Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yezu—Ni kubera iki yapfuye?

Yezu—Ni kubera iki yapfuye?

Yezu​​—Ni kubera iki yapfuye?

“Umwana w’umuntu yaje . . . kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.”​—MARIKO 10:45.

YEZU yari azi ivyari bimurindiriye. Yaratahura ko atokwibereyeho mu mahoro. Ahubwo, yari azi ko urupfu rwomukubiranije bimwe bibabaje igihe yobaye ageze mu myaka 30, kandi yari yiteguriye neza guhangana n’urupfu rwiwe.

Bibiliya iraha agaciro kanini urupfu rwa Yezu. Igitabu kimwe cerekana ko urupfu rwa Yezu ruvugwa mu buryo budomako nk’incuro 175 mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ivyo bita Isezerano rishasha. Kubera iki none Yezu yategerezwa gushikirwa n’imibabaro maze agapfa? Turakeneye kubimenya kuko urupfu rwa Yezu rushobora kugira ikintu kinini rukoze ku buzima bwacu.

Ivyo Yezu yari yiteze Mu mwaka wa nyuma w’ubuzima bwiwe, Yezu yarabwiye abigishwa biwe incuro nyinshi ibijanye n’umubabaro be n’urupfu vyari bimurindiriye. Igihe bari mu nzira baja i Yeruzalemu kuri Pasika ya nyuma Yezu yahimbaje, yabwiye intumwa ziwe 12 ati: “Umwana w’umuntu azogaburwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi, kandi bazomucira urwo gupfa, bamugabure mu maboko y’abanyamahanga, bamushinyagurize, bamucireko, bamushishagure hanyuma bamwice.” * (Mariko 10:33, 34) Kubera iki yari azi neza ivyomushikiye?

Yezu yari azi ubuhanuzi bwinshi bwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo bwari bwaravuze ukuntu ubuzima bwiwe bworangiye. (Luka 18:31-33) Rimbura bumwebumwe muri ubwo buhanuzi hamwe n’ivyanditswe vyo muri Bibiliya bisigura ingene bwarangutse.

Mesiya . . .

▪ Yoguzwe ibiceri 30 vy’ifeza.​—ZEKARIYA 11:12; MATAYO 26:14-16.

▪ Yokubiswe akongera agacirwako amate.​—YESAYA 50:6; MATAYO 26:67; 27:26, 30.

▪ Yomanitswe.​—ZABURI 22:16; MARIKO 15:24, 25.

▪ Yotutswe amanitse ku giti.​—ZABURI 22:7, 8; MATAYO 27:39-43.

▪ Yokwishwe ata gufa ryiwe na rimwe rivunywe.​—ZABURI 34:20; YOHANI 19:33, 36.

Yezu yarashikije ubwo buhanuzi hamwe n’ubundi bwinshi. Nta kuntu ubwiwe yari gutuma ivyo bishika. Kuba ubwo buhanuzi bwose bwararangukiye kuri Yezu birerekana ko yari yarungitswe n’Imana vy’ukuri. *

Kubera iki none vyari bikenewe ko Yezu ababara maze agapfa?

Yezu yapfuye kugira ngo atange inyishu ku bibazo bihambaye Yezu yari azi ibibazo vyari vyaravyuwe mu murima wa Edeni biraba ibiremwa vyose bifise ubwenge vyo kw’isi no mw’ijuru. Adamu na Eva barohejwe n’ikiremwa c’impwemu c’ikigarariji maze bahitamwo kugambararira Imana. Ukwo kugarariza kw’uwo mugabo n’umugore kwatumye havyuka ikibazo co kumenya nimba Imana yoba igaba ikaganza mu buryo bubereye. Igicumuro bakoze catumye kandi havyuka ikibazo co kumenya nimba hari abantu boshobora kuba abizigirwa ku Mana mu gihe boba bari mu kigeragezo.​—Itanguriro 3:1-6; Yobu 2:1-5.

Yezu yaratanze inyishu ikura amazinda kuruta izindi zose kuri ivyo bibazo vyompi, ni ukuvuga ic’ukugaba n’ukuganza kwa Yehova be n’ic’ukudahemuka kw’abantu. Mu kugamburuka bimwe bitagira agahaze “gushika no ku rupfu . . . ku giti co kubabarizwako,” Yezu yarashigikiye ukugaba n’ukuganza kw’Imana. (Abafilipi 2:8) Yezu kandi yarerekanye ko umuntu atagira akanenge yoshobora kuguma ari intahemuka kuri Yehova ata gahaze naho yoshikirwa n’ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi.

Yezu yapfuye kugira acungure abantu Umuhanuzi Yesaya yari yaravuze ko ukubabazwa kwa Mesiya yasezeranywe be n’urupfu rwiwe vyobaye impongano y’ibicumuro vy’abantu. (Yesaya 53:5, 10) Yezu yarabitahura neza, kandi yaratanze abikunze “ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka rwaratumye abantu badatunganye bashobora kugiriranira imigenderanire myiza na Yehova no gukurwako igicumuro n’urupfu. Urupfu rwa Yezu rwaraturonkeje akaryo ko gusubira kuronka ivyo Adamu na Eva batakaje, ni ukuvuga icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi dufise ubuzima butagira akanenge. *​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Ico wokora Muri uru rukurikirane rw’ibiganiro, twarimbuye ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Yezu, ni ukuvuga iyo yakomotse, ivyo yabaho akora n’igituma yapfuye. Kumenya ukwo kuri ku vyerekeye Yezu birashobora kugira ikindi kintu bitumariye turetse gusa kudukuramwo ivyiyumviro bitari vyo ku bimwerekeye. Kubaho duhuza n’ukwo kuri birashobora kutuzanira imihezagiro, ni ukuvuga ubuzima burushirije kuba bwiza ubu, n’ubuzima budahera muri kazoza. Bibiliya iratubwira ico dutegerezwa gukora kugira ngo twironkere iyo mihezagiro.

▪ Niwige n’ibindi vyinshi ku vyerekeye Yezu Kristu n’uruhara afise mu mugambi wa Yehova.​—YOHANI 17:3.

▪ Niwizere Yezu, werekane mu buryo ubaho ko wemera yuko ari we Mukiza wawe.​—YOHANI 3:36; IVYAKOZWE 5:31.

Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha kumenya n’ibindi vyinshi ku vyerekeye Yezu Kristu, we ‘Mwana w’ikinege’ w’Imana, biciye kuri we tukaba dushobora kuronka ingabirano y’“ubuzima budahera.”​—Yohani 3:16.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 5 Yezu yarakunda kuvuga ko ari “Umwana w’umuntu.” (Matayo 8:20) Iyo mvugo ntiyerekana gusa ko yari umuntu koko, ariko kandi irerekana ko yari wa “mwana w’umuntu” ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze.​—Daniyeli 7:13, 14.

^ ing. 13 Ushaka ayandi makuru ku vyerekeye ubuhanuzi bwarangukiye kuri Yezu, raba amayagwa y’inyongera ku gatwe kavuga ngo “Yezu Kirisitu ni we Mesiya yasezeranywe,” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 17 Ushaka ayandi makuru ku vyerekeye urupfu rwa Yezu, raba ikigabane ca 5 kivuga ngo “Incungu ni ingabirano Imana yatanze iruta izindi zose,” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?