretse kuyobora inyigisho y’umuryango buri ndwi. (Soma Gusubira mu vyagezwe 6:6-9.) None wobigenza gute? Iki kiganiro be n’igikurikira biraca irya n’ino ukuntu abavyeyi bashobora kwigana akarorero ka Yezu. Naho atabaye sebibondo, abavyeyi barashobora kwungukira ku kuntu yigishije abigishwa biwe yongera arabamenyereza abigiranye urukundo, ukwicisha bugufi n’ugutahura. Reka turimbure izo kamere imwimwe ukwayo.

NUKUNDE UMWANA WAWE

3. Abigishwa ba Yezu bamenye gute ko abakunda?

3 Yezu ntiyitinya kubwira abigishwa biwe ko abakunda. (Soma Yohani 15:9.) Yaranerekanye urwo akunda abigishwa biwe mu kubiyegereza no mu kwifatanya na bo kenshi. (Mrk. 6:31, 32; Yoh. 2:2; 21:12, 13) Ntiyari umwigisha wabo gusa, yari n’umugenzi wabo. Ntivyari ngombwa rero ko birirwa baribaza nimba abakunda vy’ukuri. None wokwigana gute uburyo bwa Yezu bwo kwigisha?

4. Ushobora gute kujijura abana bawe ko ubakunda? (Raba ishusho itangura.)

4 Nubwire abana bawe ko ubakunda, kandi wame ubereka ko bari n’agaciro kuri wewe. (Imig. 4:3; Tito 2:4) Uwitwa Samuel aba muri Ostraliya, avuga ati: “Nkiri umwana mutoyi, buri mugoroba dawe yaransomera Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Yarishura utubazo twanje, akangumbira, akansomagura agaca anyipfuriza ijoro ryiza. Ese ukuntu natangaye menye mu nyuma ko dawe yari yarerewe mu muryango utamenyereye ivyo kugumbirana no gusomana! Yamara yaragira akigoro gakomeye kugira angaragarize urukundo. Ivyo vyatumye ngiranira na we ubucuti bukomeye, maze ndiyumvamwo ko ata co mbuze be n’uko ntekaniwe.” Nufashe abana bawe biyumve gutyo nyene mu kubabwira kenshi uti: “Ndabakunda.” Niwereke abana bawe ko ubiyumvamwo. Nuyage na bo, musangire mwongere mukine.

5, 6. (a) Ni igiki Yezu akorera abo akunda? (b) Sigura ukuntu indero ibereye ifasha abana kwumva ko batekaniwe be n’uko bakundwa.

5 Yezu yavuze ati: “Abo niyumvamwo bose ndabakangira kandi nkabatoza indero.” * (Ivyah. 3:19) Naho abigishwa ba Yezu bama bahaririye barondera kumenya mukuru muri bo, ntiyabahevye. Ariko kandi igihe baba batakurikije impanuro yiwe, ntiyavyirengagiza. Abigiranye urukundo n’ukwiyorosha, yarabakangira ku gihe kibereye, bari n’ahantu habereye.Mrk. 9:33-37.

6 Nugaragaze ko ukunda abana bawe mu kubatoza indero. Hari igihe gusigurira umwana igituma ikintu ari ciza canke kibi usanga bihagije. Ikindi gihe na ho, yoshobora kudashira mu ngiro ivyo wavuze. (Imig. 22:15) Ivyo bishitse, nuce wigana Yezu. Ku gihe kibereye no mu kibanza kibereye, nutoze indero umwana ubigiranye urukundo n’ukwiyorosha mu kumuyobora, mu kumumenyereza no mu kumukosora wihanganye. Mushiki wacu umwe wo muri Afrika y’Epfo yitwa Elaine avuga ati: “Abavyeyi banje ntibahindagura ukuntu bantoza indero. Igihe baba bangabishije ku ngaruka zo kutigenza neza, baca bankurikiranira hafi. Ariko rero ntibigeze bantoza indero bashavuye canke batansiguriye igituma. Ivyo vyatuma numva ntekaniwe. Nari nzi ivyo ntemerewe gukora kandi naratahura ivyo nsabwa ivyo ari vyo.”

NIWICISHE BUGUFI

7, 8. (a) Yezu yagaragaje gute ukwicisha bugufi mu masengesho yiwe? (b) Amasengesho yawe ashobora gute kwigisha abana bawe kwiheka ku Mana?

7 Igihe Yezu yagira afatwe ngo yicwe yatakambiye Se ati: “Abba, Data, vyose birashoboka kuri wewe; igizayo iki gikombe kimveko. Yamara ntibibe ivyo jewe nshaka, ahubwo bibe ivyo wewe ushaka.” * (Mrk. 14:36) Ibaze nawe ukuntu abigishwa ba Yezu bategerezwa kuba bumvise bamerewe igihe bumva iryo sengesho yatuye yinginga canke igihe bamenya ivyaryo mu nyuma! Nimba Umwana w’Imana atunganye yaricishije bugufi agasenga asaba gufashwa, nta gukeka ko abo bayoboke ba Yezu batahuye ko bakwiye kubigenza gutyo nyene.

8 Amasengesho utura yigisha iki abana bawe? Ego ni ko, ntusenga Yehova kugira gusa wigishe abana bawe. Ariko rero igihe usenga wicishije bugufi uri kumwe na bo, uba uriko urabigisha kwiheka kuri Yehova. Uwitwa Ana aba muri Brezile, avuga ati: “Igihe twaba dufise ingorane, nk’akarorero sokuru na nyokuru barwaye, abavyeyi banje barasaba Yehova ngo abahe inkomezi zo kwihanganira ico kintu bagasaba n’ubukerebutsi kugira bafate ingingo zibereye. N’igihe baba bari mu ngorane zikomeye cane, bazirekera mu maboko ya Yehova. Ivyo vyaranyigishije kwiheka kuri Yehova.” Igihe usenga uri kumwe n’abana bawe, ntusenge usaba ngo Yehova abafashe bonyene. Numusabe na wewe agufashe, kumbure agufashe gusaba umukoresha wawe ikonji yo kwitaba ihwaniro, aguhe umutima rugabo wo kubwira ababanyi inkuru nziza canke agufashe mu bundi buryo. Niwiheka ku Mana wicishije bugufi, n’abana bawe bazobigenza gutyo nyene.

9. (a) Yezu yigishije gute abigishwa biwe gukorera abandi babigiranye ukwicisha bugufi? (b) Igihe ufise umutima ukunze wo gukorera abandi, ni igiki abana bawe bahigira?

9 Yezu yarigishije abigishwa biwe gukorera abandi babigiranye ukwicisha bugufi, biciye ku vyo yavuga no ku vyo yakora. (Soma Luka 22:27.) Yarigishije intumwa ziwe kwitanga mu murimo wa Yehova no mu kuntu bafata abo basangiye ukwemera. Urashobora kwigisha abana bawe muri ubwo buryo nyene biciye ku karorero kawe ko kwitanga wicishije bugufi. Uwitwa Debbie, akaba ari nyina w’abana babiri, avuga ati: “Kubera ko umunega wanje yari umukurambere, sinigeze mbabazwa n’umwanya yamarana n’abandi. Nari nzi ko igihe cose umuryango wacu waba ukeneye ko awitwararika, yabigira.” (1 Tim. 3:4, 5) Umunega wiwe Pranas, yongerako ati: “Mu nyuma, abana bacu bari basigaye bagira uruhara n’umwete ku mahwaniro no mu bikorwa vya gitewokarasi. Baranezerwa, bakironkera abagenzi kandi bakumva bisanze!” Ubu uwo muryango wose urakorera Yehova mu murimo w’igihe cose. Igihe ugaragaje ukwicisha bugufi n’ukwitanga, birashoboka ko abana bawe biga gukorera abandi.

NUGARAGAZE UGUTAHURA

10. Yezu yagaragaje gute ugutahura igihe isinzi ryaza kumuraba?

10 Yezu yaragaragaje ugutahura mu kutaraba gusa ivyo abantu bakora mugabo akaraba n’igituma babikora. Igihe kimwe, bamwe mu bariko baramwumviriza baragaragaje ko bipfuza cane kumukurikira. (Yoh. 6:22-24) Ariko kubera ko Yezu yashobora kubona ibiri mu mutima, yaratahuye yuko abo bantu bashimishwa cane n’ibifungurwa kuruta ivyo yabigisha. (Yoh. 2:25) Yarabonye ingorane bari bafise maze arabakosora yihanganye yongera arabasigurira ico bokora kugira bibagendere neza.Soma Yohani 6:25-27.

Umwana wawe yoba ashimishwa n’igikorwa co kwamamaza? (Raba ingingo ya 11)

11. (a) Tanga akarorero k’ukuntu ugutahura gushobora kugufasha kumenya ko umwana wawe yoba akunda ubusuku. (b) Ushobora gute gutuma umwana wawe ashimishwa n’ubusuku?

11 Naho udashobora kubona ibiri mu mutima, na wewe urashobora kugaragaza ugutahura, ukamenya ukuntu umwana wawe abona umurimo wo mu ndimiro. Abavyeyi benshi bararuhuka gatoyi igihe bari mu ndimiro kugira abana babo bamire amate bongere bakore ku munwa. Ariko rero, woshobora kugerageza gutahura ukuntu umwana wawe abona ubusuku mu kwibaza uti: ‘Umwana wanje yoba ashimishwa n’ubusuku canke ashimishwa gusa n’akaruhuko?’ Nimba ubonye ko ubusuku budashimisha cane umwana wawe, nugire ico ukoze kugira burushirize kumushimisha. Numushinge udukorwa ashoboye gutyo umufashe kugira uruhara rwuzuye igihe muri kumwe mu busuku.

12. (a) Yezu yagabishije abayoboke biwe ku biki? (b) Kubera iki ingabisho ya Yezu yari ije hageze?

12 Yezu yaragaragaza kandi ugutahura mu kwerekana ibintu bishikana ku gicumuro. Nk’akarorero, abayoboke biwe bari bazi ko gusambana ari bibi. Ariko Yezu yarabagabishije ku bintu vyobashikana ku busambanyi, ati: “Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe. Iryo jisho ryawe ry’iburyo rero nimba rigutsitaza, rinogore urite kure yawe.” (Mat. 5:27-29) Ku bakirisu batwarwa n’Uburoma, ayo majambo yari aje hageze. Umuhinga umwe mu vya kahise yanditse ko mu bikino vy’Abaroma, umuntu “yashobora kubona no kwumva ibiterasoni kandi ibiteye isoni kuruta ibindi vyose ni vyo vyakundwa cane.” Ese rero ukuntu vyaranga urukundo n’ugutahura kubona Yezu yaragabishije abigishwa biwe ku bintu vyari gutuma batoroherwa kuguma badahumanye mu nyifato runtu!

13, 14. Ushobora gute gufasha abana bawe kwirinda uburyo bwo kwisamaza bwanduye?

13 Ugutahura kurashobora kugufasha gukingira abana bawe ivyobagirira nabi mu vy’impwemu. Ubu kuruta ikindi gihe cose, abana boshobora kubona bakiri bato cane amasanamu y’ibiterasoni be n’ibindi bintu vy’ubuhumbu. Ego ni ko, abavyeyi bakirisu barabwira abana babo ko ari bibi kwisamaza mu buryo buhumanye. Ariko rero ugutahura kurashobora kugufasha kumenya ko umwana wawe yoshobora kuba ashashaye kubona amasanamu y’ibiterasoni. Niwibaze uti: ‘Ni ibiki vyoshobora gutuma umwana wanje yipfuza kuraba amasanamu y’ibiterasoni? Yoba azi igituma birimwo akaga gakomeye? Noba negereka ku buryo yonsaba ngo ndamufashe mu gihe yoba yohejwe kuraba amasanamu y’ibiterasoni?’ N’igihe nyene abana bawe boba bakiri bato cane, woshobora kubabwira uti: “Nivyashika mukagwa ku muhora werekana ubuhumbu mukumva mwipfuje kuwuraba, ndabasavye muze mubimbwire. Ntibize bibatere isoni. Nipfuza kubafasha.”

14 Ugutahura kuzogufasha kandi guhitamwo ubigiranye ukwiyubara uburyo ubwawe wisamaza. Umwe Pranas twavuga kare, agira ati: “Imiziki, amavidewo canke ibitabu twebwe abavyeyi dukunda ni vyo n’umuryango wacu uca wisunga mu guhitamwo. Urashobora kuvuga vyinshi ku bintu bitandukanye, ariko abana bawe baraba ivyo ukora maze bakakwigana.” Abana bawe nibakubona uhitamwo witonze uburyo bwo kwisamaza butanduye, birashoboka ko na bo bazoca babigenza gutyo nyene.Rom. 2:21-24.

IMANA Y’UKURI IZOBUMVIRIZA

15, 16. (a) Kubera iki wokwemera udakeka ko Imana izogufasha kwigisha abana bawe? (b) Ni igiki tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?

15 Vyagenze gute igihe Manowa yasaba icomufasha kurera umuhungu wiwe? Dusoma duti: “Imana y’ukuri yumviriza rero ijwi rya Manowa.” (Abac. 13:9) Bavyeyi, na mwebwe Yehova azobumviriza. Azokwishura amasengesho yanyu yongere abafashe kwigisha abana banyu. Ivyo muzobishobora nimwabigirana urukundo, ukwicisha bugufi n’ugutahura.

16 Nk’uko nyene Yehova afasha abavyeyi kumenyereza neza abana babo bakiri bato ni na ko azobafasha kwigisha abana babo b’imiyabaga. Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino ukuntu wokwigana urukundo rwa Yezu, ukwicisha bugufi kwiwe n’ugutahura kwiwe igihe wigisha umwana wawe w’umuyabaga gukorera Yehova.

^ ing. 5 Nk’uko Bibiliya ibivuga, gutoza indero birimwo kuyobora, kumenyereza, gukosora no guhana rimwe na rimwe. Ukwiye kubigirana urukundo, ntiwigere ubigirana ishavu.

^ ing. 7 Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi y’ivya Bibiliya (The International Standard Bible Encyclopedia) kigira giti: “Mu mvugo ya misi yose yakoreshwa mu gihe ca Yezu, ijambo ʼabbāʼ ryakoreshwa canecane nk’imvugo yerekana ubucuti bwa hafi abana bafitaniye na ba se be n’icubahiro babafitiye.”