Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nunanire agatima ko kwigereranya n’abandi

Nunanire agatima ko kwigereranya n’abandi

Ikintu ca 2

Nunanire agatima ko kwigereranya n’abandi

BIBILIYA YIGISHA IKI? “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya n’uwundi.”​—Abagalatiya 6:4.

KUBERA IKI BITOROSHE? Dushobora kuba dukunda kwigereranya n’abandi, rimwe na rimwe tukigereranya n’abo turi n’ivyo turushije, akenshi na ho tukigereranya n’abaturusha inguvu, ubutunzi canke ubuhanga. Twaba twigereranya n’aba canke bariya, bitugirako ingaruka mbi. Turihenda tukiyumvira yuko agaciro k’umuntu gahagaze ku vyo afise canke ivyo ashoboye gushikako. Twigereranije n’abandi bishobora kandi gutuma tugira agashari be n’agatima ko guhiganwa.​—Umusiguzi 4:4.

WOKORA IKI? Nugerageze kwibona nk’uko Imana ikubona. Nureke uburyo ibona ibintu bube ari bwo bugufasha kubona agaciro ufise. “Umuntu buntu abona ibiboneka ku maso, mugabo Yehova a we, abona ico umutima uri.” (1 Samweli 16:7) Yehova ntagera agaciro ufise mu kukugereranya n’uwundi muntu, ahubwo abigira mu kuraba umutima wawe, agasuzuma ivyiyumviro vyawe, ukuntu wiyumva be n’imigabo yawe. (Abaheburayo 4:12, 13) Yehova aratahura aho ugeza kandi na wewe akuremesha kubaho wibuka ko uri n’aho ugeza. Urondeye kubona agaciro ufise mu kwigereranya n’abandi, bishobora gutuma ugira ubwibone canke na ho bigatuma utigera ushima uko ivyawe vyifashe. Niwifate ruto rero wemere ko udashobora kuba agaheta muri vyose.​—Imigani 11:2.

Ni igiki neza na neza ukwiye gukora kugira ngo ugire agaciro mu nyonga z’Imana? Imana yahumekeye umuhanuzi Mika ngo yandike ati: “Yaraguhishuriye iciza ico ari co, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane no gukunda ubuntu no kugendana n’Imana yawe wifashe ruto?” (Mika 6:8) Niwakurikiza iyo mpanuro, Imana izoguma ikubabaye. (1 Petero 5:6, 7) None ga yemwe hari ikindi kintu cotuma ushima uko ivyawe vyifashe coza kiruta ico?

[Akajambo k’epfo]

a Ni izina ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 5]

Yehova abona ko dufise agaciro afatiye ku biri mu mutima wacu