Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana yoba vy’ukuri ikubabaye?

Imana yoba vy’ukuri ikubabaye?

Imana yoba vy’ukuri ikubabaye?

WOBA wumva ko ukundwa? Canke vyoba bishika ukumva umengo nta n’umwe akubabaye? Muri ino si aho usanga ibintu vyose vyiruka, abantu na bo bakikunda, vyoshobora kworoha cane ko wiyumvira ko ata kintu kinini umaze ku buryo abandi bokwitaho, ko ata gaciro kanini ufise ku buryo abandi bokubabara. Nk’uko Bibiliya yari yaradondoye ibi bihe tubayemwo, abantu benshi ubu baracokera mu vyabo cane ku buryo usanga batitaho abandi.​—2 Timoteyo 3:1, 2.

Abantu bose, tutaravye imyaka bafise, imico kama yabo, ururimi bavuga, canke ibara ryabo ry’urukoba, barakeneye cane gukunda no gukundwa. Nk’uko amaraporo amwamwe avyerekana, ubwonko be n’udutsi nsozabwenge vyacu bikozwe mu buryo butuma dushobora kwumva urukundo n’ikibabarwe abandi batugirira. Yehova Imana we Muremyi wacu aratahura kuruta uwundi uwo ari we wese ukuntu dukeneye gukundwa no gushimwa. Mbega wokwumva umerewe gute nka hamwe yokumenyesha vy’ukuri ko uri n’agaciro kuri we? Nta gukeka ko ata kindi kintu kikwereka ko ufise agaciro coza kiguhimbara kuruta ico. Hoba none vy’ukuri hari icotwemeza ko Yehova yitaho abantu badatunganye? Yoba atubabaye umwe wese ku giti ciwe? Nimba atubabaye, ni igiki coba gituma umuntu amuhimbara?

Yehova aratubabaye koko

Umwanditsi umwe w’amazaburi atinya Imana yaragize akoba igihe yitegereza ukuntu ijuru ryuzuye inyenyeri mw’ijoro ari agatangaza, ubu hakaba haheze nk’imyaka 3.000. Yari azi neza ata mazinda yuko Uwaremye izo nyenyeri indiri n’indiri afise ubukuru bw’agahebuza. Uwo mwanditsi w’amazaburi azirikanye ukuntu Yehova ari agahambaye agaca arimbura ukuntu umuntu ari ubusa, yaratangajwe n’ukuntu Yehova atwitaho abigiranye urukundo maze avuga ati: “Iyo mbonye amajuru yawe, ibikorwa vy’intoke zawe, ukwezi n’inyenyeri wateguye, umuntu buntu ni iki ku buryo umwibuka, n’umwana w’umuntu yakuwe mw’ivu ku buryo umwitaho?” (Zaburi 8:3, 4) Biroroshe cane ko umuntu yibwira yuko Musumbavyose ari kure cane canke ko yifitiye vyinshi bimuraje ishinga ku buryo atokwitaho abantu badatunganye. Ariko uwo mwanditsi w’amazaburi yari azi neza ko umuntu ari n’agaciro imbere y’Imana naho ari ubusa akaba kandi amara igihe gito umugereranije na yo.

Uwundi mwanditsi w’amazaburi yavuze aya majambo akura amazinda agira ati: “Yehova ahimbarwa na barya bamutinya, barya barindiriye ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe.” (Zaburi 147:11) Iciyumviro kiri muri ayo mazaburi yompi kirakora ku mutima. Yehova, naho ari hejuru cane, ntazi gusa ko abantu babaho, ahubwo riho ‘arabitaho’ akongera ‘agahimbarwa na bo.’

Ico kintu c’ukuri kirongera kigashimikwako n’amajambo menyeshakazoza yo muri Bibiliya adondora ibintu biba muri iki gihe cacu. Biciye ku wavugishwa n’Imana Hagayi, Yehova yarerekanye ko igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana coranguwe kw’isi yose. Vyovuyemwo iki? Raba kimwe mu vyovuyemwo. Ayo majambo menyeshakazoza yavuze ati: “Ibintu bihimbaye vyo mu mahanga yose bizoza ata kabuza; nzokwuzuza iyi nzu ubuninahazwa.”​—Hagayi 2:7.

None ivyo “bintu bihimbaye” vyegeranywa bikuwe mu mahanga yose ni ibiki? Ntibishobora kuba ari amatungo. (Hagayi 2:8) Ikinezereza vy’ukuri umutima wa Yehova si ifeza canke inzahabu. Ikimuhimbara ni abantu bamusenga babitumwe n’urukundo, naho badatunganye. (Imigani 27:11) Abo ni vyo “bintu bihimbaye” bituma aninahazwa, kandi araha agaciro ukuntu bamwihebera bivuye ku mutima bakongera bakamukorera n’umwete. Woba uri umwe muri bo?

Iciyumviro c’uko abantu badatunganye boshobora kuba abahimbaye mu nyonga z’Umuremyi Ahambaye w’ibiriho vyose, womengo kiragoye kwemera. Ariko mu vy’ukuri, ico kintu c’ukuri gikwiye gutuma twitabira akamo kuzuye igishika duterwa ko kumwiyegereza.​—Yesaya 55:6; Yakobo 4:8.

“Uri umuntu ahimbaye cane”

Igihe uwuvugishwa n’Imana Daniyeli yari yitereye mu myaka, umusi umwe ku kagoroba yarabonanye n’umuntu adasanzwe. Daniyeli ariko arasenga, yagiye abona umushitsi w’iteka amutuyeko amaguru. Uwo mushitsi yitwa Gaburiyeli. Daniyeli yari amaze guhura na we maze aramenya ko ari umumarayika wa Yehova. Gaburiyeli yarasiguye igituma yari amugendeye atari avyiteze, ati: “Ewe Daniyeli, ubu nzanywe no kuguha ugutahura kwimbitse hamwe n’ugutegera . . . kuko uri umuntu ahimbaye cane.”​—Daniyeli 9:21-23.

Igihe kimwe, umwe mu bamarayika ba Yehova yabwiye Daniyeli ati: “Ewe Daniyeli, muntu uhimbaye cane.” Maze kugira akomeze Daniyeli, yamubwiye ati: “Ntutinye, ewe muntu ahimbaye cane! Gira amahoro.” (Daniyeli 10:11, 19) Incuro zitatu rero, Daniyeli avugwa ko ari umuntu “ahimbaye cane.” Iyo mvugo ishobora kandi gusobanura umuntu “akundwa cane,” “w’agaciro kanini,” canke mbere “akundwa kuruta abandi.”

Nta gukeka ko Daniyeli yari asanzwe yumva ko yiyegereje Imana yiwe, kandi nta nkeka ko yatahura yuko Yehova ashima igikorwa yamurangurira n’umutima wiwe wose. Naho ari ukwo, abwirizwa kuba yarahumurijwe cane n’ayo majambo Imana yavuze biciye ku bamarayika bayo b’intwarabutumwa yerekana urukundo rukomeye Imana yamukunda. Ntibitangaje kubona Daniyeli yaciye avuga ati: “U[ra]nkomeje.”​—Daniyeli 10:19.

Iyo nkuru yeza umutima kandi yerekana urukundo rurimwo ikibabarwe Yehova yari afitiye uwo muntu yavugisha w’umwizigirwa, yanditswe mw’Ijambo ry’Imana ku neza yacu. (Abaroma 15:4) Kuzirikana ku karorero ka Daniyeli biradufasha gutahura ikintu gituma umuntu aba uwuhimbaye mu nyonga za Dawe wa twese wo mw’ijuru yuzuye urukundo.

Niwige Ijambo ry’Imana udahorereza

Daniyeli yari umuntu yiga Ivyanditswe abigiranye umwete. Tubibwirwa n’uko ubwiwe yanditse ati: “Biciye ku bitabu, naratahuye igitigiri c’imyaka y’ugushitsa agatikizo ka Yeruzalemu.” (Daniyeli 9:2) Mu bitabu yari afise ico gihe, hashobora kuba harimwo ibitabu vyahumetswe vyanditswe na Musa, Dawidi, Salomo, Yesaya, Yeremiya, Ezekiyeli n’abandi bavugishwa n’Imana. Turashobora kwiha ishusho Daniyeli akikujwe n’imizingo myinshi, yayicokeyemwo ariko arasoma yongera agereranya amajambo menyeshakazoza yari afitaniye isano n’ugusubizwa umutamana kw’ugusenga kw’ukuri i Yeruzalemu. Yibereye ahantu ata wumukoma, kumbure mu cumba ciwe co hejuru, nta gukeka ko yazirikana rwose ku nsobanuro y’ayo majambo. Ukwo kwiga abigiranye intumbero kwarakomeje ukwizera kwiwe kwongera kuratuma yiyegereza Yehova.

Vyongeye, kwiga Ijambo ry’Imana vyararyohoye kamere ya Daniyeli, biragira n’ico bikoze ku buzima bwiwe bwose. Inyigisho ishingiye ku Vyanditswe yari yararonse akiri umwana ibwirizwa kuba yaratumye yiyemeza akiri muto gukurikiza amabwirizwa yo mw’Itegeko ry’Imana yari agikora ico gihe ajanye n’ibiribwa. (Daniyeli 1:8) Mu nyuma, yarashikirije abategetsi ba Babiloni ubutumwa bw’Imana ata bwoba. (Imigani 29:25; Daniyeli 4:19-25; 5:22-28) Vyari bizwi neza ko ari umunyamwete, intungane akaba n’umwizigirwa. (Daniyeli 6:4) N’ikiruta vyose, aho kuba mpemuke ndamuke, Daniyeli yarizigiye Yehova n’umutima wiwe wose. (Imigani 3:5, 6; Daniyeli 6:23) Emwe, ntibitangaje kuba yari umuntu “ahimbaye cane” mu nyonga z’Imana!

Mu buryo bumwebumwe, twebwe turorohewe kuruta Daniyeli mu bijanye no kwiga Bibiliya. Imizingo mininiminini yasubiriwe n’ibitabu vyoroshe gukoresha. Ubu turafise Bibiliya yuzuye, irimwo n’inkuru zanditswe zerekana ingene amwamwe mu majambo menyeshakazoza ya Daniyeli yarangutse. Vyongeye, turafise ibikoresho vyinshi bidufasha kwiga Bibiliya no kugira ubushakashatsi. * Woba ukoresha neza ivyo bikoresho? Woba utegekanya umwanya wo kwama usoma Bibiliya wongera uyizirikanako? Ubigize, bizoheza bikugendere nk’uko vyagendeye Daniyeli. Bizokomeza ukwizera kwawe hamwe n’imigenderanire ufitaniye na Yehova. Ijambo ry’Imana rizokubera ubuyobozi bwo kwizigirwa mu buzima bwawe, rigukure amazinda yuko ikwitaho ibigiranye urukundo.

Nushishikare gusenga

Daniyeli yari umuntu akunda gusenga. Yarasaba Imana ibintu ibona ko bibereye. Igihe kimwe mu busore bwiwe, urupfu rwari rumurindiriye aramutse adashoboye gusobanura indoto ya Nebukadinezari umwami wa Babiloni. Ata kwijijanya imitima, Daniyeli yaciye atakambira Yehova ngo amufashe yongere amukingire. (Daniyeli 2:17, 18) Haciye imyaka, kubera ko uwo muntu yavugishwa n’Imana w’umwizigirwa yatahura yicishije bugufi ko ari umuntu adatunganye, yaraturiye Yehova ibicumuro vyiwe n’ivy’abo mu gisata ciwe araheza asaba imbabazi. (Daniyeli 9:3-6, 20) Igihe Daniyeli vyaba bimugoye gutahura ibintu ahishuriwe, yarasaba Imana imfashanyo. Umusi umwe umumarayika yahavuye agendera Daniyeli kugira amwongerereze ugutahura, maze amukura amazinda ati: “Amajambo yawe yarumviswe.”​—Daniyeli 10:1-14.

Ariko uwo mwizigirwa Daniyeli ntiyasenga Imana afise ivyo ayisaba gusa. Muri Daniyeli 6:10 havuga hati: “Gatatugatatu ku musi . . . [y]aza arasenga yongera ashikana ishemezo imbere y’Imana yiwe, nk’uko yari yahoze abigira imbere y’aho.” Daniyeli yari afise imvo nyinshi zo gushimira Yehova no kumushemeza, kandi yama yabigize. Vy’ukuri, mu vyo yakora kugira atere iteka Imana, isengesho ryari rifise ikibanza gihambaye cane ku buryo atashobora kuriheba naho yaba ahakwa kuhasiga ubuzima. Nta gukeka ko ukwo kwumira kw’ibanga kwatuma Yehova amukunda cane.

Ese ukuntu agateka ko gutura isengesho ari ingabirano nziza igitangaza! Ntiwigere ureka ngo umusi urangire utayaze na So wawe wo mw’ijuru. Niwibuke kumushimira no kumushemeza ku vyiza vyose akugirira. Numubwire ibikuraje ishinga. Nuzirikane ku kuntu yishuye ivyo wamusavye canke wamutuye utakamba, uheze umukengurukire. Numare umwanya uhagije uriko urasenga. Igihe twugururiye Yehova umutima wacu mw’isengesho, turiyumvamwo urwo adukunda ku giti cacu. Ese ukuntu ivyo bituvyurira umutima wo ‘gushishikara gusenga’!​—Abaroma 12:12.

Nuninahaze izina rya Yehova

Nta bugenzi bwoshinga imizi mu gihe umwe mu babufitaniye aba yiyumvira ivyiwe gusa. Ni na ko bimeze mu migenderanire dufitaniye na Yehova. Ivyo Daniyeli yari abizi. Raba nawe ukuntu yari arajwe ishinga cane n’ibijanye no kuninahaza izina rya Yehova.

Igihe Imana yishura isengesho rya Daniyeli mu kumuhishurira indoto ya Nebukadinezari be n’insobanuro yayo, Daniyeli yavuze ati: “Izina ry’Imana riragahezagirwa kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero, kuko ubukerebutsi n’ubushobozi ari ivyayo.” Mu nyuma igihe Daniyeli yamenyesha Nebukadinezari iyo ndoto yiwe be n’insobanuro yayo, yagumye yerekana ko abikesha Yehova, arerekana ashimitse yuko Imana ari yo yonyene “ihishura amabanga.” N’igihe Daniyeli yariko atakamba asaba imbabazi n’ukurokorwa, yasenze ati: “Mana yanje, . . . izina ryawe [ni] ryo igisagara cawe n’abantu bawe vyitiriwe.”​—Daniyeli 2:20, 28; 9:19.

Turafise uturyo twinshi two kwigana Daniyeli muri ivyo. Igihe dusenga, turashobora guserura ukuntu turajwe ishinga n’uko ‘izina ry’Imana ryokwezwa.’ (Matayo 6:9, 10) Ntitwipfuza ko inyifato yacu yokwigera isiga iceyi izina ryeranda rya Yehova. Ahubwo riho, ese twokwama tuninahaza Yehova mu kubwira abandi ivyo twiga bijanye n’inkuru nziza y’Ubwami bwiwe.

Ni ivy’ukuri yuko urukundo n’ukwitaho abandi bikenye mw’isi idukikuje. Naho ari ukwo, turashobora guhumurizwa cane no kumenya ko Yehova ababaye vy’ukuri umwe wese mu bamusenga. Umwanditsi w’amazaburi ni we yavuze ati: “Yehova ahimbarwa n’abantu biwe. Aha ubwiza abatekereza mu kubambika ubukiriro.”​—Zaburi 149:4.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 18 Ivyabona vya Yehova barasohora ibikoresho bitari bike bifasha kwiga Bibiliya no kugira ubushakashatsi, bishobora gutuma ugusoma Bibiliya n’ukuyiga birushiriza kuba kirumara. Nimba wipfuza kubironka, ntiwitinye kubaza Icabona ca Yehova uwo ari we wese.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 21]

Imana yarerekanye urwo ikunda Daniyeli mu kurungika umumarayika Gaburiyeli ngo amukomeze

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 23]

Umwete Daniyeli yagira mu kwiga no mu gusenga waramufashije kuryohora kamere yiwe wongera utuma akundwa cane n’Imana