Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Jewe Yehova Imana yanyu ndi mweranda”

“Jewe Yehova Imana yanyu ndi mweranda”

Niwiyegereze Imana

“Jewe Yehova Imana yanyu ndi mweranda”

Abalewi ikigabane ca 19

“MWERANDA, mweranda, mweranda ni Yehova Imana.” (Ivyahishuwe 4:8) Bibiliya irakoresha ayo majambo kugira ngo yerekane ko Yehova ari mweranda, ivyo bikaba bisobanura ko atanduye kandi adahumanye ku rugero rwo hejuru cane rwose. Imana iritandukanije n’icitwa icaha bimwe vyuzuye; ntishobora guhumanywa canke kwanduzwa n’icaha mu buryo na bumwe. None ivyo vyoba bisobanura yuko abantu b’abanyagasembwa ata cizigiro bafise co kugiranira ubucuti n’iyo Mana nyeranda bihebuje? Oya namba! Reka turimbure amajambo atanga icizigiro dusanga mu Balewi ikigabane ca 19.

Yehova yabwiye Musa ati: “Barira ikoraniro ry’Abisirayeli ryose.” Amajambo yakurikiye yari yerekeye umuntu wese yari muri iryo hanga. Ni ibiki Musa yabwirizwa kubabarira? Imana yabandanije iti: “Ubabwire uti: ‘Mukwiye kwerekana ko muri beranda, kuko jewe Yehova Imana yanyu ndi mweranda.’” (NW) (Umurongo wa 2) Umwisirayeli wese yabwirizwa kugaragaza ubweranda. Ijambo ngo “mukwiye” ryerekana yuko Yehova atariko abagira inama ariko ko yariko arabategeka. Imana yoba yariko ibaronderako ibidashoboka?

Urabona, Yehova ntashaka kuvuga ko ubweranda bwiwe bwite ari ikintu dutegerezwa gushikako, ariko ashaka kuvuga ko ari yo mvo ituma aduha iryo tegeko. Mu yandi majambo, Yehova ntiyashatse gutegeka abasavyi biwe b’abanyagasembwa bo muri Isirayeli ngo babe beranda nk’uko ari. Ivyo ntivyari gushoboka. Yehova, “wa Mweranda Rwose,” ararengeye abandi bose mu bweranda. (Imigani 30:3, NW) Mugabo rero, kubera yuko Yehova ari mweranda, yiteze ko abasavyi biwe baba beranda, ni ukuvuga, ku rugero rushoboka ku bantu b’abanyagasembwa. Ni mu buryo ubuhe bari gushobora kwerekana ko ari beranda?

Yehova amaze gutanga iryo tegeko ry’uko umuntu yoba mweranda, abicishije kuri Musa yaravuze muri make ibisabwa vyerekeye umuce uwo ari wo wose w’ubuzima. Vyari vyitezwe ko Umwisirayeli wese yubaha ingingo mfatirwako zigenga inyifato runtu nk’izi zikurikira: kwubaha abavyeyi be n’abageze mu zabukuru (umurongo wa 3, 32); kwitwararika ibipfamatwi, impumyi be n’abandi batishoboye (umurongo wa 9, 10, 14); kwirinda ubugunge no kutagira nkunzi mu vyo agiriranira n’abandi (umurongo wa 11-13, 15, 35, 36); hamwe no gukunda mugenziwe basangiye ugusenga nk’uko yikunda. (Umurongo wa 18) Mu kwisunga izo ngingo mfatirwako be n’izindi zavugwa, Umwisirayeli ‘yokwerekanye vy’ukuri ko ari mweranda ku Mana yiwe.’​—Guharūra 15:40, NW.

Itegeko ryerekeye ubweranda riradufasha gutahura bimwe vyimbitse ivyiyumviro be n’inzira za Yehova Imana. Kimwe coco, turamenya yuko kugira tugiriranire na we ubucuti bwa somambike, dukeneye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tubeho twisunga ingingo mfatirwako zigenga inyifato runtu. (1 Petero 1:15, 16) Igihe twisunze izo ngingo mfatirwako, turashobora kubaho mu buryo bwiza cane bushoboka.​—Yesaya 48:17.

Itegeko ryerekeye ubweranda riragaragaza kandi ukuntu Yehova yizigira abamusenga. Yehova ntiyigera atwitegako ibiruta ivyo dushoboye gukora. (Zaburi 103:13, 14) Arazi yuko twebwe abantu, abaremwe mw’ishusho yiwe, dufise muri twebwe ubushobozi bwo gutsimbataza ubweranda, n’imiburiburi gushika ku rugero runaka. (Itanguriro 1:26) Woba uvyurirwa ingiro yo kwiga vyinshi ku bijanye n’ukuntu worushiriza kwiyegereza ya Mana nyeranda, Yehova?

[Ifoto ku rup. 9]

Turafise muri twebwe ubushobozi bwo gutsimbataza ubweranda