Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Ni igiki vy’ukuri cashikiye ya sandugu y’isezerano?

Ku Bisirayeli, isandugu y’isezerano yerekana ko Imana iri kumwe na bo. (Kuvayo 25:22) Iyo sandugu y’isezerano yari isandugu nyeranda ikozwe mu mbaho zikuyengejeko inzahabu, ikaba ari yo Musa yari yashizemwo vya bisate bibiri vy’amabuye vyari vyanditsweko rya Tegeko. Igihe Abisirayeli baba mu bugaragwa, iyo Sandugu yagumizwa Ahera cane mw’ihema ry’ibonaniro. (Kuvayo 26:33) Iyo Sandugu yahavuye ishirwa Ahera cane mu rusengero Salomo yubatse.​—1 Abami 6:19.

Iyo Sandugu ivugwa ari bwo bwa nyuma muri 2 Ngoma 35:3, igihe mu 642 B.G.C. Umwami Yosiya yayigarukana mu rusengero. Iyo Sandugu yoshobora kuba yari yakuweho n’umwami w’umuhuni yasubiriwe na Yosiya ari we Manase, uwashize igishushanyo mu rusengero. Canke, kumbure ishobora kuba yari yakuweho kugira ngo izigamwe igihe Yosiya yariko asanuza urusengero. (2 Ngoma 33:1, 2, 7; 34:1, 8-11) Ivyashikiye iyo Sandugu inyuma y’aho ntawubizi, kubera yuko itavugwa mu bintu vyakuwe mu rusengero igihe Abanyababiloni bigarurira Yeruzalemu mu 607 B.G.C.​—2 Abami 25:13-17.

Ivyanditswe ntibivuga yuko iyo Sandugu yasubijwe mu kibanza c’Ahera cane mu rusengero Zerubabeli yasubiye kwubaka, mbere biboneka ko itigeze inasubirizwa.​—Ezira 1:7-11.

Ni abantu batandukanye abahe bavugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki bitwa ba Yakobo?

Hari hariho abatari bake bitwa gutyo, kandi biroroshe kubitiranya. a Umwe yari se w’intumwa Yuda (atari Isikariyoti), kandi nta bindi bintu bizwi ku bimwerekeye.​—Luka 6:16; Ibikorwa 1:13.

Uwundi yitwa Yakobo yari mwene Zebedayo. Uwo Yakobo yari mwene wabo na Yohani, bompi bakaba bari intumwa za Yezu. (Matayo 10:2) Bisa n’uko nyina wiwe, ari we Salome, yari mwene wabo na nyina wa Yezu. (Gereranya Matayo 27:55, 56 na Mariko 15:40, 41 be na Yohani 19:25.) Niba vyari ukwo, Yakobo yari mwene wabo na Yezu kuri nyinabo. Yari umurovyi, we hamwe na mwene wabo bakaba bakorana na Petero be na Andereya.​—Mariko 1:16-19; Luka 5:7-10.

Haca hakurikira Yakobo mwene Alufayo, na we nyene akaba yari mu ntumwa za Yezu. (Mariko 3:16-18) Adondorwa ko ari “Yakobo Umutoyi” muri Mariko 15:40. Ashobora kuba yiswe “Umutoyi” kubera yuko yoba yari mugufi canke mutoya kuruta Yakobo mwene Zebedayo.

Uwa nyuma ni umuhungu wa Yozefu na Mariya, akaba yari mwene wabo na Yuda na mwene wabo na Yezu basangiye nyina. (Mariko 6:3; Abagalatiya 1:19) Mu kiringo c’ubusuku bwa Yezu, Yakobo ntiyari umwigishwa wiwe. (Matayo 12:46-50; Yohani 7:5) Ariko rero, imbere ya Pentekoti yo mu 33 G.C., Yakobo yarifatanya na nyina, na bene wabo be n’intumwa mu gusenga bari mu cumba co hejuru i Yeruzalemu. (Ibikorwa 1:13, 14) Yakobo yahavuye aba umwe mu bantu bakomeye bari bagize ishengero ry’i Yeruzalemu kandi yaranditse igitabu co muri Bibiliya citiriwe izina ryiwe.​—Ibikorwa 12:17; Yakobo 1:1.

[Akajambo k’epfo]

a Mu ndimi zo mu ntango, hariho abandi bantu bavugwa muri Bibiliya bari bafise iryo zina nyene. Mu ndimi zimwezimwe, nko mu kirundi, bitwa ba Yakobo. Mu zindi ndimi, bitwa ba Jacob. Imvugo ngo “Aburahamu, Izahaki na Yakobo (Jacob)” iraboneka incuro nyinshi muri Bibiliya, kandi muri Matayo 1:16 haravuga ko Yakobo (Jacob) “[yavyaye] Yozefu umugabo wa Mariya.”